Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuyobozi bwa AFRICELL busaba ibiganiro Reta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ubuyobozi bwa AFRICELL busaba ibiganiro Reta

Ubuyobozi bwa AFRICELL busaba ibiganiro Reta

mardi 17 Ntwarante 2015, par IGIHE

Mu buyobozi bw’ishirahamwe AFRICELL basaba Reta y’Uburundi ko bokwicarana bakaganira mu ntumbero yo gutorera inyishu ingorane zihari muri kino gihe, nk’uko bishikirizwa na Bernard Busokoza icegera c’uwurongoye urwego nshingwantwaro rw’iryo shirahamwe.

Ivyo akaba abishikirije inyuma yaho urwego ARCT rumenyeshereje ko iryo shirahamwe rigiye kwugarwa guhera ku munsi wa mbere igenekerezo rya 16 Ntwarante 2015. Intandaro ya vyose n’uko uruhusha rwo gukora rw’iryo shirahamwe rwari rwaheze, Reta nayo ikaba isaba iryo shirahamwe imiriyoni 10 z’amadorari kugira risubire kuronka urundi ruhusha rwo gukora.

Umushingamateka Bernard Busokoza, asanzwe ari nawe yatanguje iryo shirahamwe akongera akaba ari nawe cegera c’uwurongoye urwego nshingwantwaro, avuga ko babasavye amananiza na cane cane ko Uburundi bwegereje amatora, ugasanga amabanki agorana gutanga amadeni, ariko rero Bernard Busokoza akavuga ko ata na kimwe kidatorerwa umuti, kubwiwe akavuga ko vyama vyabaye mu masosiyeti ariko inyishu ni nyinshi, zimwe muri zo avuga ko bari bakeneye umwanya bakarondera mu mabanki, canke kwiyunga n’ayandi mashirahamwe canke naho bakinjiza iyindi mitahe, ari naco gituma ata kindi gikenewe atari ibiganiro hagati ya Africel.

Bernard Busokoza arabeshuza ivyari vyashikirijwe na ARCT ko aribo banditse urwandiko ko bagiye guhagarika gukora, akavuga ko ataribo barurungitse, ahubwo ARCT yarahenzwe ica ibikorerako.

Hagati aho, abakozi b’iryo shirahamwe bakaba bari bagandagaje ku biro bikuru vy’iryo shirahamwe, mw’itangazo basohoye bakaba bavuga ko ata kimenyetso na kimwe bigeze babona cerekana ko iryo shirahamwe ryoba rigomba kwugara, bakemeza ko bihweje ibikorwa vyakozwe n’iryo shirahamwe mu myaka 15 rimaze, bihweje abakozi barenga amajana atatu ryari ritunze, bihweje amakori iryo shirahamwe rimaze kuriha agera ku miriyaridi 16, bihweje kandi umuriyoni w’amadorari bashize muri wa mugambi wa "Fibre optique", basaba abo bose begwa n’ikibazo ca Africell, aha bakavuga nk’urwego ARCT, Reta y’Uburundi, ubuyobozi bw’iyo sosiyeti hamwe n’abanyamitahe baryo kwicarana hamwe bakagiranira ibiganiro kugira abakozi barenga amajana ntibaje mw’ibarabara, nk’uko bishikirizwa na Ndabakwaje Thierry yavuze kw’izina ry’abo bakozi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.