IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa buraya : Amajambo ashikirizwa ntahumuriza

Ubumwe bwa buraya : Amajambo ashikirizwa ntahumuriza

vendredi 6 Munyonyo 2015, par egide

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ribona ko ukwiyongera kw’ubugizi bwa nabi mu Burundi kwerekana ko ibibazo vy’umutekano w’Uburundi bibandanya kwiyongera.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko amajambo aheruka gushikirizwa n’inzego zikomeye z’igihugu c’Uburundi ashobora gutuma n’ibitari bimeze neza vyunyuka, iryo shirahamwe rigasaba impande zose kwihanganirana.

Ubumwe bwa buraya buhamagarira abategetsi b’Uburundi mu biganiro bitegekanijwe n’iryo shirahamwe, ibiganiro bizokwisunga ingingo ya 96 y’amasezerano ya Cotonou hamwe n’iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya rimenyesha ko rishigikiye ivyashikirijwe n’ubumwe bwa Afrika mw’itangazo bwasohoye kuri uwu wa 4 Munyonyo 2015. Muri iryo tangazo, kw’izina ry’ubumwe bwa Afrika, Nkosazana Dlamini-Zuma ariyamiriza ubwicanyi bukorwa mu Burundi, hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu, akibutsa ko mu nama yabo igira iya 551 yabaye kuwa 17 Gitugutu 2015 bafashe ingingo y’ukuzofatira ibihano abazokwagirizwa ko bafise uruhara mu biriko biraba mu Burundi, canke bakagirizwa ko amajambo bagiye barashikiriza yatumye intureka zibandanya kwiyongera.

Nkosazana Dlamini-Zuma yasubiriye kwibutsa ko inzira y’ibiganiro bihuza bose ariyo yonyene izotuma Uburundi buva mu ndyane za poritike burimwo kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015.

Nkosazana Dlamini-Zuma yamenyesheje kandi ko kw’izina ry’ubumwe bwa Afrika ashigikiye ubuhuza bwahawe Yoweri Museveni umukuru w’igihugu ca Uganda, agasaba ko Reta y’Uburundi n’abandi bose begwa n’ikibazo ca poritike mu Burundi, gukorana neza nawe.

Ubumwe bwa Afrika co kimwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, baranegura amatangazo abandanya gushikirizwa, akamera nk’ayaje kwunyura ivyari bisanzwe bimeze nabi.


IGIHE

Messages

  • Nabado reka kujugumira reta nireta simwe mwabikweze mubesha a barund ngwamamanda mukiyibagiza amasezerano kwaribo bayisinyiye ubwabo

  • ntimudunde, turamaze kubahinyara turazi abomushigikiye. ko mutariyamiriza ivyo cenared ihora irofagurika?? nimutureke twigarukanire umutekano wabanyagihugu..ee mwarigize abatware bisi yose, uburundi buzobananira gutwara ndabarahiye!! rindira gato muzosanga mwariheze. kirimwo abagabo. ntituzokwemera ko mugiha ABAKUNGU.....
    kuko bogita mumanga..........

  • ntimudunde, turamaze kubahinyara turazi abomushigikiye. ko mutariyamiriza ivyo cenared ihora irofagurika?? nimutureke twigarukanire umutekano wabanyagihugu..ee mwarigize abatware bisi yose, uburundi buzobananira gutwara ndabarahiye!! rindira gato muzosanga mwariheze. kirimwo abagabo. ntituzokwemera ko mugiha ABAKUNGU.....
    kuko bogita mumanga..........

  • TWEBWE ABARUNDI NTAMAHOROTURARONKA BATAMUFASHE NKA BAGBO BURYA NTAMBUTOMBI NKIMBONERAKURE MUGIHUGU NDI ONYANGO

  • mwese mbona ko mutazi ivyo muvuga umurundi umubembereje uba umwiteye bisaba ko umutabura mugaca mugaruka mukubahana uwo niwomuti. rero umwasi yirigwa arica abantu muburundi naho yoba ari mwene wacu tuva inda imwe harageze ko bamutabura ariko kumaziko nzojayo.

  • Aba bazungu nabo bazana ibigori mubigoye!bagombye gufata umwanzuro nkuwo bafatiye Khadafi,nako nta gitoro uburundi bufise!barundi mwirwaneho kuko abakabacungiye umutekano nibo babamaze!birababaje ntawabona icyo kuvuga.

  • IMANA ITABAR UBURUNDI N’ABARUNDI. ABABITAHURA TUVE HASI DUSENGE CANE AMAJAMBO ABE MAKE!

  • Umwumvikano No Gusubiza Hamw Nivyo Twese Dushigikiy,ivyo Vyose Bizova Mumi Tima Y’abarundi Ubwabo Nyene.Amakungu Nashikiriz Amajambo Yihumure Yoye Gucanishamwo Abarundi Kuk Nitwe Tuzobwiyubakira,uwufis Ico Yagirizwa Nakurikiranw Namategeko,abera Nabo Tuje Kukivi Dutez Imbere Uburundi

  • Ariko rero aho ibintu bigeze,je mbona ko mwobanza mukarungika abacungera umutekano w’abanyagihugu imbere yo kugira IBIGANIRO, kuko iyo Leta iramaze abantu kandi batazi ico bazira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.