Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukutihanganiranira muri politike gushobora kuzosubiza igihugu inyuma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ukutihanganiranira muri politike gushobora kuzosubiza igihugu inyuma (...)

Ukutihanganiranira muri politike gushobora kuzosubiza igihugu inyuma nk’ibirenge

samedi 19 Gitugutu 2013

Inyuma yaho ukutihanganiranira bigiye biribonekeza gose mu migambwe yemewe n’amategeko mu Burundi, abatari bake barabitera ivyatsi ndetse bakaba banasaba abarongoye imigambwe gushira ku murongo urwaruka rwabo, bareke gushuhurira abo barongoye kuryana n’abo batavuga rumwe, mu gihe abo babashuhura atanarimwe barahura ngo barwane, nk’uko imisore n’inkumi ihurikiye mu migambwe itavuga rumwe idasiba gushamirana.

Abarongoye imigambwe rero bakaba bavyegekanako, mu gihe atawigera yemera ko ariwe arungika urwaruka arongoye kuja kunyinyurana n’abandi. Kuva mu kwezi kwa Nyakanga gushika muri uku kwa Gitugutu turimwo, ukutihanganiranira kwarakomeye. Uburorero bwa hafi, akaba ari nko ku wa 16 Nyakanga aho Imurikirakuri z’umugambwe MSD zihoye Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD inyuma yaho, urwo rwaruka ruhurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi rutaburiye ibendera ry’umugambwe MSD, bukeye n’aho, abo muri MSD bakagira ukwo nyene. Eka si aho gusa, muri komine Cibitoke, ingoro y’umugambwe MSD yasutsweko umuyoro w’amazirantoke, mu gihe ingoro z’umugambwe CNDD-FDD zo mu gisagara ca Bujumbura nazo zasizwe amararo, ayandi bayasesa mu rwinjiriro rw’izo ngoro, bamaze gusibanganya ibiranga uyo mugambwe, co kimwe n’ugucapa imisaraba kw’ibendera ry’umugambwe CNDD-FDD.

Ibendera rya CNDD-FDD ryaturiwe muri komine Ngagara

Mu makomine yo hagati mu gihugu naho, twovuga nk’ivyabaye muri komine ya Busoni mu ntara ya Kirundo, aho imbonerakure zagirijwe gukubita urwaruka rwo muri Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye, muri komine ya Gihanga naho Imurikirakuri zo muri MSD zihurira n’Imbonerakure za CNDD-FDD mw’ikarashishi, baca bashira mu migere, maze batanu barakomereka, 2 bo b’Imurikirakuri na 3 b’Imbonerakure.

JPEG - 2.7 Mo
Laurent Nicimbitse

Ku barongoye imigambwe batungwa gatoke, nka bose bavyamirira kure. Mu mugambwe uri ku butegetsi bariyamiriza bivuye inyuma ivyo bagirizwa ko urwaruka rwabo arirwo rusotora abandi. Ku bw’uwahoze ari umukenguzamateka Laurent Nicimbitse asanzwe ajejwe kwigisha karangamutima kuyo mugambwe, avuga ko hari abiyita imbonerakure, baja guhungabanya abandi, ndetse bagaca bavyagirizwa. Ariko ivyo yavuze bikaba vyamirirwa kure n’abandi banyepolitike co kimwe n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike, kuko bo bavuga ko hariho uburorero bwinshi bafise aho imbonerakure zihohotera abanyagihugu, hamwe hamwe ugasanga zishigikiwe n’abamwe mu bajejwe intwaro n’igipolisi. Muri Sahwanya Frodebu ho, Leonce Ngendakumana yatubariye ko uko kutihanganiranira, gushobora gutuma amatora yo mu 2015 agenda nabi.

JPEG - 74.6 ko
Evrard Dukundane arongoye Imurikirakuri ku Musaga

Eka no mu mugambwe MSD kenshi ariwo utangwako uburorero bwinshi mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ikunda gushamirana na CNDD-FDD, umwe mu ndongozi z’urwaruka asaba cane cane ko urwaruka rwokwijukira ibikorwa, rukareka kwama ruriko ruranyinyurana. Evrard Dukundane akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko Imurikirakuri bari barahohotewe bikwiriye n’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD kuva mu mwaka w’2010 gushika n’ubu, ari naco gituma bageze aho bumva bitokunda ko barera amaboko.

JPEG - 97.6 ko
Sylvestre Ntibantunganya yahoze arongoye Uburundi

Inararibonye mu vyapolitike y’Uburundi co kimwe n’abavyeyi, basaba ko abarongoye imigambwe bokwitwararika indero y’abo barongoye. Ku bwa Ntibantunganya Sylvestre yahoze arongoye Uburundi, akaba ari umukenguzamateka, avuga ko urwaruka rw’Uburundi rwokubitiza amaso inyuma, rukaraba abagiye barica abantu mu ntambara zakurikiye urupfu rw’uwari umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior. Abagiye barakora ayo mahano, ubu benshi bavundiye mu mpimba, abandi bararwaye mu mutwe, ubu ni abasazi, mu gihe abandi baciriwe imikenke. Umwe mu bavyeyi we akaba asaba umukuru w’igihugu ko yohagarika ako kajagari, ndetse agatanga n’itegeko ko umunyamugambwe yosubira kwagirwa n’uguhungabanya abandi, umugambwe yoba avamwo wofatirwa ibihano, co kimwe n’uwagirwa akajagari.

JPEG - 84.1 ko
umuvyeyi

Mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike, asaba ko abarongoye imigambwe ko botanga imigambi y’iterambere, imigambi ijanye n’imyuga, aho kwigisha kunyinyurana n’abandi. Mw’ishirahamwe ry’ingo n’imiryango ADF bo basaba ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama kuva mu gacerere bagatera akamo kugira ukunyinyurana kw’urwaruka ruhurikiye mu migambwe guhagarare. Vincent Nshimirimana icegera ca ADF asaba nyabuna urwaruka kwitwararika ibikorwa kugira rugwize umwimbu, rutuze inzara mu gihugu, narwo nyene rutere imbere, aho gukora ibibasubiza inyuma nk’ibirenge.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.