Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuzima bwasubiye kugendeka kuva aho amabisi agarukiye mu gisagara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ubuzima bwasubiye kugendeka kuva aho amabisi agarukiye mu gisagara (...)

Ubuzima bwasubiye kugendeka kuva aho amabisi agarukiye mu gisagara hagati

mercredi 27 Ruhuhuma 2013

Ubuzima busa n’aho bwasubiye kumera nk’mbere yuko isoko nkuru ya Bujumbura isha. Ubu hirya no hino y’isoko haribonekeza abadanza utuntu dutoduto nkuko vyari bihari haheze hafi amezi abiriri.

Ikibanza cahahoramwo isoko nkuru ya Bujumbura kumwe nahahora igituro c’ama bisi yunguruza abantu baja mu bice vyose vy’igisagara ca Bujumbura vyari vyarugawe kw’itegeko ry’umukuru w’igisagara ca Bujumbura inyuma y’ivyago vy’aho isoko ihiriye.

JPEG - 41 ko

Kuva kuri uyu wa mbere aho ingingo y’uko amabisi atangura gushika aho hahora isoko, ubuzima bwasubiye kumera nka mbere aho usanga abantu banze utuntu dutandukanye udufungurwa, impuzu n’utundi. Abantu bakaba bicara kunkengera y’ibarabara riri hagati yahahora isoko n’umurongo wa plaza na posita.

Naho biri uko bavuga ko bafise ikibazo c’uko abantu batarasubira kumenyera ko bahitana utuntu bavuye kukazi. Ariko barizera ko, uko imisi izohera ariko bazoza baramenyera. Abandi nabo baracafise ubwoba ko abapolisi bashobora kubaka utwabo umwanya uwariwo wose.

JPEG - 39.5 ko

Abarengana bo barashima ko basubiye kuza bararonka aho basumira, mugihe baba bariko bararengana. Ariko rero nabo nyene barasaba ko uruzitiro bagiriye isoko rwatwaranye n’igice c’ibarabara, ngo bogabanya bakigiza uruzitiro ku mpome z’isoko kugira hashobore kwaguka.

N’abasegerereza bahahora bavuga ko ubu bashima ko barose aho bicara n’aho bavuga ko abantu batakibaraba nka kera, ivyo bigatuma ataco bakironka.


Reverien Bazikamwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.