Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwarateye intambwe mu kworohereza abanyamitahe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburundi bwarateye intambwe mu kworohereza abanyamitahe

Uburundi bwarateye intambwe mu kworohereza abanyamitahe

mardi 12 Munyonyo 2013

Uburundi bwavuye ku kibanza c’157, mu mwaka w’2013 kija ku kibanza ca 140. Ivyo ni ibiri mu cegeranyo "Doing business 2014"

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri yaratanguje ku musi w’ejo umwiherero uzomara imisi ibiri. Uwo mwiherero ukaba ari uwo kurabira hamwe ivyohindurwa mu kugira bateze imbere igisata c’abanyamitahe mu Burundi. Mw’ijambo ryo kwugurura ibikorwa, yamenyesheje ko Uburundi bufise ikibanza c’157 mu mwaka w’2013. Bwavuye mu kibanza c’140 mu cegerenyo "Doing business 2014", aho ni mu bijanye n’ukworohereza abanyamitahe.

Uwo mwiherero usozerwa kuri uwu wa kabiri ni akaryo kubahurikiye muri ico gisata co kworohereza abanyamitahe muri rusangi hamwe n’umurwi w’abahinga kugira bongereza ubushobozi kugira igihugu c’Uburundi kigire impinduka cane, na cane cane muvyerekeye ivyokwega abanyamitahe kuzana imitahe yabo mu Burundi.

Kubw’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevasi Rufyikiri, Reta y’Uburundi yarakoze ibishoboka kugira yorohereze abanyamitahe. Atanga nk’akarorero ko hahindutse ibintu vyinshi mu vyerekeye intambwe zose zisabwa mu gutanguza ishirahamwe. Izo nazo akaba ari izerekeye ukuntu batanguza ishirahamwe, uko rishinga imizi, uko rishobora kuronka imfashanyo, uko rikora ku musi ku musi, hamwe n’ukuntu ryovyifatamwo mu gihe hadutse ingorane.

Gerevasi Rufyikiri akaba yaboneyeho akaryo ko gushimira Reta n’abandi bose baterereye kugira haboneke utwo turusho twose.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.