IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi ntiburamenyeshwa ko abaporisi b’Abarundi bari Centrafrique bagiye (...)

Uburundi ntiburamenyeshwa ko abaporisi b’Abarundi bari Centrafrique bagiye kwirukanwa

jeudi 2 Ruheshi 2016, par egide

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu buvuga ko butaramenyeshwa ko abaporisi b’Abarundi bari gufasha kugarukana amahoro muri Centrafrique bagiye kwirukanwa. Ubwo bushikiranganji bwemeza ko ivyo ari ibihuha.

Umushikiranganji Alain-Aimé NYAMITWE avuga ko abeshuza ivyo bivugwa ko abaporisi b’Abarundi bagiye kwirukanwa, agashikiriza ko ababivuga ari abitiranya ingene bigenda.

« Kugira Abarundi baveyo, barabitumenyesha biciye mu nzira zirashe vyaciyemwo kugira bagende. »

Uwo arongoye ubwo bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu amenyesha ko amasezerano y’ukurungika abo baporisi bagiranye n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU atarahinduka, agasigura ko hagize igihinduka Uburundi butegerezwa kubimenyeshwa.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, umushikiranganji Alain-Aimé NYAMITWE yamenyesheje kandi ko imigenderanire iri hagati y’Uburundi n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya igiye gusubira kumera neza, akavuga ko rimwe na rimwe Uburundi bwarengewe akarimbi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.