IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi butegerezwa kwisunga amategeko agenga isoko rusangi

Uburundi butegerezwa kwisunga amategeko agenga isoko rusangi

jeudi 3 Ndamukiza 2014

Uburundi bwari bukwiye gusubiramwo amategeko, bukisunga amategeko agenga isoko rusangi mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Reta y’Uburundi yari ikwiye gusubiramwo itegeko ry’umushikiranganji nimero 550/296 ryo kuwa 10 Kigarama 1980 rijanye n’ibisabwa kugira umudandaza w’umunyamahanga aze gukorera mu gihugu c’Uburundi. Mu ngingo yaryo ya mbere, ivuga ko umunyamahanga yipfuza gukorera mu Burundi nk’umudandaza ategerezwa kuzana amafaranga y’agaciro angana n’amadorari y’abanyamerika ibihumbi mirongo itanu 50000.

Icegera c’umuyobozi w’igisata c’igihugu kijejwe amategeko (Directeur adjoint du service national de législation), Audace Ngiye abona ko iryo tegeko (ordonnance) ryari rikwiye guhindurwa mu ntumbero y’uko amategeko y’Uburundi yoja ku rugero rumwe n’amategeko ajanye n’ishingwa ry’isoko rusangi mu bihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko.

Isoko rusangi ryo mu karere ka Afrika y’ubuseruko rizotuma haba uruja n’uruza rw’abantu n’ibidandazwa ata ngorane mu bihugu vy’Urwanda, Uburundi, Kenya, Tanzanie na Ouganda.

Yohani Rigi nawe asanzwe ari umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Uburundi bujejwe ibikorwa vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko yemeje ko ababijejwe batanguye gusubiramwo amategeko ajanye n’ishirwa mu ngiro ry’iyo soko rusangi.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.