IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Akahise > Ubuzima bwa Prezida Jean Baptiste Bagaza yahoze arongoye u Burundi

Ubuzima bwa Prezida Jean Baptiste Bagaza yahoze arongoye u Burundi

dimanche 20 Nzero 2013

Jean Baptiste Bagaza yavutse mu mwaka w’1946. Bagaza akaba yafashe ubutegetsi kw’igenekerezo rya 1 Munyonyo 1976 akomboye Michel Micombero yari umukuru w’igihugu wa mbere yafashe ubutegetsi asenyuye ubutegetsi bwa cami mu mwaka wa 1966.

Iyo ntwazangabo mu gisirikare akaba yarigeze kuba icegera c’umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto,imbere y’uko afata ubutegetsi akaba yarize ivyigwa vya kaminuza n’igisirikare muri Ecole Royale Militaire de Bruxelles mu gihugu c’u Bubirigi akaba kandi yari intwaza ngabo mu biro bikuru vy’intwaramiheto m’u Burundi.

Jean Baptiste Bagaza yaciye aguma k’ubutegetsi gushika mu mwaka w’1987,aho nawe yaciye asenyurwa bivuye ku basirikare bato bato n’ibisongerezi mu ntwazangabo zatinya kuja mu karuhuko k’izabukuru hataragera,aho naho akaba yari mu rugendo mu gihugu ca Kanada.

JPEG - 4.3 ko

Mu gihe uno munsi mw’itunganywa ry’igihugu harimwo ibijanye n’ubwoko,ico mwomenya ni uko Jean Baptiste Bagaza ari umututsi kandi ko yashitse k’ubutegetsi mu gihe abahutu ari nabwo bwoko bufise igitigiri kinini mu gihugu bari barigijweyo mu nzego zose z’igihugu ku ntwaro ya Micombero.Ku ntwaro ya Bagaza rero,asa n’uwaciye amera nko uwutabibona yitaho cana cane igisata c’ubutunzi.

Muri kahise k’u Burundi n’abarundi m’ubutandukane bwabo, Bagaza arazwi cane kuko bagaza yakoze ibintu vyinshi n’ubu abantu bakigenderako haba mu bijanye n’inyubako hamwe n’indero.Akigoro kiwe katumye ibitigiri vyo abaja kw’ishuri mu mashuri y’intango biva ku bice 19 bishika ku bice 85 kw’ijana hagati y’umwaka wa 1976 na 1986 nkuko ibiharuro vyo mw’ibanki y ‘isi yose vyo mu mwaka wa 1987 bivyerekana.
Inyubako nyinshi zibonekeza nk’amabarabara, ingomero z’umuyagankuba, amavomo ,ibitaro, amavuriro, amashuri, amatonorero y’ikawa,amashirahamwe yo gutumatumanako n’ibindi vyubatswe ku ntwaro ya Bagaza.

JPEG - 11.1 ko

Hagati y’imyaka ya 1976 na 1987 umwimbu w’ikawa warongerekanye ku ncuro zishika kuri zine bivuye ku gikorwa co gusubiriza ibiti vy’ikawa bishaje cakozwe no kuntwaro ya Bagaza. Jean Baptiste Bagaza akaba yashira imbere cane iciyumviro co kuziganya mu ntumbero yo guteza imbere ubutunzi bw’igihugu,ari naco catumye ashiraho itegeko ko umuntu wese ategerezwa kuziganya.

Igikorwa atashitseko neza,cari igikorwa co kwegeraniriza abantu mu bigwati no kuja mu makoperative kuko ufatiye ku mico y ‘abarundi ico gihe ntibabitahura.Iyo politike y’iterambere muvyo ubutunzi ikaba yari ishigikiwe n’ibanki y’isi yose,ibihugu vy’iburaya,u Bushinwa hamwe n’ibihugu vy’abarabu.

Mu bijanye na politike, naho nyene indyane z’amoko hagati y’abahutu n’abatutsi asa nuko yazihoreye ku ntwaro yiwe,ntaworeka kuvuga ukutumvikana kwabaye hagati yiwe na ekleziya katorika zoba zavuye k’ukwisuka mu ndyane za politike z’abanyedini bamwe b’abanyamahanga.Ku ntwaro yiwe impunzi nyinshi z’abahutu zari zahunze ubwicanyi bwo muri 1972 zaragarutse,ariko atari zose.

JPEG - 4.7 ko

Mu bijanye n’imigenderanire,Bagaza yakoresheje Politike yo gukorana cane n’abafasha muvyo ubutunzi.Bagaza akaba yarafashije cane Yoweri Museveni igihe yariko arwanya Leta ya Kampala m’u Buganda.

Mu mwaka wa 1987,inyuma yaho akuriwe k’ubutegetsi na major Pierre Buyoya,Jean Baptiste Bagaza yaciye ahunga.Yahungutse inyuma y’amatora yatahukanywe na Ndadaye Melchior,yaciye yicwa,vyatumye haba intambara.

Mu ntumbero yo guterera yaciye ashinga umugambwe umugambwe Parena.Uno munsi bagaza akaba ari umukenguzamateka ivyo bahabwa n’ibwirizwa nshingiro ku muntu yabaye umukuru w’igihugu.

Inyuma y’imyaka 20 avuye k ‘ubutegetsi n’imyaka u Burundi bwamaze mu ntambara,intwaro ya Bagaza iracibonekeza umuntu afatiye ku bintu biboneka vyakozwe ku ntwaro yiwe.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.