Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubusuma bwo mu mazi bwasubiriye kwibonekeza
Ubusuma bwo mu mazi bwasubiriye kwibonekeza
samedi 16 Ntwarante 2013
Imoteri zine ziciye imiliyoni 16 mu mafaranga y’amarundi, ubwato hamwe n’ibindi bikoresho vyo kuroba, nivyo vyibwe n’umurwi w’abantu bitwaje ibigwanisho mu Rumonge mu kiyaga Tanganyika. Aho hari mw’ijoro ryo kuwa kane igenekerezo rya 14 Ntwarante 2013.
Naho abasirikare bo mu mazi bagerageje kubakurikirana, abo basuma barashoboye kubaca mu ryahumye. Abarovyi bo mu kiyaga Tanganyika na cane cane abo ku mwega wo mu Rumonge, barasaba ko abajejwe umutekano mu kiyaga Tanganyika bokwongerezwa, kuko hakunze kubera ubusuma.
Jean Michel Ndayikengurutse