Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
UBudagi bwemereye umukuru w’igihugu gufasha mu migambi y’iterambere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > UBudagi bwemereye umukuru w’igihugu gufasha mu migambi y’iterambere

UBudagi bwemereye umukuru w’igihugu gufasha mu migambi y’iterambere

lundi 17 Kigarama 2012

Mu gatondo ko kuri uno wa 14 kigarama umukuru w’igihugu yaraganutse avuye mu gihugu c’U Budagi. Aho yashika ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’I Bujumbura yaramenyesheje abamenyeshamakuru ko ibibazo bine arivyo vyari vyamushikanye muri ico gihugu mbere bikaba vyarishuwe.Ni muri iyo ntumbero nyene ingabire ingana n’imiriyoni 21 z’amafaranga y’abanyaburaya azohabwa U Burundi imbere yuko umwaka urangira.

Mu gihe yariko yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru, umukuru w’igihugu yaramenyesheje ko yari avuye mu rugendo rw’akazi rwamushikanye mu gihugu c’U Budagi aho yari agiye kwishura ubutumire bwa mugenziwe w’U Budagi. Umukuru w’igihugu yaramenyesheje kandi ko kabaye n’akaryo ko gushimira Reta y’u Budagi ku kungene yashigikiye u Burundi mu kugira inama mpuzamakungu yo kwegeranya uburyo buzofasha muri wa mugambi wo kurwanya ubukene igice ca kabiri (CSLP II) igende neza.

Umukuru w’igihugu akaba yaramenyesheje ko abategetsi b’u Budagi baronse n’akaryo ko gukeza u Burundi ku basirikare bamaze kurungika mu bihugu vya Afirika mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro yaramenyesheje kandi ko igihugu c’u Burundi gisigaye arico akarorero mu bihugu vyatsimbataje amahoro muri Afirika.

Umukuru w’igihugu rero muri urwo rugendo yaboneyeho akaryo ko gusaba igihugu c’u Budagi ko cofasha u Burundi na cane cane mu bisata bine harimwo urwego rw’igisoda n’igipolisi mu kubaronsa ibikoresho, ikindi gisata ni ico kwongereza ibahasha u Budagi busanzwe butegekanya mu mugambi wo gukwiragiza amazi meza, mu gihe mbere igisagara ca Bujumbura kiriko kiraguka. Petero Nkurunziza yamenyesheje ko uwundi mugambi yashikirije ari uwo inyubako z’ingomero z’umuyagankuba eka mbere n’umuyagankuba uvuye ku mishwarara y’izuba. Ica kane bavuganye cerekeye inyubako y’ikigo kizotanga umwuka wa Oxygène kikaba kiri mu migambi ngenderwako ya reta y’u Burundi.

kw’ifoto: umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.