IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu busaba abanyagihugu kuguma (...)

Ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu busaba abanyagihugu kuguma barikanuye

lundi 17 Myandagaro 2015

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagti mu gihugu busaba abanyagihugu kuguma barikanuye kandi bakomeze amakomite y’umutekano muri iki gihe hibonekeza ubwicanyi mu gihugu na cane cae mu gisagara ca Bujumbura.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umunyabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji Gerard Nyandwi,ubwo bushikiranganji buratera ivyatsi ubwicanyi bumaze iminsi bukora n’abihaye kudurumbanya umutekano bakoresheje ibirwanisho.

Muri iryo tangazo,ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu burashimira abanyagihugu n’abajejwe intwaro,kuko bakorana neza n’abajejwe umutekano mu kudoma urutoki ku bagizi ba nabi.

Ubushikiranganji busaba abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi kugenzura neza ingenzi zose zigendera aho batwara babicishije mu gukoresha neza ibitabo bandikamwo ingezi.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu busaba abanyagihugu kuguma bafatanye mu nda,babandanye ibikorwa mu ntumbero yo kwitegurira amatora y’abakuru b’imitumba n’ama quartier ategekanijwe kw’igenekerezo rya 24 Myandagaro 2015.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu burangiza busaba abafise ivyo basaba canke bashikiriza,kubicisha mu nzira zizwi n’amategeko.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.