IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugabo,umugore wiwe n’umwana wabo baraye bishwe n’abantu batazwi

Umugabo,umugore wiwe n’umwana wabo baraye bishwe n’abantu batazwi

samedi 26 Nzero 2013

Mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu italike 25 Nzero 2013, abantu bataramenyekana barishe umuryango w’abantu 3 umugabo,umugore n’umwana atarashikana imyaka 3 muri komine kanyosha mu gisagara ca Bujumbura. Kuri uyu wa gatandatu yari amarira n’agahinda gusa. Uwurongoye iyokomine avuga ko amatohoza yatanguye.

Amarira,agahinda n’umubabaro nivyo vyarangwa ku muhana uri muri karitiye Gisyo komine kanyosha mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa gatandatu italike 26 Nzero 2013. Abantu batatu umugabo, umugore n’umwana atarashikana imyaka 3 baraye bishwe ata n’umwe avuyemwo.

Ababanyi bavugako abantu bitwaje inkoho binjiranye mw’idirisha ry’inzu baca batangura kurasa uwo muryango aho wari uryamye mu cumba. Bahejeje gukora iryo bara baciye biruka ntawababonye. Abajejwe umutekano ngo bagiye kuhashika ibara ryamaze kurwa.
Nyina w’uwo mugabo amarira yari yose,avuga ati :’’Jewe ndagowe,aba bana banje nibo bari bantunze, bampa ibintu vyose vyaba ivyo gufungura ivyo kwambara canke kunzanira utuzi two guteka. N’ukuri na jewe nzoca mpfa kuko ndi umupfakazi.’’ Yongera ko ati :’’Reta nitabaranye idufashe icungere umutekano wacu ntihagire abantu basubira gkwicwa ataco bazira. Nsavye ko abanyiciye abanje boronderwa bagafatwa hanyuma bagahanwa ata kigongwe.’’

Ababanyi b’uwo muryango bemeza ko bari babanye neza, ata matati y’amatongo canke imvo za politike. Basaba ko abajejwe umutekano bokongerezwa muri iyo karitiye isanzwe ibamwo abanyagihugu batobato.

Musitanteri wa komine kanyosha Abraham Aoudou Bampoye arahoza umuryango wabuze, akabasaba kwihangana. Amenyesha ko amatohoza yatanguye kugira abakoze iryo bara bafatwe. Asaba abanyagihugu kwirarira hamwe n’ugutabarana iyo hagize ikintu gihungabanya umutekano.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.