Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu bihugu 10 bikenye cane muri Afrika harimwo Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Mu bihugu 10 bikenye cane muri Afrika harimwo Uburundi

Mu bihugu 10 bikenye cane muri Afrika harimwo Uburundi

jeudi 3 Mukakaro 2014

Ibihugu bimwe vyo muri Afrika harimwo Uburundi, Centrafrika, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Niger, Liberia, n’ibindi vyugarijwe n’ubukene nk’uko bishikirizwa n’ibanki y’isi yose mu cegeranyo yashize ahabona.

Uburundi rero bukaba bwaheruka gushirwa ku rutonde rw’ibihugu bikenye n’ishirahamwe World Development Indicators Database (WDID) ko bugira 212, ku bihugu 213 vyari vyagizweko amatohoza mu mwaka w’2013. Ibanki y’isi yose nayo, ikaba yaciye ishira Uburundi mu bihugu bikenye 10, ku wa 1 Mukakaro uyu mwaka, igihe bwariko burahimbaza imyaka 52 bumaze bwikukiye.

Mwomenya ko mu bihugu biri mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, Uburundi buza inyuma ya vyose mu bihugu bibangamiwe n’ubukene. Abari mu mashirahamwe arwanya igiturire mu Burundi n’ayandi avuga ko arwanya ivy’ubuzima buzimvye, yose agakunda kwerekana uko Uburundi bwova muri izo ngorane z’ubukene habanje gutuzwa igiturire n’abandi bantu basesagura amatungo ya Reta.


Aristide Nizigire

Messages

  • None mwashaka tuve mu bukene gute dutwarwa n´abatangura kwiyamamariza amatora akwirikira iyo batsinze aya mbare aho gukora! Mwashaka Uburundi buve mu bukene gute n´ibiturire biri aho! Mwashaka tuve mu bukene gute ata vision abategetsi bacu bagira turetse kuja gusesagura n´utwo dufise ngo bagiye gutora udushimwe dutangwa n´amashirahamwe mato mato cane atanazwi hanyuma babaca basaba abanyagihugu kuja gutambira abo bategetsi nyene ngo bigina utwo dushimwe aho gukora?
    Igihe co kuri Bagaza mwari bwumve Uburundi havugwa ubukene nk´ubu? Ntitwari mu bihugu vyo muri afrika bitera imbere vuba? Aho hari kera! Twizere ko tuzohava dusubira kuronka umukuru w´igihugu yiyumvira iterambere kandi ashira inyungu z´abanyagihugu imbere. Uwo ashobora kuva muba DD canke ahandi. Nkurunziza yaratweretse ces limites.

  • Nkuyumuntu ngo ni Uwubizi!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!??? urazana ivyokuri Bagaza uburundi bugifise ababubamwo batashika million 5 ukabigereranya nuburundi bwunomusi bufise ababubamwo bashika million 9? Reka ivyuyumuntu yanditse vyose ntanakimwe cerekanakoko kwarico gituma uburundi bukena, Umukuruwigihugu guhabwa ubushimwe vyotuma igihgu gikena? kujakumwakira vyotuma uburundi bukena? Kwiyamamaza vyotuma uburundi bukena? Umuntunkuyu uwomuha ikibanza cokugira arwanye inzara murabona vision zero (0)

  • Igiturire, ukwiba amatungo ya reta, gufata nabi ivya reta, gushira mu nzego abanyamashure ariko atamigambi bafise, kwinjira mu bushikiranganji bafise intumbero zo kwiyubakira amazu no gutunga, kudakunda igihugu, kudahana, kutagira ubutungane bwidegemvya .... Ibi nivyo soko y’ubukene bwugarije Uburundi.

  • Ewe burundi waragowe ufisindongozi zitagukunda, rugiravyose nakujimbere ushitse ivyo ndadaye yapfuye yasezeranye!burundi you have no development,no water no electricity no robort in the streets you do not where you go and where you from, may God bless B.R.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.