Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa burahakana ibiro 300 vy’amenyo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ubuserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa burahakana ibiro 300 vy’amenyo (...)

Ubuserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa burahakana ibiro 300 vy’amenyo y’inzovu

samedi 15 Munyonyo 2014

Ubuserukizi bw’igihugu c’ Ubushinwa hano mu Burundi burahakana ivyagirizwa uwoba ari umukozi wabwo aheruka gufatanwa ibiro 300 vy’amenyo y ‘inzovu ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Kuala Lumpur muri Malaisie.

Ayo mabasha yabo yarimwo ayo menyo y’inzovu yaciye ku kibuga c’indege ca Bujumbura kuwa 4 Gitugutu uno mwaka , kuri ubwo butumwa bwari butekeye ayo menyo y’inzovu hakaba hari handizeko bivuye mu buserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa bizrungitswe n’uwitwa LEE PAN HUANG.

Yu Xuzhong, asanzwe aserukira igihugu c’Ubushinwa hano mu Burundi asigura ko inyuma y’amatohoza basanze uwo mushinwa avuga ko akorera ubuserukizi bw’ico gihugu hano mu Burundi, atazwi na gato mu bakozi ubwo buserukizi busanzwe bukoresha, eka ndetse no mu bashinwa basanzwe baba hano mu Burundi, avuga ko ata wumuzi. Mu buserukizi bw’ico gihugu babandanya bavyiyamiriza kuko ata mukozi numwe w’ubwo buserukizi yoba yararungitse ikintu icari co cose kuri ayo ma genekerezo ya kane na gatanu Gitugutu bifata inzira ya Malaisia abicishije ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatanu, ubuserukizi bw’Ubushinwa hano mu Burundi bukaba bwiyamirije bwivuye inyuma igikorwa cose coba cifuza gucafuza izina ryabwo ku bikorwa nk’ivyo, bwongera bwiyemeza kwubaha amategeko y’igihugu hamwe na mpuzamakungu, na cane cane mu gukingira ibidukikije.

Reta y’ Uburundi iriko ibandanya amatohoza

Bernard Ntahiraja ,umuyobozi mukuru w’imigenderanire na Afrika ,Asia na Oceania, mu kiganiro yagirishije kijanye n’ayo menyo y’inzovu nyene, amenyesha ko Reta y’ Uburundi yiyemeje kandi kwubahiriza hamwe no gukurikiza amategeko mpuzamakungu ajanye n’urudandazwa mpuzamakungu rw’ibidukikijena cane cane ibikoo muri kino bigeramiwe no guhonwa.

Bernard Ntahiraja abandanya avuga kandi ko Uburundi buriko bukora ibishoboka vyose bufatanije n’igihugu c’ Ubushinwa kugira bagire amatohoza kuri ico kibazo kugira bashobore kumenya abakoze ubwo bubisha.Naho ako kaciyemwo , Reta y’ Uburundi irashima imigenderanire myiza isanzwe ifitaniye n’ico gihugu c’ Ubushinwa nk’uko abandanya abishikiriza.

Tubibutse ko iyo dosiye y’amenyo y’inzovu iza yarashitse mu minwe y’ubutungane bw’Uburundi abantu bane akaba aribo bafunzwe muri kino gihe ku mvo z’amatohoza.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.