Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukwiyunga kw’imigambwe kurashigikiwe n’abafasha Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ukwiyunga kw’imigambwe kurashigikiwe n’abafasha Uburundi

Ukwiyunga kw’imigambwe kurashigikiwe n’abafasha Uburundi

mardi 15 Mukakaro 2014

Mu gihe imigambwe itavuga rumwe na Reta yagiriza Reta ya CNDD FDD kuba iri inyuma mw’icacurwa ryayo, umuvugizi wa Reta Firipo Nzobonariba we avuga ko iyo migambwe yavukanye ubumuga.

Firipo Nzobonariba akavuga ko imigambwe yitwaza ko iburabuzwa kugira ntije ku kibuga nk’iyindi, atari vyo, ahubwo yo nyene usanga ifise ingorane muri yo, bigatuma kwitunganya biyigora. Ivyo akaba yabivuze mu gihe imigambwe imwe imwe nka UPRONA, FNL,UPD, yagiriza umugambwe uri ku butegetsi kuyisambura, igacikamwo ubunywenywe, ndetse ikaba n’intambamyi mu kwiyunga kwayo.

Izo ntambamyi, abatari bake bakabona ko bishobora gutuma amatora ataronswa imfashanyo, ndetse akagenda nabi. Muri CNI baremeza ko abazofasha Uburundi mu gihe c’amatora, bipfuza rwose ko imigambwe yiyunga, igashika muri ico kiringo ishobora guhiganwa yose, atawaberewe intambamyi n’umwe. Eke mbere no mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike bakipfuza ko imigambwe yose yacitsemwo amashami yokwiyunga imbere y’uko amatora aba.

Mukamenya ko kuri uyu wa 13 Mukakaro igihe Abadasigana ba UPRONA bagomba kugira inama yatuma hashirwaho inzego zirongora uyo mugambwe, bamwe mu baserukira ibihugu vyabo bamenyesheje ko bagiye gukurikiranira hagufi poritike y’Uburundi. Ivyo bakaba babivuze mu gihe bari bahawe ubutumire na komite nkuru y’umugambwe UPRONA, ariko bagasanga ikete ry’umushikiranganji Edouard Nduwimana ribuza ko iyo komite ikorana.


Aristide Nizigire

Messages

  • ABA DD NIMURABE REFLEXION ZA RUKINDIKIZA ZA VUBA SUR LES CITES NIZO ZIGENDERA BASHAKA INTAMBARA KUKO INTSINZI ATARI CASH..DIVISIONS NICO BASHOBOYE GUSA NABO BARABIZI..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.