IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi ntibwashoboye kunyurwisha UE kw’iyubahirizwa ry’agateka ka zina (...)

Uburundi ntibwashoboye kunyurwisha UE kw’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu

mercredi 9 Kigarama 2015

Mu gihe ibiganiro bihuza Reta y’Uburundi n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya vyabaye kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8Kigarama 2015,i Bruxelles mu Bubirigi,ivyo biganiro vyarangiye Uburundi budashoboye kwumvisha neza ico buriko burakora kw’iyubahirizwa ry’agateka ka zinamuntu.

Mw’itangazory’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryasohotse inyuma y’amasaha atandatu hatanguye ibiganiro,ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko Uburundi butashoboye kwumvisha iryo shirahamwe ku bijanye n’ikiriko kirakorwa kw’iyubahirizwa ty’agateka ka zina muntu n’ingingo ngenderwako mu ntwaro rusangi.

Muri iryo tangazo ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha kandi ko intumwa za Reta y’Uburundi,zitashoboye kwerekana ugushaka gutunganya ibiganiro nyezina kandi vyitabwe na bose nk’uko vyasabwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko mu gihe ibintu bitohinduka mu Burundi,ingingo zikomeye zishobora gufatwa harimwo mbere no gufatira ibihano Uburundi,bigatuma ugufashanya hagati y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya n’Uburundi bihagarara.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi,bamenyesha ko bashima uko ibiganiro vyagenze,kuko kabaye akaryo ko gusubira kuganira n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,bavuga kandi ko ata gihano na kimwe cavuzwe ko kizotangwa n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.

Reta y’Uburundi ibicishije mu ntumwa zitavye ibiganiroimenyesha ko yiteguye kubandanya amatohoza mu butungane no kubandanya ibiganiro bihuza abarundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • ababazungu tuzobagenza gutegayemwe? jebarantangaza, neno bagomba ko reta ikoribitangaze?. naYesu yarinzamvakwisi atahejeje ingorane zabantu, none ngo reta nizeheze aaaa uko nukurenzurugere. abazungu nibijuju, urabe ukuntu hariya mubihungu vyabarabu bahononye ngo bariko bahiginkozi zibibi mukuhatera amabobe, kuki nabo batogiranirebiganiro nizonkozi zibibi?? aba baramaze kwerekana aho bahengamiye, nibatureke nakare habana abashaka, Duke twiza turuta vyishi birimwinduru. nibo bakwiye ibihano kuko nibo bariko bononisi.....

  • ababazungu tuzobagenza gutegayemwe? jebarantangaza, neno bagomba ko reta ikoribitangaze?. naYesu yarinzamvakwisi atahejeje ingorane zabantu, none ngo reta nizeheze aaaa uko nukurenzurugere. abazungu nibijuju, urabe ukuntu hariya mubihungu vyabarabu bahononye ngo bariko bahiginkozi zibibi mukuhatera amabobe, kuki nabo batogiranirebiganiro nizonkozi zibibi?? aba baramaze kwerekana aho bahengamiye, nibatureke nakare habana abashaka, Duke twiza turuta vyishi birimwinduru. nibo bakwiye ibihano kuko nibo bariko bononisi.....batama nimwigarukire kizima mwabitavye, ntako mutagira......

  • Emw uwuramvy arabona.bamw ngontibanyuzw!abandingobarashima!dufat iki?

  • Emw uwuramvy arabona.bamw ngontibanyuzw!abandingobarashima!dufat iki?

  • Iteka ryose ni nyakwubahwa president NKURUNZIZA yabarundi,nomuri 2020 bibaye ngombwa tuzomwongera ,abarundi nitwabishaka,no mu Rwanda mbona bamwongeye ,tweho ABARUNDI kuki tutomwongera gayemwe.

  • NONE KO BAVUZE NGO ATAGIHINDUTSE MU BURUNDI IBIHANO BIKOMEYE BISHOBORA GUFATWA ABAZOHARWA NIBANDE?SITWEBWE ABANYAGIHUGU BATOBATO?AHUBWO DUFASHE MUFATE INGINGO NAYO IBIHANO MUZOBA MWISHE NINZIRAKARENGANE NABUDYA MU BURUNDI IBIDUHANZE ATARI BIKE NIMVURA YABAYE NDASE MURAKOZE.

  • Burya ibiri mu NGO biri mu NGO zose burya mw’ishirahamwe rya Burayi ko nzirikana atari mwijuru Ntangorane zihora zibayo Canke ubuhoho ntaziriyo None bahora bazitorera umuti kimwe nakimwe Emw’ Ayo ntari bubone Iyatanze Manu ntizobura gutanga ubutunzi kand’ishatse ko Namwe musab’UBURUNDI Ntimwokwanka Muzodufasha tubanje kwifasha ak’imuhana kaz’invur’ihise kandi amazi Masabano ntamar’invyiro

  • @ umwami aho rero uti no mugwanda bamwongeye hhhhhhiiiii wishinga inyo y uwundi iyawe ikarangara courage

  • @ umwami aho rero uti no mugwanda bamwongeye hhhhhhiiiii wishinga inyo y uwundi iyawe ikarangara courage

  • @ umwami aho rero uti no mugwanda bamwongeye hhhhhhiiiii wishinga inyo y uwundi iyawe ikarangara courage

  • None babagizente abo bazungu? Kora ivyanyu mubareke bakore ivyabo. Nta bihano bigeze bacisha mu kanwa? Nta birafatwa? Urinda kuba utazi gusoma! Ubuswise ntaco buravuga? Akari inyuma karahinda! Rindira bafate ingingo. Abo bicanyi bose; ndetse na kizigenza wabo mutayobewe; ndakurahiye batajugumiye!

  • URUKIZA NTITWARI TURUTEGEREJE KUVA BRUXELLES.TWEBWE NYENE TUZOVYIMARIRA.MBONA NABANDI BABAMAZ MU CIBITOKE.TUZOTUMA DUKORESHA MAGURU NAMABOKO.MPAKA DUKURE ABO BAGESERA BAMAZ ABANTU.ABAVYUNVA SOYONS UNIS.TOUT EST POSSIBLE,LA LIMITE EST LE CIEL.

  • @kamaro
    "naYesu yarinzamvakwisi atahejeje ingorane zabantu"
    None wewe uremera ko Yesu ari umwana w’Imana? Hanyuma ukaba wemera ko Imana ari Rushobora vyose? Niwaba uvyemera niwemere rero ko Yesu iyo yari kuvyishakira ingorane z’abantu yari kuzigira akaravyo! Hanyuma abo bazungu wita ibijuju wari ukwiye kubanza kubikurako imbere y’ukubifatira mu gahanga! Kandi ukareka kubasega ukemera ukibera mu bukene imbere y’uko witeza imbere! Kuko nturi bugeregeze kubaho nkabo igihe utarabahamvya mw’iterambere! Komera mwana w’Imana!

  • Uyomutama President Niyimerererwe Neza Kuko Yarumushingantahe Akwiye Abobabirigi Nibakore Ivyabo Bameye Badukoroniza.Natwe Umuntu Atera Akajagari Muburundi Turasavye Dushimitse Mene Umutwe Nokwi Radio Ntimubivuge Abonabakenye Nkimbwa.Ukonyene

  • reka turindire ico Imana yonyene Izokwikorera

  • ndaramukije abobatama baserukiye umukuru wigihugu cuburundi nareta yiwe arongoye.

    jw ntavyinshi. nfise nvuga ariko ndasjimiye reta yuburundi kukigoro Yagize ikitaba ivyobiganiro vyubumwe bwaburaya.kandi ntihenze mukaba m us him a mwivuye inyuma uko ibiganiro vyagenze.

    kuba bavugako batanyuzwe ivyo ni ibisanzwe kukomwe mwarabagaragarije uko mubibona.

    kandi nashimiye. abobazungu batwara ubwo bum we bwibihugu vyaburaya koboraba vuba bagatangura kudufasha nkuko vyahora bongere barabe nicokogwa kugirango ubwicanyi buhagarare muburundi vuba
    bwango. ataho begamiye

  • ndaramukije abobatama baserukiye umukuru wigihugu cuburundi nareta yiwe arongoye.

    jw ntavyinshi. nfise nvuga ariko ndasjimiye reta yuburundi kukigoro Yagize ikitaba ivyobiganiro vyubumwe bwaburaya.kandi ntihenze mukaba m us him a mwivuye inyuma uko ibiganiro vyagenze.

    kuba bavugako batanyuzwe ivyo ni ibisanzwe kukomwe mwarabagaragarije uko mubibona.

    kandi nashimiye. abobazungu batwara ubwo bum we bwibihugu vyaburaya koboraba vuba bagatangura kudufasha nkuko vyahora bongere barabe nicokogwa kugirango ubwicanyi buhagarare muburundi vuba
    bwango. ataho begamiye

  • Kuva isi ikiremwa ni ubwa1 numvaho umu présida avugako ari umukizwa!Kumbe burya umuntu akizwa kudahanurwa n,isi nzima,kubona abantu bagandagurwa ataco bazira akiyunamira kndi yitwa sebarundi!Emwe,nzoba mbona,dukunde duhoneshwe nabodukingiye pe!Ubwo bwoko bwo gkizwa,Imana ibundinde!

  • Jewe Nagirango N’ibindi.None Ibihano Navyo Ntitubirimwo Ntibabidushizemwo.Tubimazemwo Umwaka Wose!Nimwigaruke Mwa Ntwari!Amafranga Yabo Nibagumye

  • Nibumvikane baduhe amahoro tubandanye twitezimbere!

  • mwumva bari kwumvisha gute union europeenne mu vyerekeye agateka ka zina muntu kandi bama bariko baratuma police kwica abantu bagaca basimbira kw’iradiyo ngo bishe les terroristes

  • Wawundi ngo :<<Uburundi burikwije ntamfashanyo bukeneye.>> None ko abazungu babahamagaye ko mwitavye? Mbere mwari mwabuze n’itike ibashikanayo muruhira kubasaba. Ndagutwenze wewe uvuze ngo abazungu ni ibijuju kandi namwe mu Burundi ata nigikwashu canke urushinge mukora uretse ko vyose aribo babibaha.

  • None Baribuka Ko Bagiyeyo Baseze Agatike?Reka Turindire Ubumwe Bwa Burayi Ico Buzovuga.

  • Gura CNDD FDD,Yibuke Ko Uburundi Atarubwayo Yonyene!Na Buyoya Yaraganiye Naboyanka!None Ntihumvirizwa Abashwanye,None Ivyobiganiro Vy’inkinamico Reta Iriko Itunganya Vyoguhuma Abantu Amaso,nibiganiro Bivahe?Bijahe?Gusa Nibaduhe Amahoro!Ubulayi Nabwo Nuko Bwamye Kuva Bitangura Bavuga Muga Gushira Mungiro Nikizira!Niba Ubulayi Atacobwofasha Canke Bwokora Muribi Bintu Vyu Burundi,nibabirekere Imana!

  • Babaneguye ko ataco bashoboye kwireguza kiboneka ariko bo ngo banezerejwe nivyavuyemwo abarundi bacu nabo baratwengeje

  • Leta ya CNDD-FDD irashitse kw’iherezo ryayo kuko yabanje kuvuga ko atamfashanyo bakeneye none ubu ngo barayikeneye, ngo abazungu nibarabe ico bofasha. None kwakwikukira kuri he? Aba DD nibamaramare!

  • IBIGANIRO hagati y’abarundi nivyo vyonyene bishobora kudushikana kumahoro arama.nibareke gucengana, baganire vyukuri bahereye kuntwaro y’umwami NDIZEYE Charles.kudaha nivyo vyishe uburundi kuva kera.

  • ABATEGETSI BABARUNDI NTIMUZI KUVUGA UKURI ICEMEZA KOHITAVYE IMANA ABABATEYE GUSA NI GIKI? ABARETA NTIBIJWA URUSORO !TWARAMENYUBWENGE HARI KELA 

  • ABATEGETSI BABARUNDI NTIMUZI KUVUGA UKURI ICEMEZA KOHITAVYE IMANA ABABATEYE GUSA NI GIKI? ABARETA NTIBIJWA URUSORO !TWARAMENYUBWENGE HARI KELA 

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.