IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubwoba bwa Olucome ku ruhombo rwa Leta mu masoko atangwa

Ubwoba bwa Olucome ku ruhombo rwa Leta mu masoko atangwa

mardi 6 Myandagaro 2013

Ishirahamwe Olucome rivuga ko rirajwe ishinge n’uruhombo leta ishobora kugira inyuma y’amasezerano leta y’Uburundi yagiranye n’amashirahamwe yo mu makungu.

Mu kiganiro Gabriel Rufyiri yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 5 Myandagaro, yamenyesheje ko isoko ryahawe amashirahamwe SG2 hamwe na Giarreda Limited ritaciye mu mategeko. Amenyeshako ayo masoko atamenyeshejwe maze ngo habe amahiganwa. Ivyo bikaba biteye impungenge Olucome kuko Leta ishobora kuhagiria agahombo kanini.

JPEG - 10.7 ko
Gabriel Rufyiri, umukuru wa Olucome

Amasezerano ya mbere, Olucome ivuga, ni ayo imyaka 10 ishirahamwe ridandaza ivyuma vyo gutumatumanako amakuru SG2 ryagiranye n’urwego rwa ARCT rwo mu Burundi (uwego rujejwe ivyerekeye n’ivyitumanako amakuru mu Burundi) . Ayo masezerano akaba yashizweko igikumu kw’igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2013.

Ayandi masezerano akaba ari ayari hagati ya Leta y’Uburundi n’Giarreda Limited, ishirahamwe ryo kwubaka ryo muri Kenya. Ayo masezerano akaba ajanye no kwubaka inzu y’imwuzuriraho (maisons préfabriquées) ibihumbi 10. Ayo mazu akaba afise agaciro c’amahera imiriyaridi 313 y’amafaranga y’amarundi. Ubu ba vuba, Leta y’Uburundi ikaba yiteguye kuba irariha imiriyaridi 31, ni ukuvuga hafi ibice 10 kw’100 vy’agaciro kayo mazu.

Olucome ikaba isaba ibihano ku baseukira Leta mw’itangwa ry’ayo masoko adaciye mu nzira zitegekanijwe n’amategeko. Aho ni mu gihe Leta y’Uburundi yiteguriye kuriha amafaranga agera ku miriyaridi 31 y’amafranga y’amarundi kw’ishirahamwe ry’abakenya Giarreda Limeted ,ibice 10 y’amafranga yose hamwe.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.