Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubushinwa bwatahukanye ikibanza ca mbere kw’isi mu vyo ubudandaji - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ubushinwa bwatahukanye ikibanza ca mbere kw’isi mu vyo ubudandaji

Ubushinwa bwatahukanye ikibanza ca mbere kw’isi mu vyo ubudandaji

mardi 12 Ruhuhuma 2013

Igihugu c’ubushinwa cakuye reta zunze ubumwe za Amreika mu kibanza c’ambere kw’isi mu vy’ budandaji. Mu mwaka w’2012 igihugu c’Ubushinwa kiza kwisonga ku mafaranga angana imiriyaridi 3. 870 z’amadorari ku bidandazwa vyasohotse nk’uko amakuru dukesha Yahoo abivuga.

Reta zunze ubumwe za Amerika zavuye ku kibanza c’ambere muri ico gisata kuko ivyigwa vyagizwe n’abajejwe kuraba ivyinjira n’ibisohoka mu bushinwa vyerekana ko ibidandazwa vyasohotse bingana n’imiriyaridi 3. 870 z’amadorar mu mwaka w’2011, mu gihe Reta zunze ubumwe za Amerika zaronse imiriyaridi 3. 820 z’amadorari .

Ubushinwa bwaronse inyungu ku bidandazwa ingana n’imiriyaridi 2 .317, Reta zunze ubumwe za Amerika nazo zihomba imiriyaridi 728 z’amadorari. Kuva mu mwaka w’2009 igihugu c’Ubushinwa kikaba cari icambere gisohora ibidandazwa vyishi hanze y’igihugu, ariko ngo kikaba kitaraba icambere kigurira hanze ibidandazwa.

Mu mwaka uheze ngo igihugu c’Ubushinwa caguriye hanze y’igihugu ibidandazwa bifise agaciro k’imiriyaridi 1. 820 z’amadorari, mu gihe Reta zunze ubumwe za Amerika zaguze ibiciye imiriyaridi 2 .280 z’amadorari.

Reta zunze ubumwe za Amerika rero ikaba yafashe ikibanza c’ambere kw’isi mu vy’ubudandaji inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose kuva, ico gihe akaba ata gihugu cari bwabakure muri ico kibanza.

Ubushinwa nabwo ngo bwatanguye kwugurura imiryango muvyo guhanahana ibidandazwa kuva mu mwaka w‘1970. Hagati y’umwaka w’1978 nuw’2012 ubushinwa bukaba bwararonse ibice 10 kw’ijana ku mwaka.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.