Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushikiranganji bw’ubudandaji burasigura icatumye igitoro gikena - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ubushikiranganji bw’ubudandaji burasigura icatumye igitoro gikena

Ubushikiranganji bw’ubudandaji burasigura icatumye igitoro gikena

vendredi 10 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Ubushikiranganji bw’ubudandaji amahinguriro ,amaposita n’ingenzi busigura ko icatumye igitoro gisubira gukena vyavuye ku turuhuko twa pasika twabaye tureture, ariko ko kizotangura kuboneka guhera kuri uno wa 13 Ndamukiza.

Haraheze iminsi itatu kurondera igitoro bisa no kurondera umuzi w’ibuye, ku ma station atari make yo mu gisagara ca Bujumbura, mbere no mu ntara zo hagati mu gihugu, iryo kena ry’igitoro rikaba ryari ryatandukiyeyo. Mu bushikiranganji bw’ubudandaji amahinguriro n’amaposita bamenyesha ko icatumye ico gitoro kibura vyatumwe n’ uturuhuko twa pasika twabaye tureture, mu bihugu abasanzwe bakirangura bacamwo.

Nk’uko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubwo bushikiranganji mu gatondo, ko kuri uno gatanu, bamenyesha ko iryo bura ry’igitoro ryavuye ahanini n’uko abasanzwe bakirangura bataronka ibikenewe ,iyo basanzwe bakirangurira, kuko hari uturuhuko. Iryo tangazo rikaba ryatewe ko igikumu na Gerard Nduwingoma, icababa c’umushikiranganji w’ubudandaji ,amahinguriro amaposita n’ingenzi , bakizeza rero ko mu mpera y’ino ndwi bazoba batanguye.

Tubibutse ko ikiringo kiri munsi y’indwi zibiri gusa ,hibonekeje ikena ry’igitoro, ubu abasanzwe bakoresha ico gitoro bakaba bakironka bigoranye n’aho bakironse batanga igiturire ku basanzwe bagitanga, abandi nabo baja ku mupaka w’Uburundi na Congo. Ariko rero mw’ibanki nkuru y’igihugu bavuga ko hatari hakwiye kuba ikena ry’igitoro hano mu gihugu, kuko abasanzwe bakirangura banazanye amaritiro atari make, ahubwo ababirangura boba bafise ibindi barondera, mbere igitoro kihari coshika mu kwezi kwa Myandagaro. N’amafaranga y’agaciro bavuga ko ahari, akwiye nk’uko uwusanzwe arongoye ibanki nkuru y’igihugu Yohani Ciza yabimenyesheje mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kane.


Floxella Karire

Messages

  • Ngo uturuhuko twa pasika! Aho mugomvye kuvuga ko uko hazoba amakonji akurikirana hazoca haguma hakena igitoro? Aho muhendande? Mb ko abafise amabido bakironka ntamakonji yababayeko? Beshera hiyo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.