IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Afrika buranegura amatangazo adahumuriza ashikirizwa

Ubumwe bwa Afrika buranegura amatangazo adahumuriza ashikirizwa

jeudi 5 Munyonyo 2015, par egide

Nkosazana Dlamini-Zuma, umukuru w’umurwi w’ubumwe bwa Afrika amenyesha ko ubumwe bwa Afrika bubandanya guterwa impungenge n’ibibera mu Burundi. Ubumwe bwa Afrika buranegura amatangazo ashikirizwa, akamera nk’ayaje kwunyura ivyari bisanzwe bimeze nabi.

Kw’izina ry’ubumwe bwa Afrika, Nkosazana Dlamini-Zuma ariyamiriza ubwicanyi bukorwa mu Burundi, hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu, akibutsa ko mu nama yabo igira iya 551 yabaye kuwa 17 Gitugutu 2015 bafashe ingingo y’ukuzofatira ibihano abazokwagirizwa ko bafise uruhara mu biriko biraba mu Burundi, canke bakagirizwa ko amajambo bagiye barashikiriza yatumye intureka zibandanya kwiyongera.

JPEG - 249.6 ko
Nkosazana Dlamini-Zuma

Nkosazana Dlamini-Zuma asubira kwibutsa ko inzira y’ibiganiro bihuza bose ariyo yonyene izotuma Uburundi buva mu ndyane za poritike burimwo kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015.
Nkosazana Dlamini-Zuma amenyesha kandi ko kw’izina ry’ubumwe bwa Afrika ashigikiye ubuhuza bwahawe Yoweri Museveni umukuru w’igihugu ca Uganda, agasaba ko Reta y’Uburundi n’abandi bose begwa n’ikibazo ca poritike mu Burundi, bokorana neza nawe.

Ubumwe bwa Afrika buranegura amatangazo abandanya gushikirizwa, akamera nk’ayaje kwunyura ivyari bisanzwe bimeze nabi.


IGIHE

Messages

  • iconohanura,umuntu uwariwewese,nahoyoba akozwenabeto,hageze,arapfa!!!!!abarikobarica barakwiyeguhagarikabakumva impanurokuko,ntanyungu,numutahebizovamumaraso!!!!uwuronderagutwara,abanjekwica,yocatwariki????????

  • Reta Ya Pita Ivuga Ko Abahuza Babifitiye!!! Nukuvuga Baribagira Ko Atawimenigihute!!! Uyomugore Arahengamye Kubona Atangingo Arafata Kandi Pita Yamazabantu!!

  • Abipfuza gutwara babanje kumara abantu bazoca batwara amatongo wewe nkuru imana igiye kugukurako amaboko yakwihanganiye kuvakera.

  • Ikibazo Ninkurnziza Gusa Ingero Ugererako Abandiniyuzakugegwako

  • @mahoro. Abica inzirakarengane batera grenade ni ba Sindumuja (les sans echecs).Twese tubamagane abo bicanyi

  • None wewe mahoro ntuzopfa ??? Imana yica abicanyi Buyoya na bagaza ntiboba bakiliho ?? Nyuma ya Nkurunziza ntamahoro azongera ukuboneka iburundi , uburundi buzahita busubira mubukoroni abarundi bashakaga gukora cout etat NTIBAKOMEYE MUMUTWE HEWE NA NYANGOMA

  • Ngo iyibize nabi bayimifu jewe iconokebura abarundi benewacu baba murayo makaritiye nibayavemwo bikinge gato ntamatongo bazotwara nkunguvu igihe cabo nabo kizohera bahave ariko abantu ntibabandanye bapfa nabotumaze kubura sibake murakoze

  • Ndatangaye Nane !Abasoda N’abaporisi Aho Bazokwubahuka Bice Abanyagihugu Kugirango Baronke Ama Palcela Mana Fashuburundi N’abarundi

  • Benewacu, nimuze twubake uburundi kuko mbona na Libye na Burukinafaso atanyungu bakuye mugufasha abazungu gusambura igihugu cabo. Ababizi nabanya Libye bishwe n’ubukene kuko bahimvye ntacoyimena. Mbega abobahima batubesha ngo tumarane niki baduhaye mumyaka 40 batwaye?

  • Ntahomvukiye,

    Abo bahima nimwe mubakamira mu coze. Iyo Nkurunziza yigenga ubuntu akareka kumata ngo niko Imana yamutumye, ntibaba baronse aho bamenera. None wa Deniza Nkurunziza yahora akinda agaramye ngo asenga Imana, ageze hehe?
    Abahima urazi ko bamenyereye kudandaza ibiziga, bamenyereye kuniga bene wabo bagaca bikomesha induru ngo barabamaze, ni kuki Abahutu mutazi gusoma les signes des temps? Ni kuki ivyabaye mu Rwanda bitababera isomo?

    Abahima nta kinya bazomara bene wabo bavyegeke ku bahutu bari ku ntwaro kuko iyo uri ku ntwaro c’est supposé ko ufise uburyo bwo kubungabunga umutekano. Abahima bashoboye kugira ibiriko biraba aho bica abantu urw’agashinyaguro bakabazana mu ma barabara ni ikimenyetso ko Abahutu mwananiwe. Babicana abo bantu muri hehe? Mwarishinze kwiruka inyuma y’ibihumbi, kwiba, kwubaka amagorofa , gutera amavoka, gukina umupira, kuja mu bikorane ngo muriko murasenga, mwagira ngo abahima barasinziriye?

    Gende aba DD muri igito murivye Abarundi révolution na démocratie Kubera ububegito bwanyu. Si ivy’imbeshere abahima baragishikira kandi muzoce murondera ikinogo mwizikamwo. Mugiye kubaho comme des sous hommes nko mu Rwanda aho mutazosubira kuvyura umutwe gushika isi ihere. Ndavuga simvura

  • MWE BAHUNGU NIMUKORE NATWE ABASIGAYE INYUMA TURIKO TURAZA TUMUKURE KUBUHINGA NUBWENGE Tutamutoa tu hatuna woga

  • Mbeguwomugabo Nkuruziza kumutima wiwe umeze nku wa Kayini, kwica kuriwe nibisazwe uyo azoruhuka aruko ahoneje inganda, ayo makomine nayo batangaje kobagiye guhonya bari muriyo, bifuza kuhashira abanyengozi,hamwe naba nyagatwe bomuntara yamakamba, barabesha Imana niyo nkuru.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.