IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuhinga bwa none mu kumenyesha amakuru ni ngirakamaro

Ubuhinga bwa none mu kumenyesha amakuru ni ngirakamaro

samedi 26 Nzero 2013

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Nzero 2013, ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru,bwaratunganije uruganda rwo kwihweza intambamyi ziri mw’iyinjira ryo mu buhinga bwa none bukoreshwa mu kumenyesha amakuru.Urwo ruganda rwabereye mu ntara ya Muramvya.

Muri ivyo birori vyo kwugurura urwo ruganda vyari vyatewe iteka n’umuyobozi mw’ishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Anicet Niyongabo,mw’ijambo ryiwe yamenyesheje ko kuva mu buhinga bwa kera ukaja mu buhinga bwa none mu kumenyesha amakuru ari ikintu gihambaye mu kwerekana ubushobozi bw’igihugu,bituma kandi bishigikira iterambere muvyo ubutunzi biciye mu gukoresha ubuhinga bwa none mu gisata co guhanahana amakuru.

JPEG - 166.6 ko

Anicet Niyongabo yamenyesheje kandi ko ubwo buhinga bwa none mu gisata co kumenyesha amakuru ari ngirakamaro haba ku nzego z’igihugu,ku bakora mu gisata co gutumatumanako amakuru,abamenyeshamakuru,abacungera ibimenyeshamakuru,abikorera ivyabo eka abantu bose bari kw’isi.

Kubwo umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru umupfasoni Concilie Nibigira,yaragarutse ku biri mu masezerano y’I Geneve GE-06,muri ayo ibihugu vyo mu karere bikaba vyiyemeje ko gushika kw’igenekerezo rya 17 Ruheshi 2015 bazoba bavuye m’ubuhinga bwa kera analogique bakaja m’ubuhinga bwa none numerique.

Twobamenyesha ko abari batumiwe muri urwo ruganda bakurikiranye inyigisho zatanzwe ku bijanye n’ishirwaho ry’ubuhinga bwa none mw’itumatumanako amakuru biciye mu nsamirizi ,ubuhinga bw’ishirahamwe ELTI mw’ishirwaho ry’imihora y’ubuhinga bwa none mu bihugu bimwe bimwe hamwe n’uruhara rw’umwe umwe wese.


Cynthia Ntakirutimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.