Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuco ntuhari mu bikorwa vyo gucukura n’ukudandaza ubutare mu (...)
Umuco ntuhari mu bikorwa vyo gucukura n’ukudandaza ubutare mu Burundi
mercredi 26 Ruhuhuma 2014
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike arafise uruhara mu mugambi (ITIE : Initiative et Transparence dans l’Industrie Extractive au Burundi), mu gukurikiranira ivyo gucukura no kudandaza ubutare mu Burundi ku mugaragaro, vyubahirije amategeko, nk’uko bishikirizwa n’icegera c’umukuru wa OLUCOME Prudence Bararunyeretse.
Mw’ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire n’abanyonyeza amatungo ya Reta OLUCOME (Observatoire de la Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) batunganije uruganda rwo guhimiriza no kwigisha abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ku vyerekeye umugambi wo mu karere ku vyerekeye umuco mw’icukurwa n’idandazwa ry’ubutare.
Nk’uko tubimenyeshwa n’icegera c’uwurongoye ishirahamwe OLUCOME, Prudence Bararunyeretse, icatumye batunganya urwo ruganda ni kugira bakangurire abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike nabo bakurikirane uko ivy’ubutare bigenda mu Burundi yaba ku bucukura, ku badandaza, hamwe n’ico amafaranga avamwo akoreshwa mu kuduza ubutunzi bw’igihugu.
- Prudence Bararunyeretse, icegera c’umukuru wa OLUCOME
Mu Burundi ubutare buracukurwa bukongera bukadandazwa n’abantu bari ku rushi mbere b’abategetsi bo hejuru, ni naco gituma hatunganijwe urwo ruganda rwo kurabira hamwe kugira barabe icokorwa kugira bikorwe mu muco, kuko mu gihe uwo mugambi w’ugukorera ku mugaragaro woja mu ngiro, umunyagihugu muto yohungukira kuko amafaranga ava muri ico gisata ntiyosubira kuza araja mu mifuko y’abantu bamwe bamwe, ahubwo yogirira akamaro abanyagihugu n’Uburundi nk’uko tubandanya tubimenyeshwa na Prudence Bararunyeretse, icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME.
Urwo ruganda rwatanguye kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 26 Ruhuhuma ruzomara iminsi ibiri, gushika ku munsi w’ejo ku wa kane, rukaba rwari rwitabwe n’amashirahamwe atari make adaharanira ivyicaro vya poritike.
Floxella Karire
Messages
27 Ruhuhuma 2014, 10:48, par sivyubu
ntamuco woboneka kuko budanda abategetsi ntagitangaje kirimwo.uzosanga presid, abashikiranganji,abajenerare.aribo barimurayo manyanga.