Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukutumvikana ku kwitoza kw’umukuru w’igihugu Nkurunziza mu matora yo mu mwaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ukutumvikana ku kwitoza kw’umukuru w’igihugu Nkurunziza mu matora yo mu mwaka (...)

Ukutumvikana ku kwitoza kw’umukuru w’igihugu Nkurunziza mu matora yo mu mwaka w’2015

lundi 9 Nyakanga 2013

Ubutegetsi bwa CNDD FDD burabandanya gutunganya iminsi mikuru yo kwigina itsinzi y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, y’imyaka itatu ku butegetsi, mu kiringo ca kabiri. Haraheze indwi zibiri gusa, umuryango w’umukuru w’igihugu wari wateguye amasengesho nayo nyene yo gushimira Imana, ubu naho, ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 7 Nyakanga 2013, wari umugambwe CNDD FDD Petero Nkurunziza asanzwe akomokamwo wari wateguye umunsi mukuru ku rwego rw’igihugu cose, wigina iyo ntsinzi. Muri uwo munsi mukuru, hagiye haragaruka amajambo yemeza ko Petero Nkurunziza azosubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, ivyo abatari bake bavuga ko bitubahirije ibwirizwa shingiro.

Inyuma y’imyaka ibiri gusa kugira amatora yo mu mwaka w’2015 atangure, abategetsi bo mu mugambwe CNDD FDD (Conseil National pour la Défense de la Démocratie - Forces de Défense de la Démocratie) bafata amajambo kenshi bemeza ko Petero Nkurunziza, ari ku butegetsi haraheze imyaka umunani, arico kiringo ciwe ca mbere. Mu kuvuga ivyo, bamenyesha ko ugutorwa kwa Nkurunziza mu mwaka w’2005 batabiharura kuko yatowe n’inama nshingamateka, ko baharura itorwa ryo mu mwaka w’2010 kuko ariho yatowe n’abanyagihugu. Ni navyo vyasiguwe n’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, Pascal Nyabenda, imbere y’abanyagihugu ibihumbi, i Bubanza : « Umukuru w’igihugu dufise ubu amaze gutorwa rimwe gusa. Muravyumve neza ; umukuru w’igihugu amaze gutorwa rimwe gusa n’abanyagihugu mu mwaka w’2010. "

JPEG - 99.2 ko
Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD - FDD

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi ntibumva kumwe iyo mvugo y’abarongoye umugambwe CNDD FDD

Léonce Ngendakumana, umukuru wa ADC - IKIBIRI, urunani ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, amenyesha ko Petero Nkurunziza ata burenganzira afise bwo kuzosubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu : "umukuru w’igihugu arazi ko yahejeje ikiringo ciwe ca mbere, ubu ariko atwara mu kiringo ca kabiri. Ntituzokwemera ko yitoza mu kiringo ca gatatu kuko ibwirizwa shingiro ritabimurekurira. Arashobora gukoresha inguvu ariko ingaruka zizobazwa umugambwe wiwe CNDD FDD"

JPEG - 7.3 ko
Léonce Ngendakumana, umukuru wa ADC - IKIBIRI

Ukwo kutumvikana rero kuvyo ibwirizwa shingiro rivuga ku kwitoza kwa Petero Nkurunziza kwazanye ukutavuga rumwe kuri ico kibazo, aho mu mugambwe CNDD FDD bamenyesha ko ategerezwa kwitoza kuko amaze gutwara ikiringo kimwe gusa, abatavuga rumwe n’ubutegetsi nabo bagasigura ko batarota bavyemera kuko amategeko atabimurekurira.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.