IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwateye umukono ku masezerano yo gufashanya na Tirikiya (...)

Uburundi bwateye umukono ku masezerano yo gufashanya na Tirikiya muvy’inyigisho

vendredi 11 Nyakanga 2015

Ubushikiranganji bw’indero,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi mu Burundi,bwateye umukono ku masezerano yo gufanya na kaminuza Hacettepe yo mu gihugu ca Tirikiya.

Itangazo ryashikirijwe n’ubuserukizi bw’Uburundi muri Tirikiya,rivuga ko ayo masezerano yerekana iyindi ntambwe mu gukomeza no mu kugwiza ubucuti buri hagati y’Uburundi na Tirikiya.

Ayo masezerano yateweko umukono kw’igenekerezo rya 9 Nyakanga 2015,atuma abanyeshuri bava mu Burundi bazoja kwiga kuri iyo kaminuza bakagabanirizwa amafaranga y’ishuri bivanye n’ivyo impande zibiri zizoba zumvikanye.

Muri ukwo gufashanya,abigisha canke abakora ubushakashatsi bahanahana ivyiyumviro kuvyo bazoba bumvikanye vyobafasha.

Ayo masezerano kandi azokora no mu bijanye no guhanahana ibikoresho vy’ubuhinga.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.