Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati buragabisha amashirahamwe amwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati buragabisha amashirahamwe amwe (...)

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati buragabisha amashirahamwe amwe amwe

lundi 17 Munyonyo 2014

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu busaba abarongoye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike gukora ibijanye n’akarangamutima k’amashirahamwe baba barongoye, maze bakirinda guhengama. Mbere aragabisha ko ingingo zishobora gufatwa kuri uwo wese azogaragarako inyifato yo gukora ibitajanye n’akarangamutima k’ishirahamwe arongoye.

Mu mubonano umushikiranganji Edouard Nduwimana yagiranye na bamwe mu baserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, mu gatondo ko kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 17 Munyonyo, yavuze ko yashimye guhamagara bamwe bamwe basanzwe baboneka cane ku rubuga, ndetse aho bamwe bagirizwa ko boba bashigikiye Reta abandi nabo bari ku ruhande rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta.

Umushikiranganji Edouard Nduwimana akaba yasavye abo barongoye amashirahamwe gukora ivyo bagenewe, bisunze akarangamutima k’amashirahamwe barongoye, nk’uko vyazuzwe na Therence Ntahiraja, umwunganizi akongera akaba n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, inyuma y’uwo mubonano wabaye mu mwiherero abanyamakuru bataramuwe. Umushikiranganji Nduwimana akaba agabisha bamwe bamwe mu barongoye ayo mashirahamwe usanga bakora ivyo baba batatumwe n’ayo mashirahamwe, nk’uko Therence Ntahiraja abandanya abishikriza, ndetse ishirahamwe FOCODE rikaba ryagabishijwe.

Vital Nshimirimana arongoye ishirahamwe FORSC yari yitavye iyo nama, avuga ko baganiriye ku vyerekeye ahanini amakenga ahari mu vyerekeye umutekano, ya mirwi ivugwa ko iteye isibe mu guhungabanya umutekano, ikibazo kitabonywe kumwe na bose, aho bamwe basaba amatohoza abandi bakabona ko hari ibihuha.
Ikindi bavuganye n’imvugo zikunda gufatwa n’abari muri Reta bamwe bamwe, aho bavuga ko ibiriko bivugwa ko ari gutwarira hejuru kw’amashirahamwe. Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC akavuga ko bibabaje kubona babishira ku gatwe k’amashirahamwe kandi Reta ifise itegeko ryo gutanga umuco.

JPEG - 2.8 Mo
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Hari kandi amashirahamwe yegezwa hirya ukamenga ashigikiye Reta n’ayandi avuga ko ashigikiye imigambwe itavuga rumwe na Reta, Vital Nshimirimana akavuga ko bibatera umwikomo kuko ata kintu na kimwe kibuza y’uko umunyagihugu aja mu mugambwe canke ashigikira iciyumviro icari cose na cane cane iyo kigwanira agateka k’ uwari wese. Muri iyo nama kandi barabiye hamwe ivyavuye mu nama rukokoma y’amashirahamwe yabaye mu mwaka w’2012, Vital Nshimirimana akavuga ko ivyo basezeranye bitagiye mu ngiro kuko ahanini amashirahamwe atabanye neza cane, kandi bihanije reta y’ Uburundi ko itohirahira ngo ishire mu nteguro iyirwa r’ibwirizwa risanzwe rijanye n’ibwirizwa rijanye n’amashirahamwe.

Tubamenyeshe ko hari hatumiwe nk’uwurongoye ishirahamwe COSOME,FORSC,ONELOP, CIRID, ACOPA BURUNDI, PARCEM, OLUCOME, n’ayandi ,bose hamwe bakaba bari 14 harimwo uwuserukira urwego rw’abashingantahe n’uwusanzwe arongoye umurwi ujejwe gutegura inama rukokoma y’amashirahamwe.


Floxella Karire

Messages

  • Twasaka kwibutsa Vital Nshimirimana Ko ivy’avuze Ko umunyagihugu wese yemerewe kuja nokugushigikira umugambwe ashaka Ko arivyo ariko namburimwishirahamwe runaka ushigikire umugambwe ushama kugatwekawe ariko ntuwishigikire wicaye mukibanza cishirahamwe, kuko mukibanza cishirahamwe kibarikibanza cabarundi bavamumigambwe itandukanye, usangwanaho warabivuzeko arishirahamwe rigiyegushigikira umugambwe runaka wobivuga tukabimenya.

  • @twaje,tu parles mais tu dis rien,urabanzumenye nukwandikikirundi,hama ivyuvuze vyerekanano seulement umutwe mutoya ufita aussi nuwuriwe€murirwa rwruka rwa cndd.

  • Ncutiyanje Jean, banza usubiremwo usome uruvagavange rwivyowanditse hanyuma ucubona kuzakunyigisha kwandika ikirundi. Rekandakwereke udukosha tubiri muvyowanditse, ntamwigisha hokwemerera Ko mugihe cicirwa cikirundi wocadika ukivanga nigifrasa. hanyuma ikindi ntaryungane ryikirundi ryandikwa Ngo’ NUKWANDIKIKIRUNDI, iryobaryandika ngo’ nukwandika ikirundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.