IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UE yemeye gutanga imiriyoni 5 z’amanyaburaya yo gufasha impunzi

UE yemeye gutanga imiriyoni 5 z’amanyaburaya yo gufasha impunzi

vendredi 18 Kigarama 2015

Ishirahamwe rya Buraya ryatanze amafaranga imiriyoni 5 z’amafaranga y’abanyaburaya azofasha mu bikorwa vyo gutabara igitigiri c’abarundi bari mu bibazo kiguma ciyongera kubera ingorane za politike ziri mu Burundi.

Nkuko biri mw’itangazo ry’ishirahamwe rya Buraya,ayo mafaranga aje kwiyongera ku zindi miriyoni 14 z’amafaranga y’abanyaburaya yari yatanzwe mu mwaka w’2015,azofasha mu bintu vyihutirwa impunzi zahunze Uburundi na cane cane mu gihugu ca Tanzaniya.

Christos Stylianides komiseri mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ajejwe gutabara imbabare no gukinga ibiza yamenyesheje ko ayo mafaranga yatanzwe azofasha kandi gukingira abarundi bari mu gihugu kuko nabo bamerewe nabi.

Yavuze ko igitigiri c’abarundi bahunga kiguma ciyongera kuko abababa ibihumbi 250 bamaze guta ingo zabo,kandi kikaba ari ikibazo gihanze Uburundi n’ibihugu bibanyi vy’Uburundi.

Mu bikorwa vyihutirwa harimwo gufasha impunzi mu bijanye n’uburaro,amazi,utuzu twa surwumwe,amagara y’abantu na cane cane ibijanye n’indwara z’ibiza nka Korera.

Igihugu ca Tanzaniya kimaze kwakira abarundi bababa ibihumbi 117,benshi bari mu makambi ya Nyarugusu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Turashimye cyane gose, ko mwiyumviriye kuyarungikira impunzi zabarundi ziri muri tanzania, kuko barya , nabacu, vyarikutubabaza . Iyo muyarungika mu rwanda, twaca tubona ko muriko mutanga inguvu murwanda kugira bashishikare kuza kudurumbanya umutekano iburundi.nayo izongabo za UA , ntazo dushaka iwacu, mbe kumutazirungika murwanda, no muri somalia? Twe turikwije ku mutekano. Igisirikare cacu, kirakomeye peee! Ahuntu diheba tugaterera namwebwe abaja gufasha muri somalia? Ahuvo nibaje hiyo . Iburundi siho hari ingorane nyinshi cane kurusha , za. Ukraine, somalia, siliya, iraq, etc!!!!!. Mbe ko muharura abapfa iburundi, igihe bica 2oo nabandi muri france, kuburundi butabaharurire.? Vyakozwe nabagizi banabi nkuko babikora nahandi!

  • Nyimba abantu bakunda abakene nomuburundi hariho abakene jewe barampa imashini irima barabe nimashini ihingura ibigori niyihingura umuceri bazebarabe abantu bazohatorera akoyokwe nayo ayomadorari ntazoshikira abo agenewe hariho nabitwa impunzi bafise amakonte yamahera menshi bivye igihugu 138ha twarabuze uburyo bwokuhakora bantahonikora benshi bohatorera akoyokwe ndetse nareta ikaronka amatagisi ingorane yambere dufise nubukene ninzara ugomba kuraba ivyodukora aderese yacu turi iburundi dukorera kayanza nangozi site wb/ www.cpsburundi.org

  • Iyaba abantu babona kure bakabona igwirirana ryabantu amakungu nabategetsi bokwitwararitse iterambere ryabanyagihugu nacane cane igisata cuburimyi nubworozi narirya mirongo icend kwijana arabarimyi

  • naje nagowe kugera ????,aha ,kubera sajwe ndumukene

  • FILIPO NAREKE IZONTEKO ,ZIZE KUKO BOTUMARA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.