IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwiyemeje kuzamura igisata c’abikorera (...)

Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwiyemeje kuzamura igisata c’abikorera ivyabo

lundi 13 Rusama 2013

Inyuma y’intambara yo mu Burundi mu mwaka w’2004, igihugu caragerageje gusanura ubutunzi bwari bwarasinzikaye, buraduga ku bice 5,2 kw’ijana mu mwaka w’2012, ku bice 4,2 kw’ijana vyari bihari mu mwaka w’2011.

Umuyobozi mu bushikiranganji bw'ubudandaji

Ibikorwa bitandukanye bijanye no kuzamura ubutunzi vyarakozwe, nko kurwiza ubuzi, guteza imbere igisata c’abikorera ivyabo n’ibindi. Leta y’Uburundi nayo ikaba yaratanguje umugambi wo kurwanya ubukene.

Ni muri iyo ntumbero ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi, bifadikanije n’ishirahamwe Trade Mark East Africa batunganije uruganda ruzomara imisi ine, rwatanguye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 13 Rusama 2013.

Veepin, umuhinga wo mw'ishirahamwe Trade Mark East Africa

Muri urwo ruganda, abatumiwe bo mu bisata vy’ubuzi bw’abikorera ivyabo bazohanahana ivyiyumviro ku vyokorwa kugira igisata c’ubudandaji n’amahinguriro vy’abikorera ivyabo gitezwe imbere.

Inyuma y’urwo ruganda, bategekenya gutegura icegeranyo kizova muvyo bazoba bumvikanye, ari naco gituma abo vyega basabwe guterera ivyiyumviro vyubaka.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.