Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi n’Ububirigi bateye igikumu ku masezerano ajanye n’umugambi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburundi n’Ububirigi bateye igikumu ku masezerano ajanye n’umugambi (...)

Uburundi n’Ububirigi bateye igikumu ku masezerano ajanye n’umugambi PAISS

samedi 15 Munyonyo 2014

Igihugu c’Uburundi kiri kumwe n’ingoma y’Ububirigi bateye igikumu, kuri uno wa kane igenekerezo rya 13 Munyonyo uno mwaka, ku masezarano ajanye n’umugambi wo guteza imbere igisata c’amagara y’abantu mu mugambi PAISS (Programme d’Appui insititutionnel au secteur de la santé).

Uwo mugambi ukaba uzotwara amafaranga agera ku miriyoni 2,2 z‘amafaranga y’abanyamburaya. Ayo masezerano aje yiyongera ku yandi atwara hamwe amafaranga agera ku miriyoni 35 z’amafranga y’abanyaburaya azokoreshwa mu bisata bindi bitanu nk’akarorero igisata co guteza imbere abakozi mu kubaha inyigisho zitandukanye, gukomeza uguhanahana amakuru mu buvuzi, guteza imbere inyubakwa n’ibindi.

Ikigo c’Ababirigi kijejwe iterambere CTB mu Burundi hamwe n’ubushikiranganji bubijejwe buzoca bwitaho ishirwa mu ngiro ry’iyo migambi yose, mu guteza imbere imigambi n’imikenyuro mu bisata bitandukanye.


Floxella karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.