IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa buraya : Abariko bakora ubwicanyi bazotegerezwa kubibazwa

Ubumwe bwa buraya : Abariko bakora ubwicanyi bazotegerezwa kubibazwa

samedi 10 Gitugutu 2015, par egide

Ubuserukizi bw’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubumwe buraya mu Burundi buranegura ubwicanyi bubandanya kwibonekeza mu Burundi, hamwe n’itituka ry’umutekano ribandanya. Ubwo buserukizi bugasaba ko ibiganiro bihuza abegwa bose n’ibibazo vya poritike ko vyotanguzwa vyihutirwa.

Mw’itangazo ubuserukizi bw’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubumwe buraya mu Burundi bwasohoye kuri uwu wa gatanu, barateye ivyatsi ubwicanyi bubandanya gukorwa, bagatanga akarorero k’ibiheruka kubera ku Mutakura no mu Cibitoke.
Ubwo buserukizi burahoza imiryango y’ababuze ababo, bukamenysha ko abariko barakora ubwo bwicanyi bazotegerezwa kubibazwa.

JPEG - 16.6 ko
Patrick Spirlet, aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya mu Burundi

Ubwo buserukizi bumenyesha ko vyari bikwiye ko ubwo bwicanyi buhagarara, n’ukudahana ivyaha bigahagarara. Ivyo navyo bikaba bitegerezwa guca mu biganiro vyihutirwa, bihuza impande zose za poritike. Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ryibutsa ko ritigeze rihagarika kuba hafi y’abarundi n’Uburundi, no mu bihe bigoye, aho bakibutsa uruhara bagize mw’ishirwaho ry’amasezerano y’i Arusha mu mwaka w’2000.

Ubwo buserukizi bukamenyesha ko utwigoro twose bwakoze yari icizere c’iyubahirizwa ry’ayo masezerano y’i Arusha, aho bakibutsa uburyo bungana n’imiriyaridi ibihumbi bine vy’amafaranga y’amarundi zatanzwe hagati y’umwaka w’2000 gushika mu mwaka w’2015.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya rikibutsa ko ukwo gufashanya n’Uburundi kwubakiye kw’iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Cotonou, ayo nayo akavuga iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, hamwe n’ukwubahiriza intwaro rusangi n’ubutandukane bw’ivyiyumviro.

Iryo shirahamwe riratomora ko iyubahirizwa ry’ayo masezerano ariryo ryonyene rizotuma ubumwe bwa buraya bubandanya gushigikira Uburundi mu nzira y’ugusubiza hamwe, iterambere, hamwe n’ukurwanya ubukene.


IGIHE

Messages

  • Peter n’akarwi kiwe ntibumva kweli, ariko wewe nibindi bigugu ntibashobora kumva realite bagomba gukwegeramo ikibazo cubwoko.

  • Vous jouez avec la majorité silencieuse

  • NIMBA MWEMERA ABAKERA,BARAMAZE BATI"AKIMUHANA KAZA IMVURA IHISE",NONE NTIMWOZA TWEBWE NYENE ABARUNDI N’ABARUNDIKAZI TUKAREKA GUTERANA AMAJAMBO NO KUZERA INZE TUKUBAKA IGIHUGU CACU?ABA FARANSA BATI<<NUL N’EST UN ILE>> OUI.MAIS NUKURABA NEZA,ICAMBU CAYAMBWA<<AKAMUNTU KAMARIYAGWE.SIMVURA MURANTUNGE.

  • aaahhh nibito nawe tuzokwirukana

  • abanyaburaya twarabonye aho bahagaze.Iyo babonye abo baha amagrenade ninkoho zokumara ubwoko butandukanye na kagaye ariwe kagame basaba ibiganiro .Bamenye ubutunzi bafise nivyo basahuye muri afrika?

  • Ijisho ryiwe niryumwicanyi aharaho yaravyezwe basha

  • Ubwo uyo si umubiligi d’origine?ça peu du belge dans son langage!!!!

  • HARYA UBUMWE BWABURAYA NTIBUBNA AHINGORANE Z UBURUNDI ZIHAGAZ?NIBVUGISHE UKURI UWUFIS INGORNE AHANWE KUKO UBWICNYI NIBABUBA SI ABARUNDI BOSE BABUKORA,BHANYE UBURUND BWOSE BABABARENGANIJ ABARUNDI.UMURYAMBWA ARITKISHA UBU NTABWO ATKISHA UMURYANGO.ABARUND TRUMURYANGO UWUKOZ IKOSA AKWIY GHANWA WENYENE.

  • HARYA UBUMWE BWABURAYA NTIBUBNA AHINGORANE Z UBURUNDI ZIHAGAZ?NIBVUGISHE UKURI UWUFIS INGORNE AHANWE KUKO UBWICNYI NIBABUBA SI ABARUNDI BOSE BABUKORA,BHANYE UBURUND BWOSE BABABARENGANIJ ABARUNDI.UMURYAMBWA ARITKISHA UBU NTABWO ATKISHA UMURYANGO.ABARUND TRUMURYANGO UWUKOZ IKOSA AKWIY GHANWA WENYENE.

  • None ibiganiro ni biba niho muzahagarika ubwicanyi!?

  • Mwetwoganirahoho ubwobwicanyi buzohagarara konzi abakora ubwicanyi batazubahuka kwenerako aribobabukora? Canke ababanyaburaya bobabazi ababakora ubwicanyi kwaribariya bahaye indaro? Jewe ukonikondavyibaza kukontakuntu wobona abantubishe abandi abarikobica ntibanivuge abaribo ariko Bulaya ukumvango ibiganiro ngokugira ubwicanyi buhagarare mugihenyene ababukora bativuga abaribo. Canke yamahera ubulaya bwahorabufashisha aburundi niyobukoresha mugutunganya abakora ayamabi kikabaricogituma bamabavuze ngwibiganiro murazireba iyobavuze ngwibiganiro babicanyi bacabakazanya! Ivyonkatwebwe abarundi bicabitwerekako ababuraya bafise abobabwiyeko mukubafasha kugira mujemubiganiro birasabwako twebwetuvugakohoba ibiganiro atariko tukivuga namwe mucemukazanya mukwica abarundi!?.

  • Nashaka kubabaza komwobanamwe mwarumvise ukuntu ubumwe bwa Bulaya bwatangajeko kuvyomu Rwanda bazoreka abategetsi barwo bagakora ukwobashatse batazovyivangamwo! Ariko umuntu yareba ukuntu bivayanga kuvyomu Burundi incanumvamengo nobaduza nkabakubitahasi nkabashingamenyo nigihanga nigihangacanje.

  • RETA YA NKURUMAI NAKARWI KIWE TUYISAVYE KOYOHAGARIKA KUMARA ABANYAGIHUGU. NUBWO BIHENDA BAMENYEKO MUBURUNDI ATAKIBAZO CUBWOKO KIRIHO IVYO TWARABISEZEREYE. NKURUMBI NIWE ATAYE IGIHUGU MUKAGA. ABANTU BOSE BAMAZE KWICWA KUVA LE26/4 BOSE BAZOJE KUGATWE KA NKURUMBI KUKO NIWE YAKIJE UMURIRO MUKWIHA IKIRINGO ATAREKURIWE.

  • Singaho gusa bizoherera n’imbere yintebe y’Imana bazobibazwa.Uwicisha Inkota Azokwicishwa Inkota,sinunva Igituma Abarundi Bicana.

  • Amasezerano yi Arusha ni meza kuko ni nkingi nu ruzitiro. ikibazo mu gushinga ayo mategeko harico babajije Abarundi? Abarundi bene Burundi bakosoye utunenge bica biba gute. muntabaze inyishu. murakoze.

  • Amasezerano yi Arusha ni meza kuko ni nkingi nu ruzitiro. ikibazo mu gushinga ayo mategeko harico babajije Abarundi? Abarundi bene Burundi bakosoye utunenge bica biba gute. muntabaze inyishu. murakoze.

  • Kuva kera bicana ninkubu bakiriko ninde bararengutse nibareke kutwizeza ngo barohana uwishe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.