IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubusuma bwo mu mazi bwasubiriye kwibonekeza

Ubusuma bwo mu mazi bwasubiriye kwibonekeza

samedi 16 Ntwarante 2013

Imoteri zine ziciye imiliyoni 16 mu mafaranga y’amarundi, ubwato hamwe n’ibindi bikoresho vyo kuroba, nivyo vyibwe n’umurwi w’abantu bitwaje ibigwanisho mu Rumonge mu kiyaga Tanganyika. Aho hari mw’ijoro ryo kuwa kane igenekerezo rya 14 Ntwarante 2013.

Naho abasirikare bo mu mazi bagerageje kubakurikirana, abo basuma barashoboye kubaca mu ryahumye. Abarovyi bo mu kiyaga Tanganyika na cane cane abo ku mwega wo mu Rumonge, barasaba ko abajejwe umutekano mu kiyaga Tanganyika bokwongerezwa, kuko hakunze kubera ubusuma.


Jean Michel Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.