IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuzima bwa Ndadaye Melchior incungu ya demokarasi

Ubuzima bwa Ndadaye Melchior incungu ya demokarasi

mardi 21 Gitugutu 2014

Imyaka mirongo ibiri n’umwe iraheze Uburundi bubuze umukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu agandaguwe. Iyo myaka nyene niyo izoba iheze abarundi isinzi bagandaguwe, akandi barangazwa bivuye ku bwicanyi n’intambara vyakurikiye urupfu rwa Ndadaye Melchior, incungu ya demokarasi (intwaro rusangi). Mu gihe mu mugambwe Sahwanya FRODEBU no mu gihugu cose bamwibuka kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 21 Gitugutu 2014, twashimye kugaruka ku buzima bwiwe n’ivyaranze ingwano ya politike yashikanye umugambwe FRODEBU ku ntsinzi yo mu matora yo mu mwaka w’1993.

Melchior Ndadaye yavukiye mu ntara ya Muramvya i Murama, kw’igenekerezo rya 28 Ntwarante 1953. Abavyeyi biwe ni Piyo Ndadaye na Thérèse Bandushubwenge. Melchior Ndadaye ni imfura mu bana cumi. Umupfasoni wiwe ni Laurence Nininahazwe, bavyaranye abana batatu Guéva, Tika na Libertas. Inyuma y’amashure matomato (1960 - 1966), yaciye abandaniriza ayisumbuye i Gitega. Mu ntureka yo mu mwaka w’1972, yaciye aja kubandaniriza amashure mu gihugu c’Urwanda kuri Groupe Scolaire de Butare (Rwanda). Hagati y’imwaka w’1975 n’uw’1980, niho yaronka impamyabushobozi muvy’indero kuri Institut Pédagogique National du Rwanda.

Agarutse mu gihugu mu mwaka w’1983, yarakurikiranye inyigisho muvy’ubutunzi.
Melchior Ndadaye yahavuye atangura ibikorwa vya politike aho ku genekerezo rya 3 Nzero 1976 yatanguza umurwi w’abanyeshure b’abarundi biga mu Rwanda (Mouvement des Étudiants Progressistes Barundi au Rwanda (BAMPERE). Yararongoye uwo murwi gushika mu mwaka w’1979.

Muri Myandagaro umwaka w’1979, yaratanguje umugambwe UBU w’abakozi bo mu Burundi (Parti des Travailleurs du Burundi), ariko ntiyawutevyemwo kuko mu mwaka w’1983 yaciye awuvamwo kuko yabona udafise intumbero nk’iziwe mu kurondera intwaro rusangi mu Burundi.

Mu mwaka w’1986, Melchior Ndadaye ari mubatabguje umugambwe FRODEBU (Front pour la Démocratie du Burundi) wahavuye wemererwa gukorera ku mugaragaro mu mwaka w’1991. Yarawurongoye gushika aho awushikana ku ntsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka yabaye kuva igenekerezo rya mbere gushika kurya 29 Mukakaro 1993.

Muri ayo matora y’umukuru w’igihugu yari yaserukiwemwo na Ndadaye Melchiol, umugambwe Sahwanya FRODEBU wari ushigikiwe n’iyindi migambwe itatu PP, RPB na PL.
Ku genekerezo rya mbere Ruheshi 1993, Melchior Ndadaye niho yatsinda ku ncuro ya mbere mu matora y’umukuru w’igihugu ku majwi 64,79 kw’ijana, arushije Petero Buyoya (ku majwi 32,47 kw’ijana) yari yaserukiye umugambwe UPRONA (Union pour le Progrès National). Mu kibanza ca gatatu hari Petero Karaveri Sendegeya yari yaserukiye umugambwe PRP, ku majwi 1,44 kw’ijana.

Nk’umukuru w’igihugu wa mbere atowe n’abanyagihugu, Melchior Ndadaye yari umuhutu arongoye igihugu cari kimaze imyaka n’imyaka kirongowe n’abatutsi.
Ntivyabujije ko Ndadaye Melchiol agena umututsikazi Sylvie Kinigi nk’umushikiranganji wa mbere wa Reta yiwe. Niwe mukenyezi wa mbere yari ashinzwe amabanga akomeye muri Reta nk’umushikiranganji wa mbere.

Mw’ijoro ryo kuwa 20 rishira uwa 21 Gitugutu umwaka w’1993, niho ubutegetsi bwa Ndadaye Melchior bwatembagazwa, agirako aragandagurwa, co kimwe na Pontien Karibwami, umukuru w’inama nshingamateka, Gilles Bimazubute, icegera c’umukuru w’inama nshingamateka, hamwe na Juvénal Ndayikeza, umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine.

Inyuma y’urwo rupfu rw’umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior n’abandi bategetsi bose b’abahutu, mu Burundi bwose haradutse intambara yahitanye abarundi isinzi, abandi barahunga igihugu.

Ijambo Ndadaye Melchior yashikirije umusi arahira icese atanguye amabanga y’umukuru w’igihugu


Egide Nduwimana

Messages

  • Komera nyakwubahwa president NDADAYE war’umugabo wabagabo,waritavye imana ariko wahasize abandi bagabo bijunja n’ijambo.ntituzigera tukumaramaza natwe gushika gupfa kwacu,tuzohurira mwijuru ,imana nikwakire mubuzima bwiza budahera.niweigire war’umugabo kabisa!!.

  • Jewe ndabona ko Ndadaye merchior yabaye incungu zabarundi bose ariko ikintu kibabaje nuko amakungu abiraba aka numa ntamurundi arigera ati yuko gusasa bikomagu ngo are imber yubucamanza mpuzu makungu aba wise baridegemvya Mugabo nabo bazopfa imana imuhe ibiruhuko bidashira

  • Niwiruhukire warumugabo ashi icompa abasigaye bagatahura ico waharanira ko utahanira kwuzuza umufuko wawe barundi mwese kuki muririmba ko yarumugabo ntimube abagabo nkawe rengera inda zanyu mukore kuneza ya murundi wese niho tuzogira iterambere nkibindi bihugu umuntu icashoboy agikora hatarabwe uwuriwe niyava dutegure agahugu kacu ntitwumveko igihugu ari icakagwi kabantu ahubwo k’ari icabose kandi ivyuyumviro bitandukany bikomeza vyinhi uwumva yumvise

  • Niwiruhukire warumugabo ashi icompa abasigaye bagatahura ico waharanira ko utahanira kwuzuza umufuko wawe barundi mwese kuki muririmba ko yarumugabo ntimube abagabo nkawe rengera inda zanyu mukore kuneza ya murundi wese niho tuzogira iterambere nkibindi bihugu umuntu icashoboy agikora hatarabwe uwuriwe niyava dutegure agahugu kacu ntitwumveko igihugu ari icakagwi kabantu ahubwo k’ari icabose kandi ivyuyumviro bitandukany bikomeza vyinhi uwumva yumvise

  • Niwiruhukire warumugabo ashi icompa abasigaye bagatahura ico waharanira ko utahanira kwuzuza umufuko wawe barundi mwese kuki muririmba ko yarumugabo ntimube abagabo nkawe rengera inda zanyu mukore kuneza ya murundi wese niho tuzogira iterambere nkibindi bihugu umuntu icashoboy agikora hatarabwe uwuriwe niyava dutegure agahugu kacu ntitwumveko igihugu ari icakagwi kabantu ahubwo k’ari icabose kandi ivyuyumviro bitandukany bikomeza vyinhi uwumva yumvise

  • Uyu mugabo ngo yarafise imigambi inyegejwe yo gukubura abatutsi bose bo muri grand lacs afadikanije na mugenzi wiwe Juvénal H. alias kinani. Ariko mu kinyarwanda turavuga ngo URUCIRA MU KASO RUGATWARA NYOKO. nta muntu ashobora kumara ubwoko atashize kwi si. Interahamwe zarabigerageje ariko ntizatumazeho. Please abantu bashaka ko uyu mu terroriste aba incungu ntibazi ico INCUNGU bivuze. Muri 1993 bamwitaga ishurwe none acitse intwari gute kandi tuziko ishurwe ari akantu koroshe katanamara iminsi ibiri gahagaze???? none nimba acitse intwari c’est vraiment le miracle.

  • Ndahojeje ubwambere umuryango wa nyakwigendera,nabanywanyi bose ba FRODEBU namwebwe mwese mukunda UBURUNDI,nonoho nkaba nteyivyatsi abobamenja babatutsi bishumugabo nkuyo yaraje gutwarira neza bose no gutezimbere igihugu cacu nkanegura na Reta iriho kubona itagizishaka ryogufata no kunyonga abo bagizibznabi baduhekuye Intwari bitwa ngo bayobora neza,Ndadaye,wiruhukire neza kko warumugabo ntituzakwibagira,warakoze kko harivyinshi watumariye.Mumfashe tumwunamire.

  • sha nukr avant bush uyumunt. Imana ibarabe!

  • Hiri ikintu gitangaje nko kubona abantu bishe Ndadaye merchior bindegemvye abandi bagahabwa amabanga akomeye yi gihugu none mubona batazokomeza baniga abandi?wumva nyarucari bamwishe hari nikizokoma? Abatutsi ,abahutu nabatwa bahaguye kubera izonkora maraso aho guhamwa ngo nukubashimira babaha batutegetsi bukomeye wagenda kavuga ibijanye na ndadaye nabobari kumwe bagandaguwe ukabona barisekeye kuko bazi ivyo bakoze jewe ndiyemeje kuzo bashegeza muri court international mubihe bitarambiranye

  • Mr Ndadaye merchior sleeping in peace with God
    Every things will be end but you will not be end because you did many things well I will never forget when you said hello petit

  • Mbega burya niveau n’ugutwi byashaka kuvuga iki?

  • Iruhukire muvyeyi wacu.nibuka uvugako Bazokwica Ndadaye nti Bazokwica aba Ndadaye.Ruhuka Mutama warakoze Imana ikwakire mubwami bwayo.

  • Nishura rudahigwa :witamba kuwapfuye ugapfa nkawe.mwarimuzi komuzomaririza abahutubose kiranoneho ntirumarira imana .uwuzoguhenda nuwuzokubwa ngo abatutsi bazoronkamahoro abahutu arukobahnye ,canke abhutu bzoronkamahoro abtutsi bahonye ,biragahera !!!!!!...eshe icmpa mukamenya yuko twese amazuru araba hasi.!!!!@? Ndadaye nawe yarumugabo, Leta yiwe ntiyakumira noneho yarahuye nabbansi biterambere ,nicogituma tuzokwama mubwira ntibuce.kuko tutazi iyotuja Nishura rudahigwa :witamba kuwapfuye ugapfa nkawe.mwarimuzi komuzomaririza abahutubose kiranoneho ntirumarira imana .uwuzoguhenda nuwuzokubwa ngo abatutsi bazoronkamahoro abahutu arukobahnye ,canke abhutu bzoronkamahoro abtutsi bahonye ,biragahera !!!!!!...eshe icmpa mukamenya yuko twese amazuru araba hasi.!!!!@? Ndadaye nawe yarumugabo, Leta yiwe ntiyakumira noneho yarahuye nabbansi biterambere ,nicogituma tuzokwama mubwira ntibuce.kuko tutazi iyotuja Nishura rudahigwa :witamba kuwapfuye ugapfa nkawe.mwarimuzi komuzomaririza abahutubose kiranoneho ntirumarira imana .uwuzoguhenda nuwuzokubwa ngo abatutsi bazoronkamahoro abahutu arukobahnye ,canke abhutu bzoronkamahoro abtutsi bahonye ,biragahera !!!!!!...eshe icmpa mukamenya yuko twese amazuru araba hasi.!!!!@? Ndadaye nawe yarumugabo, Leta yiwe ntiyakumira noneho yarahuye nabbansi biterambere ,nicogituma tuzokwama mubwira ntibuce.kuko tutazi iyotuja Nishura rudahigwa :witamba kuwapfuye ugapfa nkawe.mwarimuzi komuzomaririza abahutubose kiranoneho ntirumarira imana .uwuzoguhenda nuwuzokubwa ngo abatutsi bazoronkamahoro abahutu arukobahnye ,canke abhutu bzoronkamahoro abtutsi bahonye ,biragahera !!!!!!...eshe icmpa mukamenya yuko twese amazuru araba hasi.!!!!@? Ndadaye nawe yarumugabo, Leta yiwe ntiyakumira noneho yarahuye nabbansi biterambere ,nicogituma tuzokwama mubwira ntibuce.kuko tutazi iyotuja ahariho#?

  • Ariko none nkaba banyarwanda bariko baraza kudutobera bashaka iki?Murabona iyo mihimbiri yabanyarwanda babatutsi ingene atandero bagira batuka incungu yangu Ndadaye!!Wewe wiyise Rudahigwa na Rwasa Epimaque,murabe commetaires zose zanditswe murabe ko atari mwebwe gusa abanyarwanda mwanditse amatiku.Mureke kutwinjira muvyacu nkuko natwe tutabinjirira muvyanyu.Mugenye ubwiyo ubwino turabwibonera

  • Kuba leta ya Paul Kagame yibasira abanyamadini ngo batera urusaku si uko Paul Kagame ashaka gusenya amadini, ahubwo ni uko aziko abanyamadini bakoreshwa mu guhungabanya umutekano nk’uko abikora mu gihugu cy’u Burundi, icyo gihugu nacyo ariko kikaba kiticaye ubusa kuko gitangiye guta muri yombi abavugabutumwa bakekwaho kuba intasi z’u Rwanda; birumvikana ko mu gihe umwuka mubi hagati y’ibihugu byombi ukomeje , inzirakarengane zizakomeza kujya zibigenderamo!

    Umuvugabutumwa wo mu gihugu cya Congo wo mu bwoko bw’abanyamurenge witwa Sosthène Serukiza yatawe muri yombi ku cyumweru n’urwego rushinzwe iperereza mu gihugu cy’u Burundi, uyu muvugabutumwa akaba ari umupasteri wo mu idini ryitwa « Guérisons des ames », inzego zishinzwe umutekano i Burundi ziramushinja ko akora ibikorwa bihungabanya umutekano w’igihugu cy’u Burundi, naho abakristu bo mu idini rye bakavuga ko azira inyigisho atanga zirimo ubuhanuzi, ariko k’urubuga rwa internet rw’abanyamurenge muri Congo bakaba bavuga ko uyu mu pasteri yatawe muri yombi na leta y’u Burundi ngo bitewe ni uko akekwaho gukora imirimo y’ubutasi ayikorera leta y’u Rwanda mu gihugu cy’u Burundi.

    Ikigaragara cyo ni uko ku mpamvu iyo ariyo yose yaba yaratumye uyu mu pasteri atabwa muri yombi, bigaragaza urwicyekwe rukomeje kugaragara hagati y’igihugu cy’u Burundi n’igihugu cy’u Rwanda, kuko mu minsi yashize igihugu cy’u Burundi cyatangaje ko hari intasi z’abasilikare b’u Rwanda zacengeye mu gihugu cy’u Burundi zigera ku 4000, inyinshi muri izo ntasi zikaba zarihinduye abavugabutumwa mu madini anyuranye , izindi zikihindura indaya kimwe n’izikora imirimo iciriritse inyurane mu gihugu cy’u Burundi. Izo ntasi ngo zacengeye igihugu cy’u Burundi mu rwego rwo gutegura igitero cya gisilikare Paul Kagame ashaka kugaba ku gihugu cy’u Burundi kubera inyungu za politiki zo mu karere.

    Niba Kagame yiyemeje gushoza intambara ku gihugu cy’u Burundi, abaturage baturiye akarere kose bagiye kugira akaga gakomeye kuko mu mateka y’ibihugu byombi nta gihugu na kimwe hagati y’u Rwanda n’u Burundi kigeze gitsinda ikindi ngo tuvuge ko amateka yaba agiye kwisubiramo, icyagiye kigaragara ni uko intambara hagati y’ibihugu byombi yagiye igarika ingogo, ikarangira nta numwe utsinze! Ushaka kubimenya azabaze amateka y’aho izina Mukirundo (intara ya Kirundo mu Burundi) ryaturutse!

  • Uwo mugabo yari intwari ibushitse. iyo abarundi bose baba bafise ben uyo mutima!

  • ubwicyanyi ntibuzigera buhera kurisi

  • Abishe Ndadaye Baragapf Nabi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.