IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburaruko: ’’Umurwazo’’kimwe mu bibangamiye abanyagihugu

Uburaruko: ’’Umurwazo’’kimwe mu bibangamiye abanyagihugu

vendredi 22 Munyonyo 2013

’’Umurwazo’’ uragisibije mu ntara z’Uburarukom bw’igihugu nk’uko bimenyeshwa n’umupfasoni Alice Mukandanga arongoye ishirahamwe Green Bugesera Cooperative GREBUCO.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, umupfasoni Mukandanga, asigura ko umurwazo, ari ingeso mbi yadutse mu banyagihugu bo mu ntara za Kirundo na Muyinga, aho abanyagihugu badandaza umurima utarera, canke bagatanga ibitoke bitarera, eka ndetse hakaba hari n’abandi bantu batunze biheka inyuma y’ubukene bw’imwe mu miryango, bagaheza bakabaha amafaranga ibihumbi nka 20, inyuma y’ukwezi bagaca babaha ibihumbi 50.

Umurwazo rero ukaba uriko utuma abanyagihugu bo muri izo ntara z’Uburaruko bw’Uburundi badashobora kuva mu bukene barimwo, ahubwo bugaca buguma bwiyongera nk’uko uwo arongoye GREBUCO abivuga. Imirima y’abanyagihugu usanga igice kinini baramaze kukidandaza, hagera kwimbura ugasanga ntaco bashoboye kuziganya, ubukene burimwo inzara izura inzara, bukaguma mu miryango itandukanye yo muri izo ntara.

Umupfasoni Alice Mukandanga rero akaba amenyesha ko mw’ishirahamwe arongoye, bariko barakangurira abanyagihugu kugira bave muri ukwo guhendwa n’abantu bifise mu kubungukirako ku nguvu, babanje kubarya imitsi. Mukandanga akaba kandi asaba abajejwe intwaro gufata ico kibazo c’umurwazo mu minwe kuko ubukene aho kuganuka mu banyagihugu, buriko buba ndanse. Izo ntara zahora ari ikigega c’Uburundi mu myaka iheze, ubu nizo zisigaye zivurwamwo ikigoyi, ndetse ugasanga yaba abakenyezi n’abana eka n’abagabo, ubasanga ku mabarabara bariko barasabiririza kuko ataco baba basigaranye mu ngo iwabo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ewe Alice uri inshirwarimenetse ariko abanyakirundo nimuze tuje hamwe tuze turatoza abakenyezi bashoboye nkuwo!!!Namwe mashirahamwe ,banya kirundo aho muri kw isi hoose muze mufashe ababona ivyokorwa kuko polotike ya dd yo simbona ico iriko irakora kirundo twayitoye ngira 99% ,,Ahubwo Alice araduhe umuco ico twofasha hari benshi bofasha :Ba Mutabazi IBB n abandi ni benshi gusa Alice sinzi igituma atabitura ! Ariko ambabarire ndamwizeye ni umugore w imena

  • Ewe Alice uri inshirwarimenetse ariko abanyakirundo nimuze tuje hamwe tuze turatoza abakenyezi bashoboye nkuwo!!!Namwe mashirahamwe ,banya kirundo aho muri kw isi hoose muze mufashe ababona ivyokorwa kuko polotike ya dd yo simbona ico iriko irakora kirundo twayitoye ngira 99% ,,Ahubwo Alice araduhe umuco ico twofasha hari benshi bofasha :Ba Mutabazi IBB n abandi ni benshi gusa Alice sinzi igituma atabitura ! Ariko ambabarire ndamwizeye ni umugore w imena

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.