Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi uzofasha kunagura urudandazwa rwo hanze y’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Umugambi uzofasha kunagura urudandazwa rwo hanze y’igihugu

Umugambi uzofasha kunagura urudandazwa rwo hanze y’igihugu

mardi 10 Nyakanga 2013

Kuva kuri uno munsi gushika ku munsi w’ejo kuwa gatatu, hatunganijwe uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku mugambi “ Projet Cadre Intégré Renforcé” umugambi ujejwe gufasha ibihugu bikiri inyuma mu majambere, kugira bishobore gutera imbere mu bijanye n’ugushora hanze ibidandazwa.

Muri uwo mugambi, ihangiro ni ukuraba ingene Uburundi bwokwitunganiriza neza igisata c’ubudandaji, cane cane ibidandazwa bishorwa hanze y’igihugu. Léonard Ntibagirirwa, umuhuzabikorwa w’uwo mugambi yamenyesheje ko ibihugu bishora vyinshi hanze arivyo biheza bigatera imbere kuko n’amafaranga y’agaciro yinjira mu gihugu aheza akongerekana.

JPEG - 34.9 ko
Léonard Ntibagirirwa, umuhuzabikorwa w’umugambi “ Projet Cadre Intégré Renforcé”

Léonard Ntibagirirwa amenyesha ko bitumvikana ingene Uburundi bwokwama bushora ibidandazwa vya bindi nyene gusa, kandi hari n’ibindi birimwa mu Burundi.
Uwo mugambi rero uzofasha kuronsa abahinga bategura imigambi myiza, gutyo n’abafasha Uburundi bayifatireko.

Urwo ruganda rwatanguye uno munsi ruzofasha kwitegurira neza inama y’abafasha Uburundi izoba mu kwezi kwa Gitugutu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.