IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi burizeye ikibanza bufise mukworohereza abanyamitahe

Uburundi burizeye ikibanza bufise mukworohereza abanyamitahe

mercredi 9 Ndamukiza 2014

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombaza yuguruye ibikorwa vyo gushira ku mugaragaro ibirangurwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ugufashanya n’ayandi makungu. Abahinga muvy’imigenderanire mu gisata c’ubutunzi, abo mu gisata gifasha abanyamitahe n’abo mu cumba c’ubudandaji batanze ibiganiro ku vyigwa bagize.

Inyuma y’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe na Laurent Kavakure arongoye ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ugufashanya n’ayandi makungu, hakwirikiye ivyigwa vyakozwe n’abahinga. Hari mu ntumbero yo gushira ku mugaragaro ibikorwa vyo muri ubwo bushikiranganji. Icirwa ca mbere catanzwe na Ndayirukiye Renovat , umuhinga muvy’amategeko mpuzamakungu. Ico cigwa cari cerekeye gukorana n’amakungu ku bijanye n’ubutunzi, urudandazwa n’abakora ibi canke biriya (diplomatie économique, commerciale et des affaires). Uwo muhinga yerekanye ko ubutunzi, urudandazwa n’ibindi bikorwa vyose ari magiriranire, bisigura ko iyo habaye gukorana neza hagati y’igihugu iki canke kiriya mu guhanahana ibidandazwa canke ibindi bintu biciye mu nzira nziza bituma ubutunzi bwiyongera. Ico cigwa c’uwo muhinga cerekana ko igisata c’ubudandaji gikoreshejwe neza, igihugu cotera imbere kikaronka n’ikibanza mu makungu muvy’ubutunzi.

Antoine Kabura arongoye ikigo co guteza imbere igisata c’abazana imitahe mu Burundi (Agence de Promotion des Investissement) yatanze icigwa cerekana uko igisata c’imitahe y’abikorerera ivyabo cifashe (situation des investiteurs Privés). Ku bwiwe abona ko ico gisata cateye imbere, kuko Reta y’Uburundi yagabanije zimwe mu mpapuro zisabwa ku bazana imitahe yabo mu Burundi. Atanga akarorero k’ikori bita "Charge Fiscale" ryavuye ku bice 35 kw’ijana «35%», kikaja ku bice 30 kw’ijana «30%». Abandanya amenyesha ko ivyo vyatumye Uburundi buronka ikibanza c’142 mu bihugu 189 vyorohereza gukora abanyamitahe.

Inyuma y’icigwa ca gatatu catanzwe n’icumba c’ubudandaji n’amahinguriro, Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Prosper Bazombanza yaciye yugurura ibikorwa vyo gushira ku mugaragaro ibikorwa vy’ubwo bushikiranganji, aho yasavye ubwo bushikiranganji gushira ku mugaragagro no kwishura ku bibazo vyose bashobora kubazwa, kuko ari akaryo keza ko kumenya vyinshi bikorwa. Hakwirikiye iyerakanwa rya bimwe mu bidandazwa bikorerwa mu Burundi, n’ivyo mu karere Uburundi burimwo.

Mwomenya ko ivyo bikorwa bizosozerwa ku munsi wa gatanu w’igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2014.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.