Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubutunzi bw’igihugu bwarasubiriye inyuma kuvyari vyitezwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ubutunzi bw’igihugu bwarasubiriye inyuma kuvyari vyitezwe

Ubutunzi bw’igihugu bwarasubiriye inyuma kuvyari vyitezwe

jeudi 16 Nzero 2014

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, kuri uwu wa kane wa 16 Nzero 2014, umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Tabu Abdallah yamenyesheje ko muri rusangi, mu bikorwa vyari bitegekanijwe gukorwa mu mwaka w’2013 mu bushikiranganji arongoye, n’aho ubutunzi butisununuye, ibice bigera ku 90 kw’ijana vyararanguwe.

Umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza, akavuga ko mu mwaka w’2013 habaye uturusho tutari duke, nko ku bijanye n’amakori ku mishara y’abakozi ba Reta, aho abari munsi y’agahembo kari munsi y’ibihumbi 150 vy’amarundi bakuweko kuriha amakori hamwe n’ikori ry’ibidandazwa rigera ku bice 4 kw’ijana ryafuswe. Ivyo bikaba vyatumwe n’isubirwamwo ry’ibwirizwa rigenga amakori ku mishara y’abakozi ba Reta, ku matagisi y’inyongera gaciro yahabaye.

JPEG - 23.1 ko
Umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza

N’aho vyagaragaye ko mu mwaka w’2013 habonetse akarusho kagera ku miriyaridi 34 z’amafaranga y’amarundi zinjiye mu kigega ca Reta biciye mu kigo OBR ugereranije n’umwaka w’2012, hamwe n’ayandi mafaranga yagiye aratangwa n’amashirahamwe mpuzamakungu, umushikiranganji Abdallah avuga ko mu mwaka w’2013, Reta y’Uburundi yarahomvye. Mu gutakaza amafaranga agera ku miriyaridi 26 z’amafaranga y’amarundi yari kwinjira mu kigega cayo, bivuye kw’isoko nkuru ya Bujumbura yahiye.

Mu gihe abatari bake bavuga ko ugusha kw’isoko nkuru ya Bujumbura n’ayandi masoko yagiye arasha vyatumye ubuzima buzimba, ubukene burugariza igihugu, n’izindi ngaruka, Tabu Abdallah Manirakiza we avuga ubukene butugarije igihugu cose ariko ari ku munyagihugu umwe n’uwundi bivanye n’ivyo aba yaratakaje.

Ku bivugwa naho ko hari ububiko mw’ibanki bwuguruwe kugira bufashe ababuriye ivyabo mw’isoko, umushikiranganji w’ubutunzi Tabu Abdallah manirakiza yamenyesheje ko ayo mafaranga atatanzwe kw’ubwababuriye ivyabo mw’isoko nk’uko benshi bavyibaza, ariko ko yatanzwe kugira afashe mukwubaka isoko nshasha yo ku kibuga COTEBU. Yamenyesheje kandi ko ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwatanze amafaranga imiriyoni 800 y’amarundi, ibanki nkuru y’igihugu (BRB) itanga imiriyoni 150 hamwe n’ishirahamwe BRARUDI ryatanze imiriyoni 50 z’amafaranga y’amarundi. Amafaranga yose hamwe yatanzwe kubw’iryo soko, akaba agera ku muriyaridi umwe n’imiriyoni 400 z’amafaranga y’amarundi.

Kuvy’uko ayo mafaranga agera ku muriyaridi n’ayandi yoba yaratanzwe kugira hubakwe iyindi soko, ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura bo siko babibona, bakavuga ko bari biteze kwinjira iyo soko nshasha kuva mu kwezi kwa Rusama 2013 gushika n’ubu bakaba bararindiriye amaso ahera mu nzira.

Mwomenya ko mu migambi ubushikiranganji bw’ubutunzi bwiyemeje gukora, mu mwaka w’2014, butegekanije kubandanya kwiga ibijanye n’ikurwiza amakori atozwa mu gihugu hamwe n’ukwiga umugambi wo kurwanya igiturire.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.