Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu busaba abarundi kwitaba amatora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu busaba abarundi kwitaba amatora (...)

Ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu busaba abarundi kwitaba amatora yo ku mitumba

dimanche 23 Myandagaro 2015

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buhamagarira abarundi bose kwitaba amatora y’abajenama b’imitumba nama quartier azoba kuwa mbere igenekerezo rya 24 Myandagaro 2015 mu gihugu cose.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji Therence Ntahiraja,ubwo bushikiranganji bubanza gushimira abarundi bose ingene bitavye amatora yabaye kuva kuyo abajenama b’amakomine n’abashingamateka,ayo umukuru w’igihugu n’abakenguzamateka.

Muri iryo tangazo,ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bushimira kandi abitavye amatora naho hari abashaka ko ataba,agasba kwitaba ayo abajenema b’imitumba n’ama quartier kugira azobe meza gusumvya ayabaye yose.

Ubushikirangani bw’intwaro yo hagati mu gihugu burangiza buhanura abari mu makomite y’umutekano hamwe n’abarundi bose kuguma bafatanye mu nda kandi berekane inkozi z’ibibi n’ahari ikintu cose gihungabanya umutekano,kugira amahoro abandanye gusasagara.


Van Naris Mugisha

Messages

  • komwihutira amato ntimubanze kugarukana umutekano mugihugu abantu twumvabapfa babarabe neza ?

  • ahomuta urekane niyimburabwenge ngoni #girbet#nyambatamahoro ubona usanga wishabantu beshi arimizimu yabo ikuzukira amahoro ndayisasira nkayifuka nkayirirwana mugonivyo usanga ribamwe baza baza kutwibubushaza bwumye ningano birirwa baranwa ivyeri kwashizobica basha rega twedukundakazi

  • Mwebwe abantu mugenda mutabaza mugasaza mutamenye naho nkurunziza ari UMUTUTSI w’ikimecerane igihugu copfuma gihabwa ABATWA kuko ivyakora vyose vyerekana ko ari umumenja raba ivyo yakoreye Manasse ariko yibagiye aho bamukuye? Umve impamvu peter ari umututsi, Ise amuvyara ni BIRORI none yari umuhutu?canke yari umututsi! Birori ameze kuva hanze yahise atera inda umukozi yakorera kukirimba cumwami niho nyuma yaho haba induru kukirimba c’umuwami baca basaba ivyo bintu ko bitomenyekana, baciye bakina imitwe barondera kunguvu uwatwara nyina wa petero bamutegeka ko umwana azovuka atazomwita izina na rimwe, bigezaho yaremeye kuko bamweje kunguvu petero amaze kuvuka nyirakuru yamwise izina rya Nkurunziza nubundi vyonera bizana induru kukirimba c’umwami kubera izina ryambere ryategerezwa kuvugwa na Sekuru babonye atakundi biri bugende Sekuru aca amuha izina rya kabiri ariryo PETERO niho kuntwaro ya buyoya petero yahungana na nyina wiwe baca baja murwanda babayo inyuma yaho yaragautse batangura kumurondera aca ahungira muri TANZANIA ari naho yinjiriye muri CNDD FDD ikiri mwishamba abamwakiriye ni RAJABU na MANASSE ari nabo bamukingiye bagomba bamwice imvugo bakoresheje ngo KUMUKORERAKO ariko vyose yavyibagiye ariko aramara abantu ntacamira, Muzazi abibuka agifata umutegetsi kuberiki yiyegereje BUYOYA? Akiri mwishamba ntanagacimbiri yigeze afata kunguvu ziwe ariko amaze kugera kubutegetsi ngo yagifatishije umuheto naniwo uzokimukurako, abarundi twibagira kare rero nahe abandi batware. Izombonerakure ziriza zitazi nuwapfuye ngo ntagihugu kizosubira gutwagwa n’umututsi none peter numuki? Ndabajije mwebwe mupfa gukurikira mutazi nuwo mukurikira murindire muzibonerako!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.