Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuhinga bwa none mu gutumatumanako amakuru mu kurwanya ubukene - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Ubuhinga bwa none mu gutumatumanako amakuru mu kurwanya ubukene

Ubuhinga bwa none mu gutumatumanako amakuru mu kurwanya ubukene

mardi 24 Nyakanga 2013

Ikigo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe iterambere PNUD (Programme des Nations Unies pour le Dévéloppement) gifadikanije n’ubushikiranganji bw’inyigisho z’amashure yisumbuye categuye inama ku vyerekeye ukubaho neza mu mibano ku civugo ‘’Ubuhinga bwo kumenyesha no gutumatumanako amakuru (TIC), imoteri mw’iterambere no mu kurwanya ubukene gushika mu mwaka w’2030."

Inama yabereye mu nyubakwa za kaminuza y’ibiyaga binini, ikaba yahuje imboneza zose mu buhinga bwa none, abashakashatsi hamwe n’abenegihugu kugira baganire ku ruhara rw’ubuhinga bwa none, kugira kazoza kabe keza kuri bose.

Muri iyo nama hashikirijwe ibitari bike. Imboneza z’ubuhinga mu Burundi zerekanye aho ibintu bigeze mu Burundi hamwe n’uruhara rw’ubuhinga bwa none mw’iterambere ry’igihugu, hamwe no mu kurwanya ubukene.

Kubwa Xavier Michon, umuyobozi wa PNUD, mw’ ijambo ryiwe yamenyesheje ko ubuhinga bwa none bwo kumenyesha amakuru bufasha mu kurwanya ubukene biciye mu gutanga ubuzi. Xavier Michon yasiguye kandi ko ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru TIC bushobora kugira uruhara runini mu gukinga hamwe no gutorera inyishu amatati.

Donnary Fleury Nahimana, umukuru w’ishirahamwe ry’abize ubuhinga bwa none (les informaticiens) bo mu Burundi yamenyesheje ko ubuhinga bwa none bufata ibice binini vy’ubuzima bwa buri muntu, ku giti ciwe, eka ndetse no mu kazi.

Twobibutsa ko iyo nama y’uno munsi igira kane, kandi akaba ari imwe mu ziitegurwa buri mwaka n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere PNUD kw’isi yose.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.