IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwasozereye ikiringo cabwo mu burongozi bwa AMISOM

Uburundi bwasozereye ikiringo cabwo mu burongozi bwa AMISOM

samedi 13 Kigarama 2014

Ikiringo Uburundi bwari bwahawe mu burongozi bwa AMISOM carangiye kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 12 Kigarama 2014. Mu gisirikare c’Uburundi barakeza ubutwari abasirikare b’abarundi berekana muri ivyo bikorwa vy’ukugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya.

Kuva mu kwezi kwa Kigarama 2013, ku ncuro ya mbere, uburongozi bwa AMISOM bwahawe intwazangabo y’umurundi, Lieutenant Général Silas Ntigurirwa w’imyaka 45, yasubiriye mu kibanza cahoramwo umuganda yari amazemwo imyaka itandatu. Uwo yahora ari umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi, Lieutenant Général Silas Ntigurirwa, yarangije amabanga yo kurongora ingabo za AMISOM (African Union Mission in Somalia) kuri uwu wa gatanu.

JPEG - 39.3 ko
Lieutenant Général Silas Ntigurigwa arongoye ingabo za AMISOM

Mw’itangazo basohoye kuri uwu wa gatandatu, mu gisirikare c’Uburundi barakeza ubutwari bw’abasirikare b’abarundi barungikwa kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya, kuko bashoboye kugaruza (bari kumwe n’abandi bo mu bindi bihugu) ibisagara bitari bike vyari vyigaruriwe n’abarwanya Reta ya Somaliya. Muri iryo tangazo bakamenyesha ko ari iteka rikomeye ku Burundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mugarukane abasirikare bacu bose kuko urwanda ruri gutegura kudutera kugira duce twivuna umwansi uretseko nabari muburundi bovyishoboza dushaka gukora akazi binyarukije abanyarwa barirata bibaza ni amasare

  • Silas Ntigurigwa, iyabazi ukobongera amapeti nacandakwongererako izindi pete mbese ntibagiwe nabomurikumwe, ariko ndafise kubasbimiri murabagabo bu Burundi no mumakungu.

  • ahubwo nibakureke ubarwanye wenyene!twe duhamagarirwa kurwanya abavukanyi ga wakijujuwe!rwanda-urundi ni semusemu petit!

  • mwarakoze ngabozuburvndi gutuza zizya ntagondwa zabisiramu nabandi bagomvye boteshwa bagata

  • Ziryantagondwa za Al shabbab saba Islam basanzwe nkaba mubonangaha Burundi, Congo,Tanzaniya, Rwanda, Auganda, Somaliya, Iran, Maroc, ekambese gushika mubihuguvyose vyokw’Isi , baryarero nabiyitirila Islam bagendera kumatwara yokutihanganira abobadahuje ivyiyumviro abandibabita abagendera kumatwara akaze nukuvuga bakacabagira ningorane yuko uwowese atemeye kuyubahiriza babonako adakwiye kubakw’Isi ahubwoko abaruwokwicwa, arikomuvyukuri sibobababakwiye guhangana nabantu babonye arabanyavyaha ahubwobaba bakwiye kubasengera kugira bazohinduke abubahiriza amatwara yabo batabahindukirira bakamenya uwobakorera ariwe Alah (Imana) kwariwe azohana, ngico igitumye abakristu biberaho mumahoro hagati yayandi madini bakwigishije ukabapinga bakubwirako niwakomeza ukwuruko ukanka kwihana Imana izoguhana, kandindazi nongaha Burundi hariho abakristu bahinduka aba Islam kandihariho aba Islam bahinduka abakristu, ariko murabonako bataca basukwamwo ama bombe nabayoboye amadini bavuyemwo. Birakenewe rero ko tumenyera kuvugako Al Shabbab arivyihebe vyiyitirira idini ya Islam.

  • Iyo mbonerakure canke interahamwe (kuko ataho batandukaniye)ninde yayibwiye ko dufitanye ingorane n’abanyarwanda? Ingorane dufise ni uko aba DD bova ku butegetsi igihugu kigatunganywa neza, corruption ikagabanuka canke igahera, tugakora, tukiteza imbere nk’abandi.

  • @elestin
    Mugenzi, kugira turonke amahoro iwacu no mu karere, inyishu si ukugwana. Abanyarwanda ni abavukanyi bacu kandi dufise vyinshi biduhuza. Abavukana rero si ukuvuga ko igihe cose ibintu vyama vyera de hagati yabo, oya namba, kuko urazi ko ngo "ahari abantu hama hanuka urunturuntu. Mu gihe rero havutse ikibazo mu bavukana canke ababanyi, ukugitorera inyishu si ukugwana. Inyishu irama ni ukuganira bakarabira hamwe aho ico kibatera kutumvikana cazananye, bamaze kubona imizi y’ikibazo baca baronderera inyishu hamwe. Nibaza ko ariyo nzira ibereye hagati y’urwanda n’uburundi, nayo ingwano nta ciza izana Atari amarira n’amaganya gusa.
    Urakoze.

  • @ Asifiwe, kabisa urafashije cane, muvyukuri harakarwi kabanyarwanda karikokaradukorera ibibabaje, uribuka mumisiheze karigeze kubwira bamwe mubarundi ngonumuvuge Ko leta yuburundi iriko irategura jonuside wibuke kobabivuze kakarwi kabanyarwanda kaca gatangazango muburundi nihagira umututsi yicwa ngontituzorinda kubaza ONU ngotuzoca tugendagutabara, rekandababwire icakurikiye kuberata jonuside nyineyariyateguwe akokarwi nyumakagiyekihaya mugihugu vyarutura ngomwarabonye kotwavuze bakacabareka gukomeza kwitegurira gukora Jonuside? Nicogihe mwaciye mutangurakwumva igihugu vyarivyarafatiye ibihano u Rwanda vyaciyebitangura kwongera kubaha izomfashanyo, mwongere mwibuke Ko akokarwi karimo kavyuye imbarutso yamabiyabaye murwanda 94 kongerakonye kabitanguje karareka kubandanya kubikora noneho kandika mumatekango twagagaritse jonuside amakugu avyemerumwo ukovyabaye!. Asifiwe akokarwirero wumva karagoye uzogiraguti wumve kihayintumbi mugihugu cacu nonegamuvukanyi icogihe tuzocatuvuvanumunwa ngogezaho tuganire? Canke natwe tuzobanza tubereke Ko tudakaraba canke ukwurushato rwintama rwambarwa!?.

  • Sasa nakwambia lafiki yangu Twaje.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.