Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi, igihugu c’amata n’ubuki - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburundi, igihugu c’amata n’ubuki

Uburundi, igihugu c’amata n’ubuki

mercredi 3 Mukakaro 2013

Mu gisagara ca Bujumbura hariko harabera inama kuva kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Mukakaro 2013, iyo nama ikaba ihuza ibuhugu 34 vyo muri Afrika, aho bariko baraba ukwo igisata c’ubworozi conagurwa.

Abahinga baje baserukira ibihugu mirongo itatu na bine bazomara iminsi itanu barabira hamwe ibijanye n’ukwo igisata c’ubworozi cotezwa imbere mu bihugu bitandukanye vya Afrika ndetse bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa.
Nk’uko vyashikirijjwe na Simplice Nouala umuyobozi mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa ajejwe ibitungwa, avuga ko ibitungwa haba mu gihugu c’Uburundi canke muri Africa yose muri rusangi, biriko biragabanuka.

Uyo muyobozi akaba yavuze ko mu gutora Uburundi ngo kibe igihugu gihuriramwo abo bahinga bava mu bihugu bitandukanye ari uko Uburundi ari igihugu gishira imbere amata n’ubuki nk’ikimenyetso kiranga amahoro n’umutekano. Ati amata co kimwe n’ubuki biva mu bitungwa, kandi bikaba bifitiye akamaro amagara y’abantu muri rusangi. Ku va habaye intambara zitandukanye muri Afrika nka yose, ibitungwa ntivyasigaye inyuma ndetse bikaba vyagiye birahona cane, kuko bimwe vyibwa, ibindi bicwa, canke ibindi bikagwa mu buhungiro kuko vyaba vyabuze ico bifungura navyo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.