IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi ntiburiko burava mw’ishirahamwe ry’ Afrika y’Ubuseruko

Uburundi ntiburiko burava mw’ishirahamwe ry’ Afrika y’Ubuseruko

mercredi 27 Munyonyo 2013

Reta y’Uburundi imenyesha ko itariko irava mw’ishirahamwe ry’akarere k’Ubuseruko. Nta mugambi nkuwo uhari n’ubwo hari inama z’uwo muryango ziba Uburundi na Tanzaniya bitatumiwe. Ku bwa Reta y’Uburundi, nta nzu iriko irasha. Reta y’i Bujumbura irashigikiye imigambi y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko.

Mu gihe hasigaye iminsi mike, habe inama nkuru ihuza abakuru b’ibihugu biri mw’ishirahamwe ry’Afrika y’Ubuseruko izobera i Kampala muri Uganda ku munsi wa gatandatu no ku munsi w’Imana, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yatunganije inama ku baserukira ibihugu vyabo hamwe n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu mu Burundi. Intumbero y’iyo nama, ikaba yari iyo gushikiriza intambwe Uburundi bugeze ko mw’iyinjira ry’Uburundi mw’ishirahamwe ry’Afrika y’Ubuseruko, hamwe n’ukuvuga imigambi ijanye n’amabarabara, hadasizwe inyuma amabarabara y’indarayi, kugira Uburundi bworoherwe, bwegere ibahari. Iyindi ntumbero y’iyo nama yari iyo gutanga umuco ku bijanye n’ibimaze iminsi bivugwa ku manama y’umuryago w’ibihugu vy’Afrika y’Ubuseruko Uburundi na Tanzaniya bitatumiwemwo.

Iyo migambi ikaba iriko iraranguka neza nk’uko bimenyeshwa n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Laurent Kavakure. Ku vyerekeye izo nama ziba batatumiwemwo, igihugu c’Uburundi kimenyesha ko naho biri ukwo, Uburundi buracashigikiye cane imigambi y’iryo shirahamwe. Ivyo bikaba bivugwa na Laurent Kavakure. Ariko asaba ko mu bikorwa vyose vyotegurwa, hoshirwa imbere amategeko. Mu ngingo zigenga iryo shirahamwe bita mu rurimi rw’igifaransa ‘’Géometrie variable‘’, inama hagati y’ababiri canke batatu zirarekuwe ariko iyo bibaye kenshi, bikagera aho bafata ingingo kandi vyaraba ivyo bihugu vyose bitera amakenga. Ivyo bikaba biri no mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye.

Ku kibazo cerekeye impunzi z’abarundi zirukanwa mu gihugu ca Tanzaniya, Laurent kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu amenyesha ko ari ibisanzwe ko abantu badafise impapuro birukanwa mbere agatanga akarorero ka Reta y’Uburundi, ihora igira isekeza ryo kwirukana abo bose batagira ivyangombwa. Ariko naho biri ukWo, aranegura uburyo vyakozwemwo. Laurent Kavakure akizera ko mu nama nkuru ihuza abakuru b’igihugu, kazoba ari akaryo ko kuganira kuri ivyo bibazo vyose bisa n’ibitumvikanyweko, kugira hashirwe imbere kwubaka no gukomeza imigenderanire.


KARIRE Floxella

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.