IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Natation > Uburundi buriko buritegura kwitaba amahiganwa yo kwoga

Uburundi buriko buritegura kwitaba amahiganwa yo kwoga

lundi 10 Ntwarante 2014

Ishirahmwe ry’urukino rwo kwoga "natation" ryaratunganije ryongera rishira mu ngiro amahiganwa yo kwoga, mu ntumbero yo kurondera abazoserukira Uburundi mu mahiganwa yimirije.

Mw’ibenga "piscine"riri mu kigo ca Entente Sportive haraye habaye amahiganwa yo kwoga yarimwo imirwi y’i Bujumbura n’iyo mu gihugu hagati, naho hitavye umurwi uvuye mu ntara ya Ruyigi gusa.

Cassien Basogomba arongoye ishirahamwe ryo kwoga, amenyesha ko intumbero y’ayo mahiganwa ari ukurondera abana bazoja guserukira Uburundi mu mahiganwa azohuza ibihugu 21 vyo muri Afrika, azobera mu gihugu c’Ubuganda mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza. Abandanya avuga ko buzoba bubaye ubwa mbere Uburundi bwitaba amahiganwa nk’ayo, bwaserukiwe n’abahiganwa ku rwego rw’igihugu benshi.

Basogomba ati : " Kwitaba amahiganwa nk’ayo bifasha Abarundi kumenya aho bageze mu nkino zo kwoga bafatiye mu karere". Uburyo bubonetse, bipfuza kuzotwara abana 18, barimwo abahungu n’abakobwa.

Mwomenya ko ayo mahiganwa yari yitabwe na Elsie Uwamahoro amaze guserukira uburundi haba mu mahiganwa mpuzamakungu, eka no mu yandi mahiganwa Uburundi buba bwatumiwemwo.

Inyuma y’amahiganwa, abana barushije abandi bararonkejwe ubushimwe.

JPEG - 67.5 ko
Uwo w’imbere ni Elsie Uwamahoro

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.