IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushinwa bushigikiye umuhuza yatanzwe na Afrika y’ubuseruko

Ubushinwa bushigikiye umuhuza yatanzwe na Afrika y’ubuseruko

mardi 24 Munyonyo 2015, par egide

Abategetsi babiri aribo umukuru w’umurwi w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika Nkosazana Dlamini Zuma, hamwe na Zhong Jianhua intumwa idasanzwe y’Ubushinwa ku bibazo vya Afrika, babona ko ibiganiro bidakumira kandi bihagarikiwe n’umukuru w’igihugu ca Ouganda Yoweri Museveni vyihutirwa, kugira amasezerano y’amahoro y’i Arusha hamwe n’ubumwe bw’abarundi vyubahirizwe.

Mu gisagara ca Addis Abeba, kuri uwu wa mbere, Nkosazana Dlamini Zuma, umukuru w’umurwi w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yarakiriye Zhong Jianhua intumwa idasanzwe y’Ubushinwa ku bibazo vya Afrika.
Amakuru dukesha umuhora ngurukanabumenyi w’ishirahamwe ry’ubumwe wa Afrika amenyesha ko muri uwo mubonano, abo bategetsi bompi baganiriye ku bibazo biri mu Burundi, bongera barabira hamwe ivyokorwa kugira umuti w’ivyo bibazo uboneke.

JPEG - 24.8 ko
Nkosazana Dlamini Zuma (i bubamfu), ari kumwe na Zhong Jianhua (i buryo)

Zhong Jianhua intumwa idasanzwe y’Ubushinwa ku bibazo vya Afrika yamenyesheje Nkosazana Dlamini Zuma, umukuru w’umurwi w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ko igihugu c’Ubushinwa gishigikiye utwigoro twa Afrika tw’ukurondera ingene ibibazo biri mu Burundi vyokemuka.

Muri uwo mubonano, abo bategetsi bompi bahurije ku kumenyesha ko ibiganiro vyihutirwa kandi bihuza bose arivyo bikenewe hagati y’impande zose, kugira Uburundi buve mu bibazo burimwo, bwongere butsimbataze amasezerano y’amahoro hamwe n’umwumvikano wavuye i Arusha.

Abo bategetsi bamenyesheje kandi ko bashigikiye ubuhuza bw’umukuru w’igihugu ca Ouganda Yoweri Museveni, kw’izina ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko.


IGIHE

Messages

  • HAHAHAHA SINZI IKIJJUJU CIMBONERAKURE CINAMUYE NGO KUKI OBAMA ATARAFATIRA IBIHANO URWANDA NGO KANDI KAGAME YAMA AJABUKA AGASANGA ABICANYI I CONGO WE WUMVA KITIHAYE INYISHU! EVIDEMMENT QUE KAGAME AKURIKIRANA INTERAHAMWE ZAHEKUYE URWANDA! HDWE NDAGUHEBUZE NDAKUBWIRA NTI IMBWA YIGANYE INKA KUNYA MURUGO IRABIZIRA WAKIJUJUWE CINTERAHAMWE TWE ABANA BA KAGAME TURI UBWOKO BWATORANIJWE N’IMANA USANGWA UHAYE UTWIGEREREZA URAGOWE BASI!

  • Nkurumbi n’akagwi kiwe k’abicanyi amashamba agiy kubashuhana, n’ubushinwa buramukuyeko amaboko?abuz kwemera impanuro hakiri kare azohava abwirwa n’uko amaso atukuy

  • Hahahahaha,ngo abashinwa n’abavukanyi ba nkurumbi? baramuhinduts non?nkurumbi yans ibiganiro akiri mwiza,azovyemera bamukwega mw’ibarabara nka kadaffi

  • Hahahahaha,ngo abashinwa n’abavukanyi ba nkurumbi? baramuhinduts non?nkurumbi yans ibiganiro akiri mwiza,azovyemera bamukwega mw’ibarabara nka kadaffi

  • Hahahahaha,ngo abashinwa n’abavukanyi ba nkurumbi? baramuhinduts non?nkurumbi yans ibiganiro akiri mwiza,azovyemera bamukwega mw’ibarabara nka kadaffi

  • Turashimye cane ingingo yafashwe na presedent wa chine ko hoba ibiganiro,abrimukibiri twobasaba kwitaba ivyobiganiro mumaguru masha kugira basabikigongwe abarundi namakungu kukajagari bakoresha mugihugu,naho ivyokurondera ubutegetsi haaaaaa!!!!ninkinyondwi yumira kurushato gwinka gwayivuyeko .nibakure umunwa bemere nyakubahwa NKURUNZIZA aturongore kuko abifitiye ubushobozi kandi yabihawe nabenegihugu,nobahanura kutaguma bongereza ikibi mukindi kuko biyongerereza ibihano

  • KARABAYE NUBUSHINWA TWARI DUSIGARANYE BURATUVUYEKO?NTIVYUKANA PE!MUTAMA NKURUNZIZA NTAKUNDI EMERA UVEKO NGO NTAWUSOMERA INDURU IVUGA

  • museveni, ntacoyofashauburundi kukonawenye, biracamugoye

  • Burya Abashinwa Batanguye Gutahura Ko Bashigikiye Ubwije Nivyiza Ko Batanguye Kubona Kure.Kuko Umuntu Atonezerwa Leta Ya Nkurunziza Iganiriye N Abo Batavugarumwe Yoba Ari Igito Kuko Ntayindi Nzira Umuhuza Nawe Abashimwa Ntibokwanka Uwo Akarere Kashize I Mbere Erega Muburundi Aho Bigeze Ntiboronka Umurundi Nkabo Abahuza Ngo Bagende Bumvikanye Hatabayemwo Igitsure Ncamakungu.

  • Abantu hanobanditse bavugako ubu Shinwa bwavuze ibintu bishasha sinobita ibijuju kuko bibiriya irabibuza cane gose. Ndashaka kubabwirako ubushinwa ivyobuvuze nivyo abategetsi nuburundi birirwa bararirimba ubushinwa rero bwashimye nabwo kuvuga ivyo reta yuburundi yamayavuze muntumbero yogukomeza gushigikira reta yuburundi.

  • Abatanga commentaires bamugerageza kuvug ivyubaka kandi mugira indero! Nk’uwiyise Cedric yavuze ibiterasoni. Naho woba udashigikiye reta canke uyirwanya ntukwiye kuvuga ibitera soni! Ko uvuga ngo mwatoronijwe n’Imana , iyo mana yabatoranije n’iyihe? Yabatoranije kugira mutukane? Yabatoranirije guca imigani y’ibitutsi? Kwicana?
    Imana nya Mana n’Imana yera, igororotse , yuzuye imbabazi, itagira amacakubiri, ntabwo irobanura abantu kucubahiro. Reka kuba muyiyitirira, mugihe muvuga ibidahwanye n’ivyo ishaka!
    Mwihane mureke kuja muyibeshera!

  • Kuva aho bavugiye ibiganiro twararushe no kuvyumva

  • Kuva aho bavugiye ibiganiro twararushe no kuvyumva

  • @ Pontien, ntabwo norinda kukubwirango Imana iguhezagire kuko imvugoyawe irerekanako yamaze kuguhezagira, rekarero nanje ndakubwire nti komeza UHEZAGIRWE.

  • Ijambo ibiganiro rimaze kushisha nibasabe nkurunziza Gutanga imihoho bigishoboka

  • Bene Burundi! mube muvuga ivyubaka igihugu cacu gusa kuko burya ntabwoko bwatoranijwe ngo buhonyange ubundi,mumenyeko twese twaremwe ngo twuzuzanye mukubaka uburundi hamw nogutegura ubuzima bwinyuma yurupfu ikirengey ubwoko nuko atamurinzi w’isi abaho,ukwuri kose.

  • Bamwe bahora birirwa bavuga ngo abashinwa barabashigikiye ngira bavyunvise. Abashinwa bashigikira ahari inyungu, imisi bari bamaze babashigikiye uretse igihombo gusa hari ikintu bungutse ?

  • none tuvuge ko UBushinwa buhindutse kibwa nako peter.nibwo batumye uduza igikenye

  • Mwemwantumva mwe! mubonatwinumiye mukatwita ibgu gu.keramwigamwenyene,ubutwiga twesi,mwibazakomu uzosubira kutugirankambre?twarabahinyuye.nimwemere mutwagwe ,akomwatwayekarabaye!!!!!!NUrwambere twararutsinze,nayivybu nicayi.turinumiye ariko turimaso .twarafashe ikigwanisho namabavu araza twironderera amahoro none namwe nukuzamuratwononera gusa ntakindi .tuzobereka umuti uvura iyongwaramugwaye.ntimugireikibazo umuti uriho.nimwirambire mwebwe mubumbatiye ,amahoronumutekano,nayo ivyovyaduka tubyereke ,umwonga uhuma nuwudahuma.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.