Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwateye igikumu ku masezerano abiri yo gufashanya n’ubushinwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburundi bwateye igikumu ku masezerano abiri yo gufashanya n’ubushinwa

Uburundi bwateye igikumu ku masezerano abiri yo gufashanya n’ubushinwa

mardi 11 Munyonyo 2014

Reta y’ Uburundi iri kumwe n’Ubushinwa yateye igikumu ku masezezerano y’imfashanyo igera ku miriyoni 30 z’amadorari y’abanyamerika.

Ayo masezerano yatewe ko igikumu n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Tabu Abdallah MANIRAKIZA ari kumwe n’uwusanzwe aserukira igihugu c’ubushinwa hano mu Burundi Yu Xuzhong.

Amwe muri ayo masezarano, n’imfashanyo igera ku miriyoni 50 z’amayuani n’ukuvuga imiriyoni 5000 z’amadorari y’abanyamerika. Ayandi masezerano n’ingurane izokwishurwa hariko inyungu igera ku miriyoni 150 z’amayuani nyene n’ukuvuga imiriyoni mirongo ibiri na zibiri n’ibihumbi amajana indwi na mirongo itanu z’amadorari y’abanyamerika.
Nk’uko uwuserukira igihugu c’Ubushinwa hano mu Burundi abimenyesha ari kumwe na Tabu Abdallah, izo mfashanyo zizofasha gushira mu ngiro imigambi imwe imwe izoba yumvikanyweko n’ayo ma Reta uko ari abiri.
Umushikiranganji Tabu Abdallah yashimye iyo mfashanyo acaremeza ko iyo migambi izotorwa bivanye n’ubusumbasumbane bwayo.


Floxella karire

Messages

  • Komeza turabashifikiye, mazerero mugukomeza umugambi musanganye wogutezimbere igihugu mukomeze umugambiwogushira Ubuntu vyinkoramutima kurwego rwigihugu muntara zitandukanye zigihugu, nkakarorero urupapuro ruhuburenganzira umuntu rwogutwarimodoka ntiharihakwiye kubahakiriho abakirinda kuja muyindi ntara kandi murakwiye kurondera abahinga bandika amategekoyose yogutwara imodoka nibibazovuose bisanzwebibazwa uwugiye gusaba urworupapuro maze mugakoresha ikoranabuhanga ivyobibazovyose mukabishira mumachine (computer) noneho uwuje gukora ikibazo akicara akagikorera kimashone ikabariyo imubwirako yananiwe canenke yatsinze ivyonavyobiri muvuogabanya gukwegerabamwe kurwamurudubi rwokirya ibiturire kandi mumisoyakazi abantubagakomeza guhabwikaze kukuza gukora obibazo eregabirimwo nokwijiriza leta kandiburya ubutunzibwambere nabantu’ ivyokandi bizotuma bicintege bamwebakora izompapurozamagendu nyajubahwa icegera cambere aheritse kigabisha abazikora nabazigura, Kandimwibuke kuzamurahamagarira abobarwizatunga gukorera muntarazose zigize uburindi. Ikindintakwiye kwibagira nibibijanye na posts zakirobintubivuyehiryanohino bubihugu bitandukanye, kubona umuntu arungikiwe aga computer laptop nincutoyiwe irimubihuguvyakure bigasabwa kwarindakuja kubitorera Bujumbura kandasanzwe abahariyaza Kirundo ahohantu haracintege abababarungitse akoka gift, jewererondafise iciyimdiro, mwarimukwiye kwiga uburyo mwokworohereza benibintu mwububuryo: Mukarungikira amakomine yosemwabonye koharimwabantu barungikiwe ibintunincutizabo kokwitariki runaka imodoka yappsita izozana ibintuvyabongaho kwikomine biranashoboka mugashiraho umusumwe mukwezi canke umusumwe mumezi atatu yimodoka izana imizigo kuma commune, noneho buri commune abayibamwo bakamabazi umusi bashobora ujakureberako kohobaharihincuti yamurungikiye ikintu murumvako hobahariho igipapuro kimanitse ahabona kugira uwariwewe yirabeko izinaryiwe ririmwo nacanecane iyo umuntu akuringikiye ikintu arabikubwira wojakuraba kubera USA zwe ufise message, icogikorwamwagikozeneza conatanga akazikameze nkagasha, kukomwovugako murayo makomone kuriwomusimwaziyeko kwanashaka kuringikira Ubuntu incutizabo kazobarakaryokeza kokubizana. Icitonderwa haramahera yotangwa imbereyogutora umuzigo. Murambabarira ikinigikorwa cabahinga kwarugitanga inforo gusa.

  • Ariko izinkuru nizo!!kuberiki ako kagabo mwashize,aho hejuru nkifuku namarineti kemeye ko arifashanyo atarivyo???30 15 _5 aho harimwo ifashanyo ncanke???? Umushinwa arazi guharura ewe burundi bwanyBurunga aruzuye ibizeze kabisa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.