IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi buriteguriye kurungika abasirikare mu gihugu ca Centrafrika

Uburundi buriteguriye kurungika abasirikare mu gihugu ca Centrafrika

dimanche 28 Mukakaro 2013

Muri iyi minsi iheze, kuva kuwa gatanu, mu rugendo arimwo mu gihugu c”Uburundi, umukuru w’igihugu ca Congo Brazzaville Denis Sasso N’Guesso asanzwe ari umuhuza muri Centrafrika yaraganiriye na mugenzi we Petero Nkurunziza ku kibazo co kugarukana amahoro, aho Uburundi bwemera ko bwiteguriye kurungika abasirikare muri Centrafrika. Iyo ikaba ari ingingo yemeza ukwitanga kw’Uburundi mu kugarukana amahoro kw’isi.

Nk’uko tubikesha insamirizi RFI, amakuru ava mu biro vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko abasirikare baharurwa mu majana atanu aribo biteguriye kurungikwa mu gihugu ca Centrafrika, n’aho igenekerezo bazogirako ritaramenyekana.
Mu gihe Uburundi bumaze imyaka cumi buvuye mu ntambara, ntibunyegeza umwitwarariko bufise wo gufasha ibindi bihugu bikiri mu ngwano.

Hejuru y’abo basirikare bagiye kurungikwa muri Centrafrika, Uburundi bufise ingabo ziharurwa mu bihumbi bitanu n’amajana atanu muri Amisom, tutibagiye abapolisi bari ahandi nk’i Darfour, muri Côte d’Ivoire hamwe no muri Haïti.

Naho rimwe na rimwe abasirikare b’abarundi bahasiga ubuzima, ivyo bikorwa vyo kugarukana amahoro mu makungu nivyo bigaruka bigatanga isanamu nziza ku gihugu, haba muvy’ubutunzi canke imigenderanire n’ayandi makungu.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.