Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umucanywa wadutse mw’isoko nkuru ya Bujumbura watumye Umukuru w’igihugu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Umucanywa wadutse mw’isoko nkuru ya Bujumbura watumye Umukuru w’igihugu (...)

Umucanywa wadutse mw’isoko nkuru ya Bujumbura watumye Umukuru w’igihugu ahagarika urugendo

dimanche 27 Nzero 2013

Umukuru w’igihugu cu Burundi Pierre Nkurunziza yahagaritse urugendo yarimwo i Addis Abeba ahariko habera inama igira 20 idasazwe ry’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Africa biturutse kumucanwa wadutse ukanaturira isoko ryose rya Bujumbura.

Abaserukiye igihugu c’uburundi bari bakoraniye munzu iberamwo amanama y’ ishirahamwe ryabanyafrica i Addis Abeba igihe bumvako isoko nkuru ya Bujumbura ririko riratokimbera numucanwa kuva mugatondo .

Intadaro y’ uwo muriro ntiramenyekana ,amakuru amenyeshwa numwe mubajejwe gutanga amakuru mubiro vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko habayeho ikibazo c’insinga zimuyankuba .

Police na barongozi bigisagara ca Bujumbura baracariko barakurikirana icaba cateye uwo mucanwa mw’isoko nkuru ya Bujumbura.

Twobamenyesha ko imari yari muri iryo soko ingana namamiriyaridi meshi yamafaranga y’amarundi.


Alice Anny Akingabiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.