IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubwongereza bumenyesha ko butemera ibizova mu matora y’umukuru (...)

Ubwongereza bumenyesha ko butemera ibizova mu matora y’umukuru w’igihugu

mercredi 22 Mukakaro 2015

Igihugu c’Ubwongereza kimenyesha ko kitemera amatora y’umukuru w’igihugu yabaye kuwa kabiri igenekerezo rya 21 Mukakaro 2015.

Umushikiranganji ajejwe umugabane wa Afrika Grant Shapps yavuze ko Reta y’Uburundi yananiwe gushiraho uburyo bwari gutuma haba amatora yizewe, yitabwe na bose kandi abaye mu mahoro.

Grant Shapps yavuze ko abantu barenga 70 bapfuye mu gihe c’imyiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza,abarenga ibihumbi 160 nabo barahunga.

Ubwongereza busaba Reta y’uburundi ukuri ku biba mu Burundi,no kwubahiriza amasezerano ya Arusha.


Van Naris Mugisha

Messages

  • JE NUMVA ARIBO BADUKWEGEYE MUGUFASHA OPPOSITION GUSENYURA UBURUNDI. TWAMUTOYE KANDI SIBO MANA.

  • JE NUMVA ARIBO BADUKWEGEYE MUGUFASHA OPPOSITION GUSENYURA UBURUNDI. TWAMUTOYE.ATAMFASHANYO ZABO DUKORESHEJE. KANDI SIBO MANA.

  • U K ni U K Uburundi n’ Uburundi!!!! Jewe abazungu barantangaza ! Mbega ni bo bajejwe kwemeza ivyavuye mu matora yo mu Burundi? Twebwe duhora twemeza ivyavuye mu matora y’ iwaba ? Natwe hari ivyo batora tutemera nka HOMOSEXUALITE !
    Ni baduhe amahoro !

  • Murambariza UK ko ayo matora yabaye ari ayabo canke ari ay’Uburundi kugira twumve ubwo bubasha bafise bwo kuyanka aho bugarukira. Mbega ayahora aba iwabo abarundi duhora tuyemera canke tukayanka. Mbega bayashijemwo umutahe ungana gute? Nta commentaires twabasavye kuko nabo nyene ntayo bahora badusaba ku matora yabaye iwabo. Le Burundi est petit pays mais indépendant depuis 1962, UK, remember that.

  • twaray tumutoy Amakungu atemera,ayamatora Nindongozi zizovamwo Navugeko ashigikiy Abashats guhirika ubutegetsi Nibamenyeko Abatavugarumwe nareta bitwaza ikiringo c agatatu m ukwankakwiyamamaza Arikobatinyakwinjiramugihugu bafise uruhara mugutembagaza ubutegetsi Bikabapfubana. Nibakorer k umpandezose!!

  • Komera mutama agahugu kacu kuburundi katabonekana no kuri carte siko kazonanirana gutorera inyishu no muri Irak na Lybie mwarabashize kumurongo.

  • abifuza NICKEL y imusongati na petrol ya tanganyika yavumbuwe na AZ petroleum Ltd ku buntu baciye muri ba vital nabandi banyepolitiki badakunda igihugu banume nababafasha bose. ufise ibigwi byinsho bituma uruta aba presidents benshi muri afrika naba EAC bose. watumye: amoko abana neza mu burundi musangira ubutegetsi mu buryo bungana; ababyeyi bavyarira ubuntu; abana bigira gusa atavyagahimbazamusi batswe; abana bavurirwa ubuntu; imisoro ni mito kuburyo kwigurira umuduga no kwiyubakira inzu byoroshye nta mananiza; ntama patente ntaya ma secteur; umutekano uhembwa na budget gusa; ni wewe wizera abanyagihugu ku buryo wigendera ku kinga mukanafatanya kwikorera amatafari mwubaka amashule; niwewe wubatse amashuli meza igihugu cose amavuriro inzu z avakene; kuvugurura amabarabara no kubska amashya; kurima ibiti bifitiye abanyagihugu akamaro vynimbuto nimirimbobapana ivyomirimbo gusa. wemera concurence commercial iwawe masociete ya tel 8 inganda nyinshi. wemerera abantu kwogaragamvya; kukunenga ku maradio ntubafunge canke ubice nabapfuye nabarwanya police nama granade inkoho n amabuye. mbese uri igitangaza IMANA yahaye uburundi niyobmpamvu ivyo bihugu vya ILLUMINATE vyose nabo ba VITALbna PACIFIK naba SINDUHIJE bagupangira bisambuka. kandi bazanuma kuko namatora yabaye. viva PETER; viva UWITEKA IMANA

  • Ubwongereza Na american ibihugu rurangiranwa kwisi yose munzira ya democrasi nomukwubahiriza amategeko bobabonye ko atamatora yabaye,abo bacangero ba nkurumbi bidedembesha ngo nibareke kuraba ivyacu nivyabo ntitubiraba ,niho ubwenge bwabo buke bugera,uburundi ntaho busa busana ni zone canke umutumba wo muri american mugaca mwidedembesha gamwabijuju ngo ntibarabe ivyacu,utwo mufyefyeta tugiye gushira murorera bemuragura ibiziriko vyokwiyahura

  • abifuza NICKEL y imusongati na petrol ya tanganyika yavumbuwe na AZ petroleum Ltd ku buntu baciye muri ba vital nabandi banyepolitiki badakunda igihugu banume nababafasha bose. ufise ibigwi byinsho bituma uruta aba presidents benshi muri afrika naba EAC bose. watumye: amoko abana neza mu burundi musangira ubutegetsi mu buryo bungana; ababyeyi bavyarira ubuntu; abana bigira gusa atavyagahimbazamusi batswe; abana bavurirwa ubuntu; imisoro ni mito kuburyo kwigurira umuduga no kwiyubakira inzu byoroshye nta mananiza; ntama patente ntaya ma secteur; umutekano uhembwa na budget gusa; ni wewe wizera abanyagihugu ku buryo wigendera ku kinga mukanafatanya kwikorera amatafari mwubaka amashule; niwewe wubatse amashuli meza igihugu cose amavuriro inzu z avakene; kuvugurura amabarabara no kubska amashya; kurima ibiti bifitiye abanyagihugu akamaro vynimbuto nimirimbobapana ivyomirimbo gusa. wemera concurence commercial iwawe masociete ya tel 8 inganda nyinshi. wemerera abantu kwogaragamvya; kukunenga ku maradio ntubafunge canke ubice nabapfuye nabarwanya police nama granade inkoho n amabuye. mbese uri igitangaza IMANA yahaye uburundi niyobmpamvu ivyo bihugu vya ILLUMINATE vyose nabo ba VITALbna PACIFIK naba SINDUHIJE bagupangira bisambuka. kandi bazanuma kuko namatora yabaye. viva PETER; viva UWITEKA IMANA

  • birakwiye pe!igihugu si igongo ry’umuntu ni umurima wisangi.muvyumve.

  • YEMWETWARANGIJEGUTORA NTACO AMAKUNGUYOHINDURA KIRECE IMANA YOMWIJURU

  • Ariko umuntu aba ari mu mwongereza agashingwa ibibazo bya Africa gute?

    Africa Imana izagutabare!

  • @Iribuka
    Tsinda ishavu ndabona ko warenzwe,USA nahandi nimba ari heza jayo nukuli uburundi uburekere benebwo,ndakubwije ukuli twebwe turiko tugerageza kuva mu buja naho bitokunda tuzoba twagerageje,ivyo bihugu uturatira vyatwaye nos frères ouest africain baja kubakubita ibimoko,abakobwa babo babishe nabi baba viola,esclavage ibaye aboli ,ils ont tout barricadé ku buryo ata mu noir ashobora kuva mu bukene ubu bose ni ibinywarumogi,un peuple oublié,detruit,rero iyo urata ngo na zone yaho iruta uburundi,moi je préfère chez moi au burundi,ariko nibagiye,ivyo ntavyo wumva abatutsi muri ba ntamba aho bihiye mutabibiriye akuya,mwama muriko mutanyuza mwiruka mu bihugu vy’abandi nta bihugu mugira,rero,uburundi turanse ko mubusubiza mu gikoloni c’abazungu ngo mubashe mutwicare kw’izosi,tuzorya ibibonetse bukebuke ariko turi mu gihugu cacu,kwiyahura ntibirimwo nta muhutu yigeze yicwa n’inzara dufise amaboko,ivyo ni ivyanyu abatutsi mwamenyereye kwirigwa gusutamye murindiriye ahari uwavyirondereye ngo mumusimbireko,

  • PITER NKURUNZIZA YIBAZA KUBWIWE AMATORA YAHEZE?NAREKE GUSESA AMARASO AHUBWO ASENGE AKIZWE NDIBAZA KUDATWARIGIHUGU 3MANDAT NANZARA VYOMUTERA?NAHE ABANDA KUKO NUMWIGISHA AKOSHEJE ARAKOSORWA

  • Ndashigikiye ubwongereza kubwayo matora adasobanutse birababaje kubona abokwubatse aribo bisamburirako.Ikindi ntibipfuza gusegura igihugu.bipfuza gusegura amabondo yabo.Nayo igihugu kigahona.Mbabajwe nabana bigihugu cacu babandanya guhona twarituziko twagwaniye igihugu kikaba mumaho ariko ntayo turiko turabona ayoturiko tubona nukwangazwa.Ariko mwoshaka mwomenyako twese turi bene mugabumwe ariwe Data watwe ivyo vyose tuzobisiga kandi ahotuzoja tuzoba dusa twese iciza mworeka kwangaza noguhonya igihugu cacu c,Uburundi catwibarutse.

  • Mu kirundi baca umugani bati agati gateretwe n’Imana ntigahenurwa n’umuyaga. Izo za Angleterre na za Amerika n’abandi bivugisha aya muhe baramenya ko ataribo Mana y’Uburundi. Baragerageje ukwo bashoboye mu gufasha gushaka gushira mu manga igihugu cacu ariko Imana Sebarundi iravyanka. None amatora y’umukuru w’igihugu yaraye abaye Kandi yagenze neza. Indongozi zatowe ni izizoyobora Uburundi et non Angleterre canke za USA. Abo rero twebwe abarundi bigikunda igihugu catwibarutse dukwiye guhagurukira rimwe tukabiyamiriza nibareke kwivanga mu bitabaraba na bo nyene iyo bagize amatora iwabo ntibatugisha inama. Bakazibe rero igihugu ni rwacu.!!!!!! Kandi twarikukiye.

  • Ahaga RUTWE wibaza ngo aho ugira kwi kinga ngo nigifyiti,aho uwogutera DITONE ntiyogufata?nturusha amanyama n’ubwenge KADAFI na SADAM,woshaka wotaha kurima amavoka i mwumba kuko nivyo wigiye.

  • ahomwavuga ngo amafaranga mwari kuduha mugukoresh amator ngo murayabrotse mwari muziko amator atazob ubu rero murabonye ko uburundi ataragahugu nigihugu cifashe ubumw ibikorw amajambere mwumva !ntaco mwakoz kuburundi kandi ntihagire icomurenzako kuvyomusanz kuburundi!mwambwamwe!igihugu cuburundi kir mwumugabo wijunja nijambo

  • Umve yemwe bantu mwumve. Harabibaza ngo Peter arahejeje gutorwa no gutsinda. Abazungu nabantu ibintu vyooose babitwara bukebuuuke ndetse ukamengo bahevye. Nukuvuga ko bahaye umwanya peter wo kwisubirako. Bashobora no kuzoguma bivugira ivyo hagahera namezi. ARIKO bobo bashaka ntaze avuge ngo ntamwanya yaronse wo gukora ivyo bamubwiye. ubundi iyo ugiye kwivuza mubihugu biteye imbere abo bazungu bakubwira akenshi ngo ngo genda unywe amazi menshi. Uvaho ubanse. Ariko kuba Ari ukugirango umubiri wawe wirwanire ivyo ushoboye. Munyuma udakize, ugarutse baca batangura guhasha indwara yawe. Par contre mubihugu bikenye bagutanguza kumuti wambere ukomeye kandi akaba Ari nawo wanyuma. Rero aho bamutanguje ivyoroshe vyo kuvuga gusa. Hanyuma bazomubwira yumve. Burya ugutegeye kubukene aba akugemye. Nanzi ngo yarivye mumyaka cumi ntiyohemba abakozi amazi atanu. Guhemba gusa atakindi kigiyemwoooo. Hanyuma kumutwe wabazungu hari Imana. Ntashobora gutwara iyo mandat kuko ariko amaraso meeeenshi mubiganza. Mwese murazi ukuntu amaraso amota nabi cane niyo ryoba ima rimwe. Noooone amaraso yibihumbi nibihumbi amwuzuteko Murumva asigaye afise ishusho nyabaki imbere yImana?????

  • MANA UDUTABARE.

  • Fidelite wavuze ngo ngabanye ishavu sha aho konogira ishavu nkiryawe nopfuma mva mwisi ,mugabo ndakunda umuntu ameze nkawe ,mbega urumwigeme niwaba urumwigeme uraza twibanire kuko kuri jewe umuntu numuntu amacakubiri ntakibanza amfise muri jewe abahutu ntaco dupfa, kuko 1993 nibo batunyegeje birara vy’abicanyi vyaduhiga buhongo ataco bituziza ,ndavyibuka naho narimfise 5 ans ,niwaba urumusore uraza nzopfume ndaguga umwe muri bashikanje 2 b’intore nabonyene bogufasha bakakuvura iyo ndwara y’amacakubiri yagusinzikaje kuko nabo banka amacakubiri urunuka kimwe nuko bataraheza amashure ,nayo american uvuga abazi ko ataho isa isana n’uburundi nitwebwe dufiseyo abacu ariyo bari ,wavuze ngo mbona hasumba uburundi ndajayo wabivuze nkuwubizi kandi nawe ndazi ko utahase iryo nishavu ryuko uzopfa udahonyoyeyo, va ibuzimu uje ibuntu ,ntanyungu numutahe uzokura murayo maca kubiri yawe ,ahubwo :wirambire wongera uhinduka

  • Ariko Ndazi ko imana dusenga irunva.

  • mbega abobazungu nabo bavugiki?Erega abarundi barikukiye bararose indépendance

  • Nosaba Pita nti akabona abazungu barakase imfashanyo nawe azoce afuta opposition , byanse naho abakoremwo amasabune. Ubu igihugu ukwiye kugitwara ukuvyumva utabanje kumviriza ayo mashetani atobaho adasheshe amaraso.

  • @ Mutima ,ako kamoto k’amaraso wakumvise he,uri umututsi wamaze abahut nico gituma uzi ingene ahumura,ariko nagire nkubaze,ubona hari ico vyagutwaye mwe na ba so gusesa amaraso?

  • Mbega Aho Mwaborogeye Muhanura Ntimubona Ko Hageze Gukora!! Nimufatire Ibihano Izo Bwa Zabategetsi Nyarucari Mumureke Kuko Abategetsi Nibo Habavye Babasanga Hiyo Nyarucari Agasigara Arota Uwo Atacanye.

  • bandanya musemerera muvuge kugra igihugu kibemwo amahro mensh.nkasab umwumvako agifite ingoga zugusenga ansengere uburundi bwacu.Rwagasore yasize arivuze ko dukeneye amatora yashmye nabose.nne nibi turik tubona bagenzi?

  • Turavye mwebwenyen akung mudufashe nayotwebwe,abarund twarananiwe.kk.uwomugabo ntiyumva?

  • MURARABA IVYIWANYU AHA IWACU MUTUREKE NTITUKIRIMUKWAHAKWANYU MWITONDE MWASEKUDUFASHA ABANDIBARIHO

  • MURARABA IVYIWANYU AHA IWACU MUTUREKE NTITUKIRIMUKWAHAKWANYU MWITONDE MWASEKUDUFASHA ABANDIBARIHO TWARAYE TUMWEMEJE MUSHAVURE MWIMENE NTAKUGUGUMWA GUMANA UDUHERATWANYU

  • @ Mutima, ivyuvuze vyose ntakintu kirimwo nagato, mbega abarundi bagapfuye kuva 66- 95 amarasoyabo yoyo ntiyanuka wibuke koharimwo namaraso ya Rwagasore na Ndadaye, mbabobobo amarasoyabo ntiyanukiye abobazungubawe uvuze? Wogeregeza ukambarira umuntunumwe mubayamenye abobazungubawe bigezebakorako? Nukuberiki wiyumviriyeko uyu Nkurunziza mwirirwa muramwicirako abarundi mukacamuvuga ngwaramaze abarundi ariwe bazokorera ivyo uvuze? Ndakubwire muracafise akazi karekare nimiburumuri ntibirimusi yimyaka 50 binyarutse. Ikindinobabwira mutazi nukoburya ba Nkurunziza ngaha Burundi Nibeshicane washaka woturiya, icovutangaza nomurucogihugu wandikiyemwo ibiwanditse ba Nkurunziza barahari.

  • basi amanyama yabo bazbakomanya turarindiye komere.

  • aba dd na peter mbega bagaya isi yose!haah!emw biram ndore,ngo barikukiye bafisiki?nubukene ubushomeri,inzara---!!!!

  • ahubwo. pit. akwiyekuvakubutegetsi. kuko. poa. abandibarye. muzmurahanahana. ok.

  • Komera mutama abo banyamahanga nubudumbidumbi buke bwabarundi bugomba konona Uburundi ntanakanya tuzobaha.ndetse ka muta ubonye bagiye kukunanira uzuduhamagare tukwereke ingene intwari zuburundi ziharanira agateka kigihugu cabo.ubwo buzungu nabwo bwishinga buvuga ivyo buvuga bumenye kwatari babasokuru ba colonisa ubu ni generation kamba bwabuze ico buba burakora buraza tube turabuha akazi tuzobuhemba ntangorane.ku Burundi nibaveko na Kagome azosubira iwabo mugiturage namaguru ahunga.

  • non ubwongerez bugiy gufata ingingo izih kuburundi?

  • kubera akagaye n’ukwikunda kwa nkurunziza na leta yiwe hamwe amakungu atomuvira hasi ubuho tugiye gupfa nk’abana b’inyoni

  • nibarye imbwa bagomba kuduta mukaga gusa barekura urupeya barasama neza natwe ntiturabana bayubisha.

  • Avec nagomba ndakwishure none ko ba nkurunziza ari benshi kandi igiteye ibibazo aruko habuze uwusubirira nkurunziza amaze nkawe ubwo ntiyovako agaha umwe murabo ba nkurunziza urabe ko amahoro ataboneka ataruko nanje ndabivuze arapfuye budakeye kabiri.

  • emma

    wabwongereza we nawe wasaze? watumye ugorugabo gupinga ivyabarundi bakoze? sha gezaho urunwarunwa wanka wemera amatora yabaye meza cane mwanka mwemera PETERO NKURUNZIZA ategerezwa gutwara, kuko abarundi twaramwizeye. Namwe bandanya mukokeza ntaco!

  • None bagomba dutore umwongereza kugira bayemere?canke naho ubwo buryo bavuga leta yabuze ko batabuzanye?Abapfuye nabo n’abahunze,birababaje ariko n’iwabo barapfa ariko ntawubibahora igikuru nuko uwishwe wese yokurikiranwa kuko avuze 70 ntawuzi bose icabishe.Hari igihe wosanga benshi bishwe n’abobabirigi nyene baciye kubahitiye bagumuka batumye.Ivy’impunzi vyo nabihore ntavyazi!ababizi araza babimubwire, kandi n’ababirigi bose ntibaba mububirigi.ntihabubuze abahunze abobagesera!Nibareke kwivanga mubitabaraba!

  • @ Tubirabe, nimbwoba Nkurunziza aribeshi murikugihe niwegusa ntidushobora kumuciramwo tumubonye ducabugufi kukonkuko twamatubivuga ko ubwambere dufise Imana ubwakabiri tukagira Nkurunziza. Murakoze kubwikibazo mwarimutubajije. Arikondashaka kurangiza ndabahamagarira kumenyako ikintucose gifise umwanyawaco tuvuzereroko ba Nkurunziza aribeshi ntibisigura ko bosebacabafatira ijambo icarimwe ivyovyocabibanabi, none ufise abashoferi beshibeza wobona uwomwarikumwe agutwara wabonugundi mushoferi mwiza ukacubwira uwarigutwaye ngogenda!? Cankewobona ivyokuryavyiza watangurakubifungura ukacubona ibindi vyizankavyo ukacutavyabindi awakurafungura ugasimbira kubindi!? Canke wokwumva abantu bakugayira umugabo wawe canke umugore ukacuvugango abagorenibeshi ndamuhevye!?.

  • ncut zanj kuki abazungu bashaka kuguma badushira mubuja arivyo twasezerey igih twebw abirabur twikukir.bategets mwahezagiw kanur mubon ko ces monstres ntaneza badushakir baraduterany bagaca bashira akaguru kukand inganda igatikira bivuy kukugira ngo bakamish ingoran murimw reba ukunt baduhenda ngo baduhay imfashanyo ariyo kuduta mukaga mukuza kutwiba ubutar umutegets yans baca bogorgeant ex libye nahand es kuk tweho tutagira reta zunze ubumw za afrika reba ico mwokora twikur agasuzuguro birabur.mbe kuki abazungu bashaka kwinjira muvyacu habwirwa benshi bikumva benevyo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.