IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ugushira mu ngiro umugambi wa Reta wo kurwanya ubukene biraraba impande (...)

Ugushira mu ngiro umugambi wa Reta wo kurwanya ubukene biraraba impande zose

vendredi 11 Nzero 2013

Urunani rw’abakenyezi rwishinze guharanira amahoro rwaratunganije inama yo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 11 Nzero 2013 gushika kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 12 Nzero 2013 mu ntumbero yo guhamagarira ibisata bitandukanye mw’ikurikiranwa ry’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo kurwanya ubukene.

Mw’ijambo ryiwe ry’ikaze umukuru w’umurwi ujejwe gukurikirana infashanyo (CNCA ) Pamphile Muderega yamenyesheje ko kuva hashirwa igikumu ku masezerano y’amahoro y’i Arusha yakurikiwe n’amatora yo mu mwaka wa 2005, u Burundi bwariyemeje gukora ibishoboka vyose kugira amahoro ashinge imizi.

Muri ivyo bikorwa rero harimwo ibwirizwa nshingiro,umugambi vision 2025,umugambi wo kurwanya ubukene igice ca mbere n’ica kabiri,umugambi w’igihugu w’intwaro ibereye no kurwanya igiturire.

Kubwa Muderega rero,ngo u Burundi bwakoze ivyo mu ntumbero yo gushiraho umurwi wo gukurikirana abafasha kugira babikurikirane,bongere baganire n’abafasha ku bijanye n’iterambere no gutsimbataza amahoro.

Kuri vyo rero ngo hiyongerako umurwi CNCA nawe ukaba ujejwe gukurikirana ingene infashanyo zitangwa zikora hamwe n’ubunyamabanga ntayegayezwa bwo gukurikirana ubutunzi n’imibano SP/Refes, igikorwa cabwo kikaba ari ico gufasha reta mu gutunganya neza politike y’iterambere ry’ubutunzi n’imibano.

Mw’ijambo ry’ikaze icegera c’uwurongoye urunani rw’abakenyezi bishinze guharanira amahoro Pascasie Barampama yamenyesheje ko bateguye iyo nama mu ntumbero yo guhamagarira abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike gukurikirana uburyo buzokoreshwa mw’ishirwa mu ngiro umugambi wo kurwanya ubukene CSLPII.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.