Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi burunguka mu kwifadikanya n’amashirahamwe ahuza akarere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburundi burunguka mu kwifadikanya n’amashirahamwe ahuza akarere

Uburundi burunguka mu kwifadikanya n’amashirahamwe ahuza akarere

vendredi 1er Myandagaro 2014

Ibiganiro bigeze kure muri wa mugambi uhuza amashirahamwe y’akarere atatu yerekeye uruja n’uruza rw’abantu n’ibidandazwa bita mu rurimi rw’igifaransa la tripartite libre-échange COMESA-EAC na SADC.

Ubushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu bujewej ibikorwa vy’iyinjira ry’ Uburundi mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko, bwatanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru, kugira bumenyeshe abarundi aho ibintu bigeze muri wa mugambi uhuza amahirahamwe ahuza akarere atatu ariyo COMESA- EAC na SADC. Ibimaze gukorwa hamwe n’ingorane bahura nazo muri uwo mugambi. Bakaba bahagaze ahanini ku cerekeye isoko, guteza imbere inyubakwa rusangi hamwe no guteza imbere amahinguriro.

Yohani Rigi umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko

Nk’uko bishikirizwa na Yohani Rigi umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko, atumenyesha ko igihugu c’ Uburundi imbere yuko kija mu biganiro, kibanza kurondera inyungu kizokuramwo izo arizo. Ubwa mbere abahinga bariga ico kibazo imbere y’uko baja mu biganiro mu nyuma bakabona gutora inyungu izo arizo. Uburundi kandi buraheza bakicarana n’ibindi bihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’Akarere k’ Afrika y’Ubuseruko bakarabira hamwe inyungu z’iryo shirahamwe hamwe n’inyungu Uburundi buzokuramwo ugereranije n’ishirahamwe ry’ Afrika y’Ubuseruko . Ivyo bimaze kuba rero niho baca babona kuganira n’ayo yandi mashirahamwe ariyo COMESA na SADC.

Mu mishikirano imaze kuba ihuza ishirahamwe COMESA, EAC na SADC bumvikanye ko indimi zizokoreshwa muri wo mugambi w’uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu ari icarabu, icongereza ,igifaransa hamwe n’igiportugais nk’uko bavyumvikanyweko. Uburundi kandi bufise ikibanza ciza kuko hampande y’igiswahili n’icongereza igifaransa naco kizokoreshwa. Ikindi naco ubushikiranganji bumenyesha n’uko wa mugambi wo mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’ Uburundi mu karere k’ Afrika y’Ubuseruko , buri mu gutanguza igice kigira kabiri ca za nyigisho z’icongereza izo nazo zizotwara amafranga agera ku miriyoni 1200 z’amadorari y’abanyamerika, uwo mugambi ukazokorwa mu kiringo c’imyaka ibiri kuva mu kwezi kwa Nyakanga 2014, gushika mu kwezi kwa Ruheshi umwaka w’2017. Ayo mafranga nayo akaba yatanzwe na Trade Mark.

Tubamenyeshe ko uwo mugambi uhuza ibihugu vyose hamwe 26 ,muri ivyo bihugu 19 bihurikiye mw’ishirahamwe COMESA, 5 mw’ihsirahamwe ry’akarere k’Ubuseruko,hamwe na 15 biri muri SADC. Uburundi rero bikaba bivugwa ko buzohungukira ibitari bike.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.