IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwagirijwe guhakana ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda

Uburundi bwagirijwe guhakana ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda

samedi 27 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuhanuzi adasanzwe w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku vyerekeye gufata ingingo zotuma ihonyabwoko ritaba, Adama Dieng, yerekanye impungenge ku majambo yise ko aturira y’abategetsi mu Burundi ashobora kuba ugukokeza ubwicanyi, harimwo amajambo n’umutegetsi akomeye w’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, Pascal Nyabenda aherutse gutangaza.

Dieng avuga ko mw’itangazo ryo kw’igenekerezo rya cumi na gatandatu z’ukwezi kw’umunani, umwaka w’2016 ryasohowe na CNDD-FDD, rikavuga ko ihonyabwoko mu Rwanda ryari irementanya ry’amakungu, ryakoreshejwe kugira rikure Reta y’Abahutu yari ihari mu Rwanda ico gihe.

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ONU ku bijanye n’ugufata ingingo zotuma ihoyabwoko ritaba, Adama Dieng, avuga ko ivyatangajwe na Pascal Nyabenda bishobora kubonwa nk’uguhakana ihonyabwoko, kandi ko bishobora gutuma haba umwuka mubi hagati y’ubwoko, haba mu Burundi canke hanze y’imbibe z’igihugu.

Mw’itangazo ryiwe, Dieng avuga ko Uburundi bubandanya kurangwa n’umutekano muke n’amakuru y’ityozwa rikomeye ry’agateka ka muntu, harimwo ivyagiriji vyerekeye ubwicanyi ndengerabutungane, ukuzimangana kw’abantu, gufata abantu bunyamaswa gupfunga abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na Reta, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’abantu bose bikekwa ko barwanya Reta, mu buryo butubahirije amategeko.

Adama Dieng yarerekanye impungenge ku vyerekeye ishami ry’imikangara ry’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, bazwi kw’izina ry’Imbonerakure, mu kuvuga ko babandanya kugira uruhara mw’ityozwa ry’agateka ka muntu, kandi ko bagabisha gukora ubwicanyi bufatiye ku bwoko.

Dieng yibukije Reta y’Uburundi ko itegerezwa gukingira abanyagihugu bayo, umuntu ataravye ubwoko bwabo canke imigambwe barimwo, hamwe n’ukwirinda ingingo izarizo zose canke ingendo iyariyo yose ishobora gutuma haba umwuka mubi hagati y’ubwoko butandukanye.

Tugaruke kuri iryo tangazo rya CNDD FDD

ITANGAZO NO 016/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 16 MYANDAGARO 2016

Mu gihe ONU itegekanya abaporisi 228 barungikwa mu Burundi ku nguvu, Roméo Dallaire na Louise Arbour bariko batega imitego mu Karere Uburundi buherereyemwo.

1. Kw’igenekerezo rya 29 Mukakaro 2016, Akanama k’umutekano kw’Isi ka ONU karafashe icemezo giteye isoni inomero 2303 ku majwi 11 mu gihe ayandi 4 ataco yabivuzeko. Ico cemezo cashitsweko mu kajagari ntangere. Ico cemezo caje kivuguruza icemezo inomero 2248 co ku wa 12 Munyonyo 2015 be n’icemezo inimero 2279 co ku wa 1 Ndamukiza 2016 mu bijanye no kwubahiriza Ubwigenge bw’igihugu, ukwikukira kw’Igihugu, imbibe zaco n’Ubumwe bw’Abarundi. Ico cemezo cafashwe Reta y’Uburundi itagishijwe inama nk’uko womengo Uburundi ntiburongowe n’inzego zitorewe n’Abenegihugu ;

2.Ako kajagari kibonekeje mu Kanama k’umutekano kw’Isi ka ONU, igihe bariko barafata ingingo zininahaza ibikorwa vy’abashatse gutembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu kw’itariki ya 13 Rusama 2015, kaherekejwe n’amakuru amenyesha ko umunyakanada Roméo Dallaire yahoze arongoye za ngabo za MINUAR zari mu Rwanda kugira ngo zishikane FPR-Inkotanyi ku butegetsi mu 1994 be n’umunyakanadakazi Louise Arbour yahoze ari umushikirizamanza mukuru muri ya sentare y’i Arusha (TPIR) mu gihugu ca Tanzaniya yari ijejwe kwemeza ihonyabwoko no gucira urubanza abatsinzwe ku butegetsi mu Rwanda, bariko baragendera ibihugu bimwe vya Afrika. Ayo makuru yasohotse mu kinyamakuru ngurukanabumenyi http : www.rcinet.ca co ku wa 8 Myandagaro 2016 kimenyesha ko abo banyakanada baje muri Afrika kugira baronderere isoko ingabo zabo mu bikorwa vyo kugarukana amahoro. Abo bantu babiri b’abanyakanada, kubona basubira kuvugwa mu Karere k’Ibiyaga binini no mu buseruko bwa Afrika si impanuka canke si ivyashitse giturumbuka, ahubwo bari ku bikorwa vy’iperereza no kurondera ababashigikira kugira ngo ingabo za ONU zize muri kimwe mu bihugu vyo muri kano karere, na cane cane mu Burundi ;

3. Ibikorwa bibi abakunzi ba demokarasi bibukirako Roméo Dallaire ni ivyo kuba yararongoye MINUAR mu Rwanda, agafasha FPR-Inkotanyi mu kuyishigikira no gushira mu ngiro vya vyiyumviro vy’ihonyabwoko Paul Kagame yagenderako, no mu kuyifasha mu vya gisirikare. Nk’uko vyagiye biravurwa no kwandikwa bikandikwa n’abantu batari bake, uwo mugabo Roméo Dallaire na MINUAR yategeka mu Rwanda, niwe yinjije Inkotanyi mu muji wa Kigali azikuye aho bita ku Murindi akazishikana mu nama nshingamateka bita CND. Izo nkotanyi Roméo Dallaire yagenda azikura ku Murindi be n’ibirwanisho, akavuga ko bagiye gusenya inkwi MINUAR ikoresha n’izo Nkotanyi nkeya zababa amajana atanu (500) zari zemejwe n’amasezerano ya Arusha hagati ya Juvenal Habyarimana na Paul Kagame, ariko mu mwanya mutoya izo nkotanyi zahavuye zirenga kure n’iyo 2000 zifise n’ibirwanisho bikomakomeye zahabwa na MINUAR. Ikindi cavuzwe ni uko uwo Roméo Dallaire ahantu hose yashize ikirenge mu muji wa Kigali yagiye ahashinga ibikoho vya muzinga bikomakomeye, akaba yabisigiye inkotanyi za FPR igihe yiruka asubira iwabo, avuga ko ubutumwa (mission ) bwaheze, intambara ibaye. Ukugenda kwiwe rero na MINUAR kwerekana ko ubutumwa yari yahawe bwari buheze kuko ivyari bikenewe vyose kugira FPR-Inkotanyi ifate ubutegetsi vyari vyahejeje gushirwa mu ngiro. Bikumvikana rero ko, iyo hataba ugufashwa kwa FPR-Inkotanyi na Roméo Dallaire wa MINUAR, FPR-Inkotanyi itopfuye ifashe ubutegetsi mu Rwanda. Amarementanya y’ihonyabwoko ryategerezwa gusukwa kuri Reta yitwa ko yari iy’aba « Bantoue » b’abahutu yari yaramaze gutegekanywa no kwubakwa neza, hakaba hari hasigaye kuyashira mu ngiro. Paul Kagame rero, mu gutera Urwanda yisunze ihonyabwoko, yari azi y’uko abantu biwe bazopfa kuko yababwira ko batitanze ; bagahwera ata ntsinzi bazoronka n’aho bamwe mu biwe bamubaza, barira bariragurika ingene bizogenda kuri ayo mahano bateje mu Rwanda no kw’Isi ;

4. Hariho umunyakanadakazi yitwa Louise Arbour yari umushikirizamanza mukuru muri ya sentare mpanavyaha y’i Arusha (TPIR) yari yateguriwe kwemeza ihonyabwoko abatsinzwe, gutyo bakazoboneraho kwica uwo wese Paul Kagame abona ko ari intambamyi ku gihugu ciwe. Birababaje rero kubona abo bantu babiri bongera kuvugwa mu Karere kabereyemwo ibara, bikaboneka ko bazanywe no kwuzuza umugambi wo gutembagaza ubutegetsi badashaka mu gihugu iki canke kiriya mu Karere na cane cane mu Burundi ;

5. N’ikimenyamenya mu gihe bariko baratembera mu Karere, Komiseri Mukuru ajejwe ivyo agateka ka zina muntu muri ONU Zeid Ra’ad Al Hussein ariko arakokeza ngo Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo ngo bariko barica abantu urubozo, kandi ngo harabafatwa bagapfungira ubusa ku banyeporitike, emama ! ngo abantu bariko baranyuruzwa, ngo Imbonerakure ziriko zirafata ku nguvu abakenyezi n’abigeme, n’ayandi mabi menshi. Ivyo vyose bikaba biri muri wa mugambi mubi w’amarementanya begeka ku ndongozi z’Uburundi kugirango baronke aho bahera, baheze barungike ingabo zo gutera Uburundi no gutembagaze ubutegetsi badashaka nk’uko babikoze muri Libiya, Siriya, Iraq n’ahandi. Ni muri iyo nzira abo bahinga b’amarementanya n’amahonyabwoko agamije gutembagaza inzego zitorewe n’Abenegihugu barungitswe na ONU kugira baze kuraba neza ingene ivyabaye mu Rwanda arivyo vyokorwa mu Burundi canke n’ahandi hose bipfuza gutembagaza ubutegetsi mu karere. Umunyakanadakazi Louise Arbour, bica vyumvikana ko ajejwe kuba arategura amarementanya azosuka ku ndongozi z’Uburundi kugira baze bazijane muri ya sentare y’i Lahaye canke mu yindi sentare ;

6. Iki ciyumviro ntabwo ari indoto mbi kuko categuwe cane kugeza muri ONU. Muri ca cemezo c’Akanama k’umutekano kw’Isi ka ONU inomero 2303 yo ku wa 29 Mukakaro 2016 ku ngingo yaco ya 17 ivuga ibi bikurikira : « Gasaba Amareta yo mu karere kureka abakozi n’abaporisi barungitswe na ONU mu Burundi bakishira bakizana hagati y’Ibihugu mu kwinjira no mu kuva mu Burundi mu gihe bazoba bagiye kurondera ibikoresho, ivyo kurya n’ibindi vya nkenerwa bazoba bakeneye kandi bigakorwa bidatevye ». Iyo ngingo iha uburenganzira budasanzwe izo ngabo ni nk’imwe Roméo Dallaire yakorerako muri MINUAR, igihe yaza arakura Inkotanyi ku Murindi azijana i Kigali. Biraboneka rero y’uko amayeri ariko arashaka gukoreshwa mu kuzana abaporisi 228 ba ONU i Bujumbura mu Burundi afise aho afatira kuko ariyo yakoreshejwe mu gushikana Paul Kagame na FPR yiwe ku butegetsi ibihugu vy’ Ububirigi, Ubufaransa, Ubuhorande, Amerika bikaba vyarafashije cane. Nk’uko abenegihugu bamaze kwiyamiriza izo ngabo mvamakungu, Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo nabo nyene barongeye kwemeza ko ata ngabo za ONU bashaka mu gihugu cabo, kuko imigambi yinyegeje inyuma ari iyo gusenyura ubutegetsi bwa CNDD-FDD na Reta yawo. Baboneyeho gusaba ko Ibihugu bizogenderwa n’abo bantu babiri twavuze, bitohirahira ngo vyemere ko ONU irungika ingabo muri kano Karere na cane cane mu Burundi. Roméo Dallaire na Louise Arbour ni inkwezi z’amarere ;

7. Ingingo ya 17 yinjijwe mu cemezo c’Akanama kajejwe umutekano kw’Isi ka ONU inomero 2303 itihwejwe neza kuko yerekanye ico ako kanama gashaka gushikako ariko katashaka kwerekana ; karabacorotse kuko kaciye kerekana amarementanya bariko barakorera Uburundi nk’amwe yakorerwa Urwanda. Haradendekanijwe ko ngo Urwanda ari rutoya rutokwakira impunzi kugirango babone aho bahera kugira basenyure ubutegetsi bwari buhari. Muri Iraq Saddam Hussein yagirijwe ngo afise ibirwanisho ruhonyanganda vyo kumara abantu kandi atari vyo, bahemutse bamugandaguye, Muri Libiya Muammar Khadaffi bamwagirije ngo ariko aramara abantu biwe kandi atari vyo bahemuka bamwishe, muri Siriya Bashar Al-Assad bamwagirije ngo agateka ka zina muntu ntikubahirijwe, baramutera uretse ko acihagazeko n’ubu, mu Burundi naho ngo Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo bariko bategura ihonyabwoko kandi ari ibinyoma, n’ahandi n’ahandi. Nk’uko abakurambere bayamaze «uwugushakira inabi ntabura aho agukura”. Twihweje ibi vyose tuvuze aho haruguru, turibaza duti biri hehe vya bihugu vy’ibihangange muri Demokarasi? Demokarasi yoba ivuga ko Igihugu cifise gihonyanga ibindi bihugu bitifise ? Agateka ka zina muntu koko ko umengo ni igikoresho c’ivyo bihugu vyifise kugira bikandamize ibihugu bitifise ? Vyakabonetse he aho ishirahamwe rya ONU ryitwa ko riharanira agateka ka zina muntu ari ryo rishigikira abashaka gutembagaza ubutegetsi ? Mbega iyo havuzwe ubutungane iryo shirahamwe ryishira hehe mu gihe ryahindutse igikoresho c’Ibihugu bimwe bimwe co kurementaniriza no gukandamiza ubutegetsi budashakwa. Ejo bitwaza Demokarasi none ubu naho bitwaza agateka ka zina muntu, ejo hazovumburwa ibindi, ariko ibiboneka muri rusangi ni uko ubutungane buhonyangwa n’ibihugu vyifise. Igihe cose ubutegetsi ubu canke buriya bushatse kuvugira Abenegihugu, ico gihugu gica giharirwa ivomo, kigatotezwa gushika bagisenyuye kandi aho hose nta tegeko mpuzamakungu na rimwe ridahonyangwa mu gihe ibihugu vy’ibihangange biharanira inyungu zavyo ;

8. Ubwa nyuma, Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko abo baporisi 228 ba ONU akanama kajejwe umutekano kw’Isi ka ONU kashaka kuzana mu Burundi si ako kuzana ineza na gato kuko hageze n’aho ibihugu vyinshi vyo kwisi duhereye kuri Angola, Venezuela, Egiputa, Ubushinwa, Uburusiya n’ibindi vyinshi vya Afrika bibonako Ubwigenge bw’Uburundi n’ukwikukira kwabwo bitubahirijwe kandi Reta y’Uburundi yategerezwa kugishwa inama igihe cose ako kanama kiga ibibazo vyose biburaba. Ntivyumvikana rero ingene igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu gashigikira itembagazwa ry’ubutegetsi mu bihugu bimwe bimwe na cane cane Uburundi ugasanga n’ibihugu bimwe bimwe vyitwa ko vyateye imbere ugasanga nivyo vyama bitegekanya ugutembagaza intwaro mu bihugu bigendera kuri demokarasi. N’ubwo bidakunzwe kuvugwa, ivyo bihugu vyadutanguriye muri demokarasi, nivyo ahubwo biyica bikazotuma demokarasi isinzikara mw’Isi kubera inyungu ivyo bihugu birondera kugeza n’abo bisambura ibindi bihugu. Ikibabaje ni uko ata tegeko mpuzamakungu na rimwe bemera mu gihe ritaroresha ku nyungu z’ivyo bihugu. Abakunzi ba demokarasi bagaca bibaza bati « none bimaze iki kugiriranira amasezerano n’ivyo bihugu mu gihe biboneka ko ari amasezerano ahagaze ku nyungu zabo gusa ». Agateka ka zina muntu gafise insiguro imbere y’ivyo bihugu kwumviriza ababapfukamira, abaharanira agateka k’abenegihugu baboneka nk’ibicibwa. Ni muri iyo nzira Umugambwe CNDD-FDD uherutse kwumva ko abashatse gutembagaza ubutegetsi, bimaze kubata k’uwamazi bagahungira i Buraya baherutse kugira inama ngo yo kwica abanyamahanga bafise uruhu rwera kugirango bace babisuka ku Burundi hanyuma babonereho kurungika ingabo, Abafaransa nabo kw’igenekerezo rya 12 Myandagaro 2016, basavye Abanyagihugu babo kugabanya ingendo mu gisagara ca Bujumbura ngo kuko hagiye kuba intureka, ivyo navyo akaba ari ikinyoma cambaye ubusa ariko bikagaragara ko uwo mugambi bawuteguriye hamwe kanatsinda ni nabo batanga amahera yo kugura ibirwanisho. None bahenda nde?

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 16 Myandagaro 2016

Umushingamateka Pascal NYABENDA,

Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD.


IGIHE

Messages

  • Ubundi iyo leta yabarundu irisema.. ariko kwirwa baravuga urwanda burikanya nicerekaba ko bafise ubwoba barutinya.. iciza nuko urwanda rwinumiye rukareka ibyo birofa bya CNDD bikavuga ubusa. Emwe nubundi ngo imbwa iyo imokeye umugabo arakomeza akigira ntiyoyisubiza nawe ngo amoke ntibibaho. Vive le Rwanda.

  • Mugihe gito turasubizaho leta yabatutsi nubundi kuva isi yaremwa nta muhutu wigeze avugirizwa ingoma.abashindikanya mutambwira nabi muzabibaze imana.thx

  • ariko muburundi habuze umuhutu wincabwenge nimba baramubuze bashyizeho nibuze umututsi ? arirko nsinzi nawe nimba haricyo yabajyezaho inzoga zabahumye ubwenge uburundi imana ikwiye kubusanga haricyo njya nibaza abarundi mwanga kagame cyangwa mwanga urwanda ? mwakwanga kagame cyangwa urwanda ntakintu muzabasha gukora nakimwe kiruhungabanya kuko ntabwenge mugira ibyo mukora byose turabireba nimwice abo bene wanyu muziko mwasize mwishe abatutsi bomurwa wenda muzabura ubwenge mugaruke!!!!!!!!!.......?

  • Uburundi ntibuhakana ihonyabwo ryabaye mu Rwanda! Buremeza nimba mwasomye neza ko ihonyabwoko ryabaye rikozwe na Kagome afatanije na FPR-Inkotanyi mu kwica abahutu n’abatutsi mu Rwanda kugira ashike ku butegetsi. Emwe, ntawarihakanye turazi ko mwarikoze n’ubu mukibandanya: mubaturira mu buroko, mubata mu Rweru, mubabuza kwiga amashure y’ingirakamaro, murabagiriza ihonyabwoko,... yewe ihonyabwoko mu Rwanda ririho koko! Ariko mbabaze, Dieng yahindutse umuvigizi wa Kagome?

  • Uburundi ntibuhakana ihonyabwo ryabaye mu Rwanda! Buremeza nimba mwasomye neza ko ihonyabwoko ryabaye rikozwe na Kagome afatanije na FPR-Inkotanyi mu kwica abahutu n’abatutsi mu Rwanda kugira ashike ku butegetsi. Emwe, ntawarihakanye turazi ko mwarikoze n’ubu mukibandanya: mubaturira mu buroko, mubata mu Rweru, mubabuza kwiga amashure y’ingirakamaro, murabagiriza ihonyabwoko,... yewe ihonyabwoko mu Rwanda ririho koko! Ariko mbabaze, Dieng yahindutse umuvigizi wa Kagome?

  • ahubwo basomye nabi nibasubiremwo kurisoma kuko batahuye nabi nne ivyo yavuze ntaho bihuriye niri tanganzo batanze ahubwo bafise ico bagamije nibateshwe bate abo bazungu ntabo dukeneye muburundi bwacu

  • Dutegamaso ivyamakungu naho atawutabizi,ingabo za onu zari murwanda zahenze bikomeye zitabantu mukaga ziragenda-muri sudani hariyo ibihumbi 12000 ariko raba ibiriko birahaba!!muri congo rdc ririyo ariko ntizibuza akajagari kariyo nahandi tutavuze.abazeye agakiza kungabo za onu barambabaje:uburundi nigihugu cigenga cikukiye kurenga kurivyo bizozana vyishi tutari twitezenayurupfu rwitegure mukarere kibiyaga bigari nomuri afrika.hasigaye umwakumwe murwanda baje mumatora mandaya3(!!!!???)murikongo nukonyene umwakumwe mandaya(3)(!!!!!????)ikibazo nibaza nibande bapfacane kurutabandu murababantu baba bahanganye??uwobivuganeza nuko ntancabwenge muri Africa zihari bose baracari ba nyamujiyobigiye.mumbabarire sinkunda abantu batuka abategetsi kuko nibihe vyabo.Kagame ndamwubaha-Nkurunziza ndamwubaha-Buyoya ndamwubaha-nabandibose nuko.gusahariconovuga asangwa koko ikibazo ari manda urwanda na congo ntivyoshiragati muryinyo nkaharamahoro-none bazanka manda yiburundi bakunde izahandi???!!!jeweKagame ntajwi ryiwe ndumva kuvyuburundi numugambi abufitiye, ababivuga yobatanabazi kukonabandika ntibaziyobija niyobiva;nibazako umuntu azi politique numuntu azi ingene urusoro rumeze ataruwumva umuziki wimbundagusa arabona kwakarere kageramuwe!!! Abadutegeka nibajehamwe bige ukuntu bakingira abanyagihugu babo kuko nta burundi buzogiringorane ngurwanda rusigare na congo nukonyene.ikibabaje !none kobabona ukwabazungu babipanga nicobagamije bo barihehe?? Batitonze East Africa irasambuka tubibona,raba sudani-uganda-urwanda-uburundi-na kenya-na congo-ibibihugu vyose isizavyo zirasamye harico ziteze.inkurunziza nuko hariho abasengera ibihugu vyabo nakarere ariko nubwenge burakenewe:soma Amosi 4:6 havugango niwabura ubwenge nanje nzokureka.ntantambara izoba muburundi na murwanda kukonibihugu bisangiye vyishi ,ikigihuhusi camagambo ImanaIzogihindura ubusa amahoro agwire-hubahwe IMANA MUBURUNDI-NOMUNCUTI ZABWO-NO.URWANDA RUTAVUYEMWO .tuyitunganire ikorivyishaka arikobareke icabenegihugu bahisemwo kibarico gikorwa nibaba babakunda.nagira mbasabe abandika mukoresha amazina yabategetsi mubireke kuko Imana niyibashiraho ninayo izobabaza ivyobakoze kandi ntiraba nkabantu izibirimbere mumitima..ibituberabibi kuriyo ibikuramwo ivyiza kandi ntiduhitishamwo kuko ntaciza kibamumuntu IMANA itahabaye.turakarama mubihugu vyacu

  • Inkubisi y amazirantoki irayitarukiriza.Aba genocidaire Baguma bavuga ko itabaye Mu Rwanda.mais ababivuga n izo mbonerakure nyene zirirwa zimena amaraso y abarundi kandi amatwi adusumira bafatikanije n interahamwe

  • @Nkundurwanda wowe uri Inyangarwanda kandi abantu nkamwe tubajyana mu ngando tukabagarura mubuzima bw’abazima kuberako benewanyu babarundi ntako batatwiyenjejeho turabihorera,twe turarasa ntituvuga,itonde rero utazazira akarimi kawe

  • MBE BANTU MWANDIKA IBI VYIYUMVIRO NDABABAZE GATO HAGIRE UWUNYISHURA MUJEJWE GUTUKANA GUSA AHO MWOKUNGURANYE IBITEKEREZO KANDI MUKARABA N’INYISHU Y’IBI BIHUGU BIBIRI BIFISE NONE IYO WANDIKA AMAJAMBO YOGUTUKANA GUSA NIYO NYISHU Y’IBIBAZO URAVYANDIKA NTANYISHU URONKA UBA WICAFURIZA UBUSA KUMUTIMA WAWE MURAKOZE NDABASABA INYISH

  • @Jean uri umunyakuri cyane,abayobozi b’u Burundi surtout abari muri CNDD baratwishe cyane, ababaga i Nyamata, Mumena,Gitarama n’ahandi henshi mu Rwanda,twe ntagitangaza tubibonamwo,ariko amateka azabibabaza

  • Inyishu niyi abategntsi buburundi naburwanda barahurira munama ya EAC kugira bakuringorane.Mugabo mwitangazo rya CNDD-FDD ntakinyoma nagito kirimwo,jenyene nahondihanze,ndemera kwatahonyabwoko ryabaye murwanda.nakagame araziko yabayesisteme yokugera kubutegetsi.

  • Yvan abafise ubgoba barazwi, urazi umuntu afatiwe mukinyoma? Aca aruca akarumira kurya kugwanda nyene! Rirya tanganzo rivuga ukuri!!!

  • UWOMUNTU YIYITA NGONUWA ONU NDABONA AKWIYE GUFATWA AGASHIKIRIZWA UBUTUNGANE KUKO NDAKURIKIRANYE NEZA IVYO AVUGA NSANZE IKIMURAJE INSHINGA ARUKURONDERA ICOTUMA BAMWE MUBARUNDI BAGUMUKANA RETA!
    UMVANAWE CNDD FDD YARAVUZE KUBURYO BUTOMOYE KO HARIHO ABANTU NOKWITA KO BATIGEZE BAVURWA MBEREYOKWEMEZA KO MURWANDA HABAYE GENUCIDE KO NABO BAGIZE URUHARE MUGUTUMA MU RWANDA HABA GENUCIDE , NINKUKO UYUMUGABO NGWAKORERA ONU YITWA DIENG ADAMA MUBONA AGUMA ARONDERA ICOTUMA HABA UMURWI WABARUNDI RUNAKA WOGUMUKA KUKO URINZE WAGUMUKA BISAYUKO BOBABUMVIYE AKAMO WATEWE NUYU ADAMA DIENG, IVYONAVYO VYUMURWIRUNAKA KWUMVIRA ABANTUNKABA NGONIBA DIENG ADAMA BIRIMUVYATUMYE IRIYA GENUCIDE YABAYE MU RWANDA IBA, KUKO ABANTU NKABA BA DIENG ADAMA BABASHIJE KUBWIRA NOGUSHIGIKIRA UMURWIRUNAKA GUKORA IVYOBAKORA NONEHO BIBAKWEGERA AMARIRA NAMABOROGO NONEHO INYUNGU NTIZABAYE IZABANYARWANDA MURABONA KOZABAYE IZAKARWI KABANTUBAKEYA BABANYARWANDA NABANDI BABANYAMAHANGA ARINABO BAHAYE AKOKAZI DIENG ADAMA KOGUKOKEZA KUBIJANYE NUBURUNDI KUGIRA BARABE KOBOBWIHARURIRA BABANJE GUTEZA GUTIKIRA KWABARUNDI MAZE ABASIGAYE BAGATAKAZA UBURENGANZIRA BWOKUVUGA IKIBARIKUMUTIMA KUKO MUBONA MU RWANDA ABITWA BA: GEN KAYUMBA NYAMWASA, TWAGIRAMUNGU FOUSTE,DR. RUDASINGWA,INGABIRE,UMWAMI KIGERI,PASTEUR TWAGIRAMUNGU, NABANDINABANDI BAKOZWEKO NA GENUCIDE YABEREYE MU RWANDA BAMWE BARATAYE UBUBU BAROMOKA BAKOMEJE GUHIRWA BUHONGO IYOBAHUNGIYE ABANDI BARAKAZIVYE BIRIRWABARAKOMERA AMASHI BABUGABOBWIGABA NIYOBAVUZE IBIDAKWIYE KUVURWA KUBERANYENE BABAHABABAYE KUBERA NINYUMA YA GENUCIDE UWAGIRA ARAGIRA ICAVUZE BACAMWAMWAGIRIZA INGENGASI UWO BAKABONA ARISHWE CANKE BAGATA MUGASHO AKAZOSANGUKIRAYO. ABOBOSE BAKORERWA AYOMABI NABACITSE KWICUMU KUMABI YABAYE AGAHITANA ABABO.
    TWEBWE NGAHA BURUNDI TWARAFATIYE AMASOMO KUVYABEREYE RWANDA KUVA 94 KUGERA UYUMUSI TURASAVYE MUREKE KUGUMA MUDUHATIKIRIRIZA NGO DUCANEMWO KUKO UWOMUGAMBWE CNDD FDD NUBWOMUBONA BIRYABISOMWA NUMUNTUMWE ARIKO ARYAMAJAMBO ABAYARONDEWE NABESHI AKABA AFITIWE GIHAMYA AHOMUZOTANGARIRA NUKO NABOBATUTSI MUCAMUSHAKA KWITIRANYA NABATUTSI BOMU BURUNDI BOMU RWANDA BARAMAZE KUBAKINYURA KUKO IVYOMWATEJE MURWANDA MUMYAKA YAHEZE VYAKOZEKO ABANYARWANDA BOSE ARIKO KUBERA BOBO BASANZWE ARIBAKE BARASINZIKARA CANE NDABABWIRAKO NUBWORERO MUSANABABAHATIRIRA NGOBAKORE IBINABIRIYA NGOKUGIRA BAKORERWE AMABI ABATUTSI BIBURUNDI BESHI BOBO KUGERUBU BARAMAZE KUBAHINYURA NICOGITUMA MUBAHAMAGARIRA GUTANGUZA IVYOTUMA MUBURUNDI BARYANA NKUKO VYABAYE RWANDA 94 MUKUMVIRWA NABANGANA 0.0000% KUKO NUBWONYUMA MUSHIRAHO GUCIRA AMAMANZA ABABABASINGAYE ABATUTSI BIBURUNDI BAMAZE KUMENYAKO AGAPFUYE KABAZWA IVU.
    NDARANGIJE NDABABWIRAKO MURIBI BINTU CNDD FDD YANDITSE NAMBARIBIVYANDITSE NGAHA NTAHANTUMBONA HANDITSE HAVUGAKO BATEMERA KO MU RWANDA HATABAYE JONUCIDE AHUBWO MUKUYEMERA KOYABAYE BANABASHIRIRAMUMUCOKO MUGUHANA ABAYIKOZE HARIHO ABOMWIBAGIWE .
    JEWE NANJE UKONDABUMVA MENGO IYUMUNTU AVUZE KO HARIHUMUNTU YAKOZE IBINTU BIKABINYANDURUKO YOKUBA KWIRYA JONUCIDE UYOMUNTU UVUZE BIGAHURIRANA NUKO ATARUWO MUBWOKO BWABAHUTU IVYO AMAKUNGU NTAVYEMERA VYEREKANAKO ABANTU KWISI YU RWANDA BICA ARABANTU BOMUBWOKO BWABAHUTU GUSA UVUZE KO UMUTUTSI YOKWICA UMUNTU UBWONYENE UCAWANGIRIZWA KO UHAKANYE JONUCIDE, UVUZEKO HARIHO ABAZUNGU BAHIZE URUHARE MWIRYA JONUCIDE YOMURWANDA UCAWAGIRIZWA KUHAKANYE JONUCIDE.
    IVYORERO MUKWIYE KUVYITONDERA CANE KUKO HARAHO MUZOSANGA BITAHIRIYE INGARUKAMBI ABARUNDI NABANYARWANDAGUSA AHO BAZOMARIRA GUTAHURA KO MURABO KURYANISHA AMOKO YOMURIVYOBIHUGU GUSA MUZOTAKAZA VYISHI KANDI BIZOTANGURA NOKUBAGORA KUZOSUBIRA GUHONYOZA IKIRENGE MWIVYOBIHUGU KUKO AMOKOYOSE ABIGIZE AZOSIGARA ABABONYE ABAKURIKIZA AMASO AVUGANGO BARIYA BASA NABIGEZE KUTURYANISHA MURIKAHISE.
    HANYUMA USOMYENEZA IBIBANDITSE ABA CNDD FDD BIBONEKANAKO BATARIMUNTUMBERE YOKUVUGA KUVYU RWANDA AHUBWO BABISHIRAMWO IVYURWANDA KUBERA ROMEO D YAKOREYEYO MUGIHE CA JONUCIDE BANEMEZAKO BAMUZANYE MUVYUBURUNDI KOYOCA ABUSHIKANA AHOYASHIKANYE ABANYARWANDA MURI 94 MURI GENUCIDE MUSOMYENEZA NTAHOMUZAGUSANGA IVYOGUHAKANA GENUCIDE YABEREYE MURWANDA.

  • Barayamaze ngo : Les chiens aboient la caravane passe. mubandanye Cndd la fin de votre chemin c est laCPI namwe murabizi hahaha

  • Ariko DD muri ijuju kweli. Mwari mwumva anamyarwanda babavuga? Barabibikiye sha mwebwe mukomeza kumena secrets.

  • Nonese Nyabenda canke shebuja Nkurumbi canke Nyemitwe canke Bunyoni ninde wavuga neza Abatutsi ayo amajambo nuguhamagarira abahuntu bomurwanda kubafasha murugamba barimo bagandaguye abanyamurenge babanziza yuko arabatutsi none Rwasa bashize muruwo mugwi bita leta

  • @Nyamitwe!witonde cane gose,ivyo uvuga ko nta honyabwoko ryabaye mu Rwanda utazabizwa ukabura inyishu!

  • Ivyihonyabwoko nibabireke.mbe KO abahutu bapfuye kuva uburundi bwikukira kuri bâ micombero,Buyoya..KO atavyihonyabwoko vyacuzwe?murwanda KO bavuga ihonyabwoko ryakorewe abatitsi,urazi abagutu bapfuye mû Rwanda?abo bazungu urazi amacakubiri yabo.kuki batavuze ihonyabwo muri 1972,1988,..
    .nibayeshwe bâté twarabahinyuye ntibakunda intwaro y’abagutu

  • Ayo namatakira ngoyi imana ntiyakweme kukomeza kwica ubwoko bwayo peter wowe uzatungurwa

  • @Nyamitwe!uvuze ukuri ariko ubu c’est trop tard,Peter ntaco yoganira na Kagame, vyaraheze ahubwo mwitegure kumushikana (Peter) muri sentatei la Haye

  • MU RWANDA,BARAHINDUYE IBWIRIZWA NSHINGIRO,KUGIRA KAGAME AGUME ATWARA,MU BURUNDI IVYO UMUGWI CNDI WASHIKIRIJE NI IVYIYUMVIRO VY’ABARUNDI BENSHI,KUKI SE MUVYANKA?IBIHUGU BIKOMEYE BIREKE KURONDERA INYUNGU ZAVYO.AMASEZERANO YA ARUSHA N’IBWIRIZWA NSHINGIRO SI BIBIRIYA IDAHINDUKA.BIVANYE N’IBIHE TUBA TUGEZEMWO,IBINTU BIRAHINDUKA.

  • onu ngomba ndayiremesheku burundi,ubu anegihugu nibobafita ijombo.Ivyo vyihonyana mugumiza mukanwa kanyu sivyo abahutu, abatutsi na batwa biduhanz ingomugihu mutohoz muzosanga abomuvuga ngobagiye kumarana bariko basangira umukenke,ikivi,mbere ukomubishusha mukubivuga natwe abanyagihugu dushishikara bimwe bikomeye gufanamunda kandi murabibona,indotombibamwebamwe bafitiyeuburundi bazomaramara kuko Imana ihagaz cane kubashako igihugu cogumagitekanye barundi Mana yomwijuru urashishikara guhagarira igihugu cacu onu izigende ahobiriko biracika muburundi na handi.SiSomaliya baguma kurya badahinduka.

  • @Kanobana nawe uratwenza pe, ngo murarasa ntimuvuga! Ninde atazi kurasa? Abanyarwanda ubwibone ntimububuze! Aha wararavye usanga wewe ntawogusanga aho uri? Iyo umuntu avuze ukuri muca murondera kumwica! Wewe niwe utazi ko Kagome yahoneje abanyarwanda kugira abe umukuru? Mwama muririmba ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mutazi uwarikoze, mwanikira amagufa ku gahinga ngo nibwo butwari! Ubujuju bwo si ubwo mubuze. Ihonyabwoko mwararikoze, emera ko mwihekuye muhekura n’Urwanda!

  • Mbega kuvuga kahise ni bibi ? Umukuru w igihugu c Uburundi yarasiwe mu Rwanda kabaye akamizwe n ingoma ? Urubanza rwiwe rukwiye gukurikiranwa ,

  • @nkundurwanda
    Niba ufite ubwenge wirinde ibyo uvuga. Nukomeza gukinisha ibyo guhakana genocide mu minsi mike uriya Pascal Nyabyenda avuga isi yose ibyumva azicuza ntagaruriro afite. Azafungwa vuba cyane. Naho ibyo kurasa niba uri Umurundi uziko ko nta rugamba murartsinda. Igihe cyo kubarasa nikigera muzaraswa cyane. Uzabaze Zimbabwe yararashwe, Congo yararashwe, Angola yararashwe. Burundi ntabwo yamara kabiri.

  • Le nouveau chef du CNDD FDD Gen Evariste ntiyaraye anyomoje ibyari byaravuzwe na Pascal Nyabenda ko nta Génocide y’Abatutsi yabaye mu Rwanda, mwagize ubwoba bwiki ko mutangiye kwinyuraguramo?hhahhh strong Rwanda

  • Nkunda umugabo ntaco ampaye,Shema uri umushingantahe kabisa,erega twe ngaha mu Burundi nta bayobozi bafise ubwenge tugira, akarenze impinga hajya bigenda gute?

  • @ Musaga, nimba utaremera komuburundi atabayobozibahari, rindira ejo uzotebawemere kwabayobozi bahari.

  • IYO ABATEGETSI BASHOBOYE BIRINDA KUVUGA IVYO BABONYE VYOSE. ABATEGETSI B’UBURUNDI WAGIRANGO BATWARA IGIHUGU KIRI CONYENE KW’ISI!! NI GUTE USHOBORA GUHAKANA GENOCIDE YABAYE KANDI YEMEJWE N’AMAKUNGU, UKUMVA KO BIZOKUGWA NEZA? EREGA N’IBINDI BIHUGU VYABAYEMWO GENOCIDE NAVYO BIHITA BITANGURA KUTURABA NABI, NONE GA YEMWE UBU TUGIYE KUBA ABANSI B’ISI YOSE? YEMWE ABA BATEGETSI BACU BATAREKEYAHO KWITWARA NK’IMPEHE BIZOBAKORAKO NUKURI!

  • Ariko uwo ntaryamira mwitwaza ko yarasiwe mu ndege ya mwenewabo, ubundi wabonye hehe kwisi umu president utege lift, yagiye mu Rwanda gukokora iki uretse gutegura genocide , mwebwe CNDD-FDD muzavaho nabi cyane ikibazo ni gihe gusa .

  • @Hutsi!erega ntukunda u Burundi kundusha mutama, none wovuga gute ko dufise abayobozi, Président yibera mu kinyegero?ntaja munama n’abandi bategetsi none wumva dutwawe gute?

  • Ntawihayagiza acambara ibigwanishwa ajakugqana ! Ahubwo yihaya atahutse avuye kunesha.!!!akarimi numuntu ntacobipfana .Nzovu nturumugwanyi kuko ubuzi obibihugu udondahuye ababigwanyemwo ukobangana!!!su Rwanda mgwabigwamiyemwo uzubaze abarikurugamba ureke gushusha inkuru.abasirikare babarundi nabanyarwanda barazinanyi kuko hariheshi bahuriye!!! We we urazi ibyifundi ikora ibivuzo mukubitoba!!! Uwuzoteruburundi were uretse nurwanda nikwazomera .niwabuzi kwarimwe mwatsinze Congo karibu muburindi handikwe amateka mashyashya.

  • At Muyaga , ucushaka cobarigiki kumukuruwogihugu kumbure ntihobora icondabigufashamwo ariko ukururwamo ngaho.

  • @Hutsi ubona womfasha iki utazi no gusiga espace mu myandikire yawe, sohoka murico kibira uje muri yagamukama du moin umenye kwandika

  • Nta mututsi nta muhutu twese turi abana b’ Imana njyewe sinzi icyo dupfa. wagira ngo nta bwenge tugira. Abazungu baradutandukanyije turabyemera none twirirwa twasamye dupfa ubusa.

  • @Mbazumutima Jerome
    Wowe uzabanze usubire muri primaire hanyuma wige kwandika nibwo nzagusubiza. Ntabwo nasubiza umuntu wanditse ubusa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.