IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuyapani bwatanze imfashanyo yo gushigikira igisata c’agateka (...)

Ubuyapani bwatanze imfashanyo yo gushigikira igisata c’agateka kazinamuntu

vendredi 20 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Reta y’Ubuyapani ibandanya ishigikira Uburundi mu bisata bitandukanye, ico gihugu kikaba catanze imfashanyo izofasha mu gushigikira igisata c’agateka ka zinamuntu, na cane cane muri kino gihe Uburundi bwimirije amatora.

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2015, Reta y’Uburundi yakiriye icese imfashanyo y’amafaranga 1.500.000 y’amadorari y’abanyamerika agiye gufasha mu gisata c’agateka ka zina muntu.
Iyo mfashanyo ikaba igiye gukoreshwa mu migambi y’igihugu yo kutsimbataza agateka ka zina muntu, aho bagatanga akarorero k’umugwi w’igihugu wo kumenya ukuri no kunwanisha abarundi (CVR), n’umurwi CNIDH ujejwe agateka ka zina, hamwe n’ayandi mashirahamwe ashigikira agateka kazinamuntu.

Mw’ijambo yashikirije, Hermenegilde Niyonzima, umwunganizi w’imfatakibaza w’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi amakungu akaba yashimye kw’izina rya Reta y’Uburundi iyo mfashanyo yatanzwe na Reta y’Ubuyapani, akamenyesha ko iyo Reta yama yafashe mu mugongo igihugu c’Uburundi nko mu gisata co kwunguruza abantu, Reta y’Ubuyapani yama yatanze imiduga yunguruza abantu ’’OTRACO’’, hamwe n’ibindi bikorwa vy’ukwubaka amabarabara.

Mukamenya ko Reta y’Ubuyapani igiye gufasha mu gusanura ikivuko ca Bujumbura.


Alida S.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.