IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwemeye ko ikiziga ca Jaques BIHOZAGARA gitahukanwa mu (...)

Uburundi bwemeye ko ikiziga ca Jaques BIHOZAGARA gitahukanwa mu Rwanda

lundi 4 Ndamukiza 2016, par egide

Inyuma y’iminsi itanu iheze apfiriye mw’ibohero rikuru rya Mpimba, umuryango wa Jacques BIHOZAGARA waronse uruhusha rw’ugutahukana mu Rwanda ikiziga ciwe.

Amakuru atangwa na Amandin RUGIRA aserukira Urwanda mu Burundi avuga ko urwo ruhusha rwabonetse kuri uwu wa mbere.
Ubutungane bw’Uburundi bwari bwamenyesheje ko butegekanya gupima icahitanye ubuzima bwa Jacques BIHOZAGARA yahoze ari umushikiranganji mu Rwanda ajejwe gutahukana impunzi, aba n’uwuserukira Urwanda mu Bubirigi hamwe no mu Bufaransa, akaba yapfiriye mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuri uwu wa gatatu.

Amakuru atangwa n’abegereye ubushikiranganji bw’ubutungane bw’Uburundi amenyesha ko umuryango wa Jacques BIHOZAGARA wanse ko ibipimo vy’icamwishe vyokorerwa mu Burundi biteguwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane bwari bwamenyesheje ko buvyipfuza.

Jacques Bihozagara yafashwe kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2015, yagirizwa ko ari mu Burundi nk’umusumyi w’urusaku, akorera igendereza ry’Urwanda. Yabanje gupfungirwa mw’igendereza ry’Uburundi, mu nyuma atwarwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho yapfiriye mu buryo bwatangaje abo bari bapfunganwe kuri uwu wa gatatu.


IGIHE

Messages

  • Niyihangane Nikobimeze

  • BIRATANGAJE KWERI.IMANA IMWAKIRE MU BWAMI BWAYO

  • BIRATANGAJE KWERI.IMANA IMWAKIRE MU BWAMI BWAYO

  • Kagame niyashaka insiguro kubijanye nugo rupfu guyo nyakwigendera niwe azobanza aduhe ibisobanuro kurupfu rwa Ntaryamira eka nayandi mabi ahaye akoregwa muburundi abarundi bafitiye ivyemezo. ibindi navyo abarundi ntubagikangwa nitera bwoba.

  • Abarundi ibyo mukora amaherezo muzabyishyura.Ese ubwo bushotoranyi bugera naho kutwicira abantu nukugira ngo turakare turase?Twabwo tuzarasa.Ibyomupanga turabizi.Tuzacungana nuwambuka umupaka hanyuma nibwomuzamenya aboturibo.Ubufaransa ibyo bubabwira muzabona ingaruka bazabereka.Ayomavunja murwaye azikuba kabiri.Mugire ubwenge.

  • Ntaryamira muzamubaze HABYARIMANA wamuhaye rifuti.Bari bajyanye he ko yari afite indege ye?Muzamubaze Abafaransa

  • Mbega harya hariho Ubutungane mu Burundi? Muheza gufata Umuntu mumuziza i Gihugu aturukamwo nu Bwoko atariwe yiremye. Mwarangiza mukamwica hanyuma ngo mupime icamwishe! Erega mubaza ico muzi nka Mwarimu. aho mwabusya twari musi yurusyo!!!

  • ARIKO BURIYA ABARUNDI MUBONA MUDATWAWE NUMUNTU ATESHA AGACIRO IGIHUGU CANYU? IGIHUGU KIYOBOWE KIBANDI, DIPLOMATIE NTAYO, MBEGA PETER MUBONA AFITE VALEUR YA PRESIDENT? NARIGEZE KUMVA PETER MUNAMA I KIGALI AVUGA NGO GRAND FRERE KAGAME...TEGEREZA UZOBIBONA KO ARI GRAND FRERE NAKUAMBIYA.

  • ARIKO BURIYA ABARUNDI MUBONA MUDATWAWE NUMUNTU ATESHA AGACIRO IGIHUGU CANYU? IGIHUGU KIYOBOWE KIBANDI, DIPLOMATIE NTAYO, MBEGA PETER MUBONA AFITE VALEUR YA PRESIDENT? NARIGEZE KUMVA PETER MUNAMA I KIGALI AVUGA NGO GRAND FRERE KAGAME...TEGEREZA UZOBIBONA KO ARI GRAND FRERE NAKUAMBIYA.

  • sha reka mbabwire ayo maraso yuwo musaza mwanyoye azababahumura bidatinze muzabyibonera muhaze ayabenewanyu none mutangiye kugotomera nayabanyarwanda haaaaaaaa!!!! sha muzabaze izo nterahamwe mwashyize mugisirikare cyanyu ndetse nigiporisi cyanyu mbabwije ukuri abo ntantsinzi bazabaha usibye umuvumo niwo bazabaha gusa kandi urabona ko byatangiye swa nimutegereze umuvumo wanyagasani mwe muzapfa mwangara nkagahini umengo niwe muvukaho?.

  • Birababaje!Es Ikintu Kiriko Giteranya Uburundi N’urwanda Nikiko Mana Dusenga?Mana Niwe Twerets Ibivyose,nahubundi Ntamwana Wumuntu Yobimenya!

  • Natwebwe abanyagihugu twateye ivyatsi ubwobubisha bwabo bategetsi, ntitwashigikira ivyo vyi fuzo vyabo. yuko aribo bokora ibipimo vyuwo nya kwigendera, ntaho vyabonetse uwakoze ubwicanyi, rwabariwe yikoreribipimo, ntigishoboka. uwomuryango wakoze cane kutabemerera, kobakora kuriwe ngo bariko barapima.

  • abarunditurimaso’ntimwihend.Eseyariyajekugirante’muburundi’esemuzagutata’ikimuburunditurimasontimwihende’ntaryamiramuramwaramwishe!!Nonemushakanuwundi’twocatubamarappee

  • ABARUNDI BASHAKA IKI, MUMAJIJE KUGARAMA MUMAKUNGU NGO NIKIJUJU CYUMURUNDI NI POLITIKI, UBWOMUTANGIYE KWICA BANYARWANDA NKABIMWE MWAKOZE MUMUTARA,

  • @ Isaac wibazako tuje gutata mu burundi twarinda kohereza umutama yavuye muri politique?? None wibazako abazagutata baba babuze? Ese ubundi mu byukuri niki twaba dushaka mu burundi? Ni petrole se, ni zahabu se? ni iki mugira koko? Ese muziko byonyine mutunzwe n’imfashanyo zivahanze? ko naka Nickel ka MUSONGATI abafaransa n aba chinois bariho bakijyanira nyabusa? bababeshya ngo bazabafasha maze namwe mukajyaho mugatuka u Rwanda mwibaza ko babakunze... murababajeeeee cyane ariko. Amaraso y uwo mutama Bihozagara azabahame kdi muzapfe mwiruka imisozi.... gahini.com

  • None Uwomunt Ntiboraba Ivyob Vyamwishe

  • None Uwomunt Ntiboraba Ivyob Vyamwishe

  • ariko abarundi mbona mutagira ubwenge mwirirwa muvuga ntaryamira umunsi ukira muzamubaze ubutegetse bwariho muri 94 ntabwo ari fpr yategekaga icyo gihe ikindi ntabwo muziko abarundi benshi barimpunzi hano mu rwanda bakoze jenocide bafatanyije ni nterahamwe mwarangiza mukirirwa musakuza hejuru, yabanyarwanda mwishe muri génocide byose tuba tubizi

  • Ntaryamira murata aruta habyarimana,imivuyamaraso yturwanda yamenetse,ESEBUNDI YAJYAGA MUNDEGE YURWANDA IBURUNDI NTANDEGE MUFITE,IBYOMUKORA MUZABIBYISHYURA,MUMUTARA,...........MWACIYE MWICABANYARWANDA

  • Ntaryamira murata aruta habyarimana,imivuyamaraso yturwanda yamenetse,ESEBUNDI YAJYAGA MUNDEGE YURWANDA IBURUNDI NTANDEGE MUFITE,IBYOMUKORA MUZABIBYISHYURA,MUMUTARA,...........MWACIYE MWICABANYARWANDA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.